Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe itatu yiyunze ihindukamwo "PASIDE" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe itatu yiyunze ihindukamwo "PASIDE"

Imigambwe itatu yiyunze ihindukamwo "PASIDE"

lundi 16 Ruheshi 2014

Mu nama yabahuje kuri uwu w’Imana, imigambwe itatu ariyo ABASA, PACONA na PPDRR yafashwe ingingo yo kwiyunga mu ntumbero yo kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015. Ukwo ari itatu, iyo migambwe yagiye hamwe ishinga umugambwe umwe ariwo "PASIDE"

Imigambwe itatu ariyo ABASA, PACONA na PPDRR, yemewe n’amategeko mu Burundi, yaratunganije ikoraniro ryo kwitunganya mu ntumbero yo kwitegurira amatora. Abakuru b’iyo migambwe uko ari batatu babanje kurabira hamwe amategeko yagenga imigambwe yabo, kugira bayashire ku rugero rumwe (analyse et harmonisation). Urunani rw’iyo migambwe itatu rwavuyemwo umwe ariwo PASIDE. Uburongozi bw’uwo mugambwe bwahawe Aloys Baricako, akaba ariwe agiye kwitura ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kugira awusabire kwemererwa gukorera imbere y’amategeko.

Mu bikorwa nyamukuru uwo mugambwe PASIDE ugiye gushimikirako, Aloys Baricako umukuru wawo, amenyesha ko ari ugukingira ibidukikije.


Egide Nduwimana

Messages

  • TURABAKEJE NIMUTERE IMBERE NKUMUZINGA, NTIMUMERE NKAZAMBURA MABOKO BASHAKA KUJA MURI LETA NFATAKIBAZA, BAMBITSE IBARA LETA NGO HARIKO HATEGURWA IHONYA BWOKO.

  • NUKURI TURIFUZA KUBASHIGIKIRA ARIKO NUKO MUTATWERETSE NEZA IVYO MUZOKWISUNGA MUGUTUNGANYA IGIHUGU KIMWE GUSA TWOBASABA NUKO MWOTURONSA LE PROJET DE SOCIETE NUKURI NONGEYE KUBAMENYESHA KO TUBASHIGIKIYE .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.