Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe itavuga rumwe na Reta isaba kwumvirizwa mu ngingo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe itavuga rumwe na Reta isaba kwumvirizwa mu ngingo (...)

Imigambwe itavuga rumwe na Reta isaba kwumvirizwa mu ngingo zifatwa

samedi 2 Munyonyo 2013

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko yatangajwe n’ukwumva Reta iriko yihutira guhindura ibwirizwa shingiro abandi banyamigambwe batagishijwe inama.

Bamvuginyumvira Ferederiko abona ko ari umukenyuro w’umugambwe CNDD-FDD, wo kurondera guha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ikindi kiringo co gutwara, kandi amasezerano ya Arusha atomora neza ibiringo ntarengwa vy’umukuru w’igihugu.

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Ferederiko Bamvuginyumvira abandanya yibutsa ko ibwirizwa shingiro ry’igihugu atari ikintu umugambwe uri ku butegetsi ushobora guhindura uko wishakiye, abandi riraba bose batagishijwe inama.

JPEG - 86.5 ko
Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Mu runani rw’imigmbwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, nabo nyene bamenyesha ko Reta ata burenganzira yokwiha bwo guhindura ibwirizwa shingiro abandi badahanujwe. Mu runani ADC IKIBIRI basaba ko hokwitonderwa ikibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamwe bavuga ko vyaheze, abandi bakavuga ko agifise uburenganzira bwo gusubira kwitoza mu matora yo mu mwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Messages

  • Umukuru w’Igihugu c’Uburundi,kurya afise intebe nyinshi munama nshingamateka niko abona ko afise n’ububasha bwinshi bwogukora icarico cose yiyunviye harimwo n’uguhindura amategeko.Ariko jewe nomuhanura ikintu kimwe;Niyibuke ko igihugu c’uburundi atari agatongo yatoranye kwase ahubwo ari igihugu gifise beneco arinabo bakimuragije ngo agicunge ntabwo bamugabiye ngo aconone.

  • Mr. Ntabwiza, umuti nyawo kuri ayo matati n’impari biri hagati y’abo banyepolike na CNDD-FDD, ni twebwe abarundi tubwirizwa kuwutora mu kugira ico tuvuze. Mu ciyumviro cawe, numva ushatse kuvuga wewe, jewe n’abandi barundi kuko vyose bitugaruka ko. Mu gihe wemeye ko igihugu/u Burundi twaburagije Nkurunziza, ni twe dufise ijambo ntabanduka ku vyerekeye iyo Bwirizwanshingiro.

  • Huyu mugabwe wa .gathon rwasa bagomba kuwumviriza. bakawuha numwanya muri politiki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.