Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwi 18 isaba ihagarikwa ryo kwandika abazotora mu 2015 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwi 18 isaba ihagarikwa ryo kwandika abazotora mu 2015

Imigambwi 18 isaba ihagarikwa ryo kwandika abazotora mu 2015

jeudi 11 Kigarama 2014

Imigambwe cumi n’umunani yandikiye umugwi ujejwe gutunganya amatora (CENI) isaba guharagirika iyandikwa ry’abazotora muri 2015, kuko harimwo utunenge twinshi.

Ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu 11 Kigarama 2014, abanywanyi b’imigambwe cumi n’umunani (18) ikorera mu Burundi, harimwo n’abanyepolitike bigenga, nka Rwasa Agathon, umushingamateka Karori Nditije, bari bahanye isango ryo kuja ku biro vya CENI batwaye urwandiko bari bandikiye umukuru w’uwo murwi, aho bamusaba guhagarika iyandikwa ry’abazoja mu matora mu 2015.

Naho bitaboroheye gushika aho hakorera uwo murwi kuko abajejwe umutekano bari babazibiye, umuvugizi wa CENI, Prosper Ntahogwamiye amaze kuhashika, baciye bamushikiriza urwo rwandiko.

Nk’uko bivugwa n’umushingamateka Karori Nditije, amakosa yarakozwe mw’iyandikwa ry’abazoja mu matora, aho hibonekeza abaza kwiyandikisha bafise indangamuntu zitagira ibidodo, canke abana bahawe indangamuntu batarakwiza imyaka yo gutora, ndetse n’abafise indangamuntu nyinshi akenshi bafatwa bamaze kwiyandikisha mu bibanza vyinshi.

Umugwi ujejwe gutunganya amatora (CENI) ukamenyesha ko ugiye kwiga neza ibiri muri urwo rwandiko, bakazoca batanga inyishu mu nyuma.


Alida Sabiteka

Messages

  • Mbega ni ibiki mwebwe ko mutoturekera igihugu cacu kigatekana aah!! Muzi kuvuga gusa

  • Bareke paul abo niko bamye sinzi ico bazereka abenegihugu... Amajambo yoyo ntaco yobamarira atari kubatesha umwanya gusa

  • Ewe burundi, none abo bose bazoba abaprésida canke abategetsi bakomeye gusa mwakino gihugu, baryanye bakiriko, emwe bazorinda bapfa batemeyeko amatora atibwe, none se ko banana ngwamatora asubirwemwo ariko bagahamagarira abanywanyi babo kwiyandikisha, iyo bababwira bakabivamwo kobabona bariko bibwa, ariko hari ikintu bibagira yuko hari abarorerezi baraha babikurikirana kumusi kumusi. ivyo kwigira samandari rero muburundi umuntu yomenyako basamandari babaye benshi, ariko ndashima ndashimako umuntu arikanura ntihagire uwibwa mumatora nogukurikirana ingene iyandikwa rigenda bakabishiramwo ubukerebutsi kurabako atagatosekara, ariko nabene turabonako hari uruyeri bagira kugira rwo gusuka abantu bagaca babatega umutego wabamenyesha makuru, ndabazwa nanyagihugu nyarucari bemera kuba ikiraro ca bapolitike, nibazeko iki ari igihe canyuma co guhendwa kunyungu z’umuntu. Ikinyegezwa turakibona rwasa ategerezwa gukora ukwo ahoboye kugira agumane uminité kandi birumvikana ariko ico uwariwe wese yomenya nuko ategerezwa kwitegurira gutsinda canke gutsindwa.

  • Maze ugasanga ngwigihugu kirakenye namwe nimwirabire izopfizizabagabo hakuja kubikorwa vyogirira akamaro igihugu murabe ukuntubatonzumurongo baherekeza agapapuro!?

  • Simbona umwanya muta reka ??abanyagihugu dutane mumitwe naba DD hanyuma uwutsize atware iyo cni turabe amatora ingene isubira kuyiba??hamagara ejo mugatodo murabe ko DD amasahA abiri izoba igiye nico kipolici cabo bisubirire mwishamba kuko niho bakumbuye (uburundi bugona buri maso)

  • @ Nwari, ntakibuza intuntu irakwireza ndakurahiye.

  • TWABAHINYIYE NTARUKIZA TUBITEZEKO ATARI INDURU GUSA.JE KUKIVI UWUFISE AKAZ AGAKORE UWUFISE AMAJAMBO GSA NAW AVUGE ARK NTAH BIZOMUSHIKANA.

  • @bagusengere wesha jewe niko ndafise intuntu yibibi mikorera aba,rundi 1_abana mwica ,2_kwiba igihugu3_burundi ubwanyuma bukenye4_16000eleve baheba amashure kubera inzara 5_ kubona kubona uburundi burimwo umuntu nkawe anezegwa nivyo nakubariye nibaza ko ugwaye ?uwo kuronderera umuti

  • @ Nwari, Nyenenyene washaka wiyice ivyotwiyemeje uzirindusezer,Isi atanakimwe uduhindije ntagahengwe nabusa twiteze kuguha iyontinturero ufise kubera ivyowavuze ukabutemeye gusengerwa ntakibuza iraguhitana.

  • @bagusengere wesha jewe ndaziko 2015 intuntu fise izimukira iwawe. Nayo agahegwe simwe mukaduha ??tuzokiha ndakurahiye 2015 wewe uzosara kuko unezegwa nagapfa ??2015 naho haza vyiza ncane utarubimenyereye uzoca wiyahura ncanke wigire kwironderera ahandi hari bibi kuko nivyo mwikundira (2015 uburundi busha)_#__DD nabA DD

  • @Nwari, wihangane ntaconkishobora kugufasha uranya intu irakwirenza vyasebikunze nubundi nukugogotera iyowagiye kwihamba reka utwodufaranga twawe dukomeze turibwe nabanabazikuwuteka nguriko urashaka kuzonshira mukaga! Rekandagusubiriremwo akogahinda kazorinda kaguhitana jewe nkivuga rikijana.

  • @gahini bagusengere mwataguye kwica banyoko!!!!!!!!riindira2015 bayiiiiiiiiiooiiioooooiiiiiiiiiDD

  • Muraraba neza mbona ibintu bigoye ..emama turikumwe ...emama turavavanuye na bandi..none iyo migambwe yiyunganije ko ari iyabahutu gusa bizogenda gute?? Hangwe

  • @ Nwari, twadifranga mwirirwa muregeranya ngomukombore umutegetsi nitwotwaraye dushatse guhitana umuvyeyi wa Bunyoni vyoseturabizi, nahinama zikorerwa ngozokuzokoresha uburyo bwose ngomukankanisha aba DD canke ngomugateza abenegihugu kwanka DD tubasufise ababiti wira ukobipangwa Nwari, uruamintu ukunzegushikiriza turyadufranga urazomubwirango: Murazogerageza kuzamurareba baryamukoraninama atikuko harimwo abababasanabahari kubwinyunguza DD, ariko rekandagusubiriremwo ivyogutainda DD biracarikure ntabwarejo vyasebikunze intuntu irakwirenza ahobukera hasigaye nkamezi 5

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.