Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe ntihuza ku vyaranze umwaka w’ 2012 muri politike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe ntihuza ku vyaranze umwaka w’ 2012 muri politike

Imigambwe ntihuza ku vyaranze umwaka w’ 2012 muri politike

jeudi 3 Nzero 2013

Umugambwe CNNDD-FDD ubona ko icuka ca politike n’agateka ka zina muntu cabaye ciza. Ariko imigambwe itavuga rumwe na Reta ibona ko umwaka w’2012 waranzwe n’ukuburabuzwa hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD-FDD uturukamwo umukuru w’igihugu amenyesha ko muri politike umwaka w’2012 waranzwe n’icuka ciza hagati y’imigambwe ubwayo hamwe rero no hagati yayo n’ubutegetsi. Atanga akarorero k’amategeko yatowe n’inama nshingamateka yerekeye imigmbwe yose hamwe n’iryerekeye imigambwe itavuga rumwe na Reta.

Naho biri uko, Pascal Nyabenda aributsa ko hahatswe kuba ugushamirana hagati y’igipolisi n’imigambwe itavuga rumwe na Reta ariko ngo vyari bivuye ko iyo migambwe idashaka kwemera gukurikiza amategeko mu kugira amanama.

N’igisata c’agatateka ka zina muntu ngo carateye imbere muri uyu mwaka w’2012. Pascal Nyabenda amenyesha ko vyavuye ku kwitanga hamwe n’akazi karanguwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu,CNIDH. Ariko ngo uwo mugwi uracafise ingora z’uburyo kuko udaserukiwe mu ntara zose.

Pascal Nyabenda aremera ko umwaka w’2012 waranzwe n’ivyegeranyo bitandukanye harimwo n’ivya ONU bivuga ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane. Nta kinini abivuga ko ariko amenyesha ko ivyo vyegeranyo bitemewe na bose. Avuga ko abantu bakwiye kwiga kureka abo vyega bagakora amatohoza akwiye kuvyerekeye ubwicanyi ndengerabutungane.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta yoyo siko ibibona. Leonce Ngendakumana arongoye urunani ADC-Ikibiri rw’iyo migambwe amenyesha ko batoroherejwe na gato mubikorwa vyabo. Atanga akarorero k’amanama menshi arenga 10 ngo yaburabujwe n’ubutegetsi, ngo nta biganiro bizima vyigeze bibaho hagati ya Reta n’iyo migambwe, ngo ntamwumvikano wabayeho mu kugena abagize umugwi w’amatora yo mu mwaka w’2015, ngo haratowe amategeko acinyiza iyo migambwe, abanyepolitike bahunze ngo ntibaronse amahirwe yo guhunguka n’ibindi.

Ku vyerekeye agateka ka zina muntu, Leonce Ngendakumana avuga ko abanywanyi babo bafunzwe kenshi bazira ubusa abandi nabo ngo bagirijwe ivyaha bitabaho, ubwigenge bwo kumenyeshamakuru bwarahonyanzwe n’ubutegetsi, ngo harabantu benshi bishwe bazira ivyiyumviro canke imigambwe y’abo n’ibindi.

N’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike amenyesha ko umwaka w’2012 waranzwe n’ukutumvikana hamwe no guterana amajambo hagati y’imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’uwuri ku butegetsi. Pacifique Nininahazwe avuga kandi ko icuka ca politike kitabaye ciza ngo haratowe n’amategeko agabanya ubwigenge n’uburenganzira bw’abanyagihugu.

Nk’uwutaho yegemiye asaba ko umwaka w’2013 woba uw’impinduka, imigambwe ikumvikana,inama nshingamateka igatora amategeko yubahiriza abanyagihugu, hanyuma abanyepolitike bakitaho ineza y’umunyagihugu aho kwitaho inyungu z’abo.

kw’ifoto:Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD-FDD arikumwe na Leonce
Ngendakumana aronoye urunani ADC-Ikibiri


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.