IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imikangara 61 yarinjiye muri ISCAM

Imikangara 61 yarinjiye muri ISCAM

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Imikangara 61 yarinjiye mw’ishuri kaminuza ry’intwaramiheto ISCAM kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2013,ku ncuro ya 44.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi wa ISCAM Colonel Aloys Bizindavyi,ngo imikangara 61 niyo yaronse uburenganzira bwo kwinjira mw’ishuri kaminuza ry’intwaramiheto ISCAM.Muri abo harimwo abahutu 30,abatutsi 30 hamwe n’umutwa umwe akaba mbere yabaye uwa kane mu kibazo catanzwe.

Nk’uko Aloys Bizindavyi yabandandanije abimenyesha ngo iyinjizwa ry’iyo mikangara ryabaye k’umugaragaro hubahirijwe amasezerano y’i Arusha hisunzwe ukunganisha ubwoko muri urwo rwego,kandi intara zose zikaba zaraserukiwe.

Tubamenyeshe ko hari umukangara umwe yasanze bari bihenze mu kwandika amanota akaba nawe nyene yaciye yemererwa kwinjira muri ISCAM.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.