Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe niyo ikemura ubwayo ibibazo ifise - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe niyo ikemura ubwayo ibibazo ifise

Imigambwe niyo ikemura ubwayo ibibazo ifise

jeudi 7 Munyonyo 2013

Imigambwe irangwamwo ukutumvikana yahamagariwe kuja hamwe igatorera umuti ibibazo vyayo kuko umukuru w’igihugu arengeye kwinjira mw’itunganwa ry’iyo migambwe mu bibazo vyayo.

Haraheze iminsi itatu gusa Rwasa Agathon yandikiye umukuru w’igihugu amusaba ko umugambwe FNL wosubizwa indongozi zavuye mw’ikoraniro kaminuza ryabaye ku genekerezo rya 28 na 29 Munyonyo 2009 ryashizeho Rwasa Agathon nk’umukuru w’uwo mugambwe, kuko atemera ikoraniro kaminuza ryabaye mu mwaka w’2010, n’iriheruka kuba rigashiraho Bigirimana Yakobo nk’umukuru w’uwo mugambwe.

Yishura kuri iryo kete ryarungikiwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko ukutumvikana, n’ukudahuriza kubona ibintu co kimwe bitari mu mugambwe FNL gusa, kuko biboneka no mu yindi migambwe nka UPRONA na FRODEBU, ariko ko imigambwe ariyo ikwiye gukoranya abanywanyi bayo bagaheza ibibazo vyayo.

JPEG - 42.5 ko
Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Kubwa Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, umwanya wose umugambwe utaba wiyunze, biragorana ingene abanywanyi bawo bowubaka, icibagiwe co ni ingene bokwubaka igihugu n’umugambwe wabananiye. Urwego rw’umukuru w’igihugu ruhanura imigambwe kwumvikana kugira ishobore kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

Rwasa Agathon n’ubu avuga ko akiramutswa umugambwe FNL yaheruka kurungikira umukuru w’igihugu urwandiko rwateweko umukono n’abantu 67 297. Muri urwo rwandiko, basaba umukuru w’igihugu ko umugambwe FNL wosubizwa indongozi zavuye mw’ikoraniro kaminuza ryashizeho Rwasa Agathon nk’umukuru w’uwo mugambwe, kuko ayandi makoraniro kaminuza yabaye inyuma batemera ivyavuyemwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ntamurundi atazi ko Reta y’uburundi ariyo icagagura imigambwe ,ariko ivyo bizoyihumira.Gucamwo amaa y uburundi yahisemwo bwo guca amashami imigambwe nibwo buryo Reta yahisemwo gukoresha kugira ice intege abo bahiganwa ,none ivyo bizomara igihe kingana iki ko imisi y’igisuma ari 40??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.