Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiriyoni 3 z’amanyaburaya niyo yatanzwe n’Ubufaransa mu gisata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imiriyoni 3 z’amanyaburaya niyo yatanzwe n’Ubufaransa mu gisata (...)

Imiriyoni 3 z’amanyaburaya niyo yatanzwe n’Ubufaransa mu gisata c’indero

vendredi 15 Munyonyo 2013

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza ari kumwe n’uwuserukira igihugu c ‘Ubufaransa mu Burundi Gerrit Van Rossum bahejeje gutera igikumu ku masezerano y’imfashanyo igera ku miriyoni 3 z’amafranga y’amanyaburaya.

Muri ivyo bikorwa vyo gushira imikono kuri ayo masezerano y’iyo mfashanyo izofasha mu guhemba abigisha bo mw’ishure nshingiro, umushikiranganji w’inyigisho z’amashure mato mato n’ayisumbuye umupfasoni Rose Gahiru niho yari, ari kumwe n’uwurongoye ikigo c’abafaransa kijejwe iterambere (AFD)Yves Terracol.

Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza akaba yashimiye cane igihugu c’Ubufaransa ku ntererano idasiba guha igihugu c’Uburundi mu bijanye no gushira mu ngiro imigambi ya Reta na cane cane mu gisata c’indero. Amenyesha ko ayo masezerano aje gushira mu ngiro ivyo Reta y’Ubufaransa yari yemeranije n’umukuru w’igihugu c ‘Uburundi Petero Nkurunziza igihe yari mu rugendo mu Bufaransa mu kwezi kwa Ntwarante uno mwaka.

Van Gerrit nawe mw’ijambo ryiwe, akaba yamenyesheje ko Ubufaransa bwama buri hafi y’igihugu c’Uburundi na cane cane mu gisata c’indero, mbere ko ayo masezerano ahejejwe gutera ko umukono ari ayo gushira mu ngiro ivyo Ubufaransa bwiyemeje muri za nama z’abafasha Uburundi.

Mwomenya ko ayo mafranga yatanzwe, ari ayazofasha na cane cane mu guhemba abigisha bo mw’ishure shingiro muri iyi myaka ibiri, 2013 n’ 2014, aha akaba ari muri wa mugambi wo guteza imbere igisata c’indero bise cadre du plan sectoriel de dévéloppement de l’éducation et de la formation ‘’.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.