Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiriyoni 527,4 z’amarundi imfashanyo ya COSOME na CEJP - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imiriyoni 527,4 z’amarundi imfashanyo ya COSOME na CEJP

Imiriyoni 527,4 z’amarundi imfashanyo ya COSOME na CEJP

mardi 17 Ntwarante 2015, par IGIHE

Igihugu c’Ububiligi kigiye kuzotanga imfashanyo igera ku mafaranga amajana abiri na mirongo icenda n’atatu y’amanyaburaya mu ntumbero yo gushigikira igikorwa co gucungera amatora twimirije hano mu Burundi.

JPEG - 34.6 ko
Alexander de Croo, umushikiranganji ajejwe imigenderanire no gufashanya

Nk’uko ikinyamakuru le VIF co mu gihugu c’Ububiligi kibimenyesha, ayo mafaranga agera ku mriyoni 527,4 y’amarundi akaba azohabwa amashirahamwe abiri asanzwe akurikirana ivy’amatora iryo naryo ni urunani COSOME hamwe na CEJP(Coalition Episcopale Justice et paix au Burundi). Ayo mashirahamwe uko ara abiri akaba yatowe kuko asanzwe afise uburambe mu vyerekeye amatora, kuko no mu mwaka w’2005 hamwe na 2010 bari mubayacungera. Icegera c’umushikiranganji wa mbere akongera akaba n’umushikiranganji w’iterambere ry’amakungu, Alexander de Croo avuga ko ayo amashirahamwe afise ubushobozi bukwiye ariko akabura uburyo. Iyo mfashanyo rero izobatuma gukora neza igikorwa bazoba bajejwe c’uburorerezi bw’amatora .Ni no muri iyo ntumbero bazorungika abarorerezi bayo bashika ku 8000 mu gihugu cose mu ntumbero yo gucungera amatora.

Inyuma yaho amashirahamwe abiri CJP(Commission justice et Paix) hamwe na 11.11.11 azoca afasha ayo mashirahamwe abiri COSOME na CEJP mu buryo , mu nyigisho, n’ibindi. Ku bwo umsuhikiranganji Croo rero, ayo mashirahamwe uko ari ane akazoshobora gukora igikorwa gishimishije


Floxella Karire

Messages

  • Amafranga majana 200 yamanyaburaya avamwo million zirenga 500 million majana? Million majana majana majana? I don’t believe that! I think it’s not true!

  • Jew nkumurundi womuri diaspora ndashimiy vyimvamutima leta y ububirigi nka keza cane cosome na cejp muzoyacunge neza aya matora kuko tuyizeyeko vyinshi kandi amatora ntacungwa kumusi wamatora gusa ahubwo nimuhere ubu kuraba iyo ceni ya Nkurunziza na Ndayicariy murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.