Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiriyaridi 65,86 z’amarundi umwimbu w’ikigo OBR mu kwezi kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 65,86 z’amarundi umwimbu w’ikigo OBR mu kwezi kwa (...)

Imiriyaridi 65,86 z’amarundi umwimbu w’ikigo OBR mu kwezi kwa Nyakanga

dimanche 5 Gitugutu 2014

Amafranga agera ku miriyaridi 65,86 niyo yatojwe n’ikigo OBR muri kuno kwezi turangije kwa Nyakanga ,kuyari yategekanijwe gutozwa hakaba haburako amafranga agera ku muriyaridi 0,74 amafranga y’amarundi.

Domitien Ndihokubwayo umukuru w'ikigo OBR

Mw’itangazo ryasohowe n’ikigo OBR ryatewe ko igikumu n’umukuru w’ikigo OBR Domitien Ndihokubwayo, ryerekana ko kuyo bari bategekanije gutoza haburako igice 1,12 kw’ijana. Ariko rero n’ubwo umwimbu bari bategekanije kwegeranya atariwo wabonetse ,ugereranije n’ico kiringo nyene mu mwaka uheze w’ 2013, umwimbu wariyongereyeko kuko mu mwaka uheze bari batoje imiriyaridi 57,76 gusa ,ni ukuvuga ko hiyongereyeko ibice 14,02 kw’ijana. Umuntu ashize hamwe umwimbu wose washoboye kuboneka guhera mu ntango z’uno mwaka w’2014 ,ni amafranga angana n’imiriyaridi 464,08. Ayo mafranga ararenga kandi ayatojwe muri ico kiringo nyene mu mwaka uheze ,hakaba hiyongeyeko ibice 10,14 kw’ijana.

Umuntu agereranije n’ayagiye aratozwa muri ico kiringo nyene guhera mu ntango z’umwaka gushika mu kwezi kwa Nyakanga,ibiharuro bigaragaza ko umwimbu wagiye wiyongera aho wavuye ku miriyaridi 352,446 mu mwaka w’2011 muri 2014 hakaba hatojwe imiriyaridi 464,08 amafranga y’amarundi.


Floxella Karire

Messages

  • Twashaka ahubwo mutubwire kuva aho yinjiriye ko hari akarusho yagize gasumba abo yasubiriye kugira tubone ko hari akarusho nanarirya yasubiriye umuzungu hama abarundi nabo tukaba tuzi ko ari ba kaboko babanza kwuzuza imifuko yabo ibindi bikazamu nyuma. Muradutohoreza inkuru kandi ico ni ikintu gihambaye kugira turabe ko bayihaye umurundi ko ibintu bidaca bisubira inyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.