IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imitumba irongowe n’abakenyezi igiye gutera imbere

Imitumba irongowe n’abakenyezi igiye gutera imbere

vendredi 28 Ruheshi 2013

Kuba indongozi y’imboneza si ugutwaza umukazo canke gucinyiza abandi. Ahubwo n’ukwerekana uburongozi nyakuri, mu kuronderera ineza y’abandi n’iterambere y’igihugu.

Mu gufasha gushika kw’iterambere rirama, umungambi “Twiteze imbere” waratunganije inyigisho y’iminsi itatu, kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi gushika kuwa 28 ruheshi 2013 ku bakenyezi barongoye imitumba yo mu ntara ya Bujumbura Rural, Bujimbura Maire, Bubanza na Cibitike, mu ntumbero yo kubongerereza ubumenyi no kubigisha ku bijanye n’intwaro ibereye ku mitumba barongoye.
Abakenyezi baje baserukiye imitumba itandukanye yatowe, baganiriye ku ngorane n’intambamyi bakunda guhura nazo, n’ibishika bibazibira gushika ku migambi baba bafise.

Vyagaragaye ko mu mitumba itari mike, intambanyi bakunda guhura nazo, ni uko kenshi usanga ingeso zo gutanga no kurya ibiturire zigihari, ahandi ugasanga ingeso zo gusambanya abana bakiri bato zigisibije. Ikindi naco, ni uko ku mitumba myinshi bataramenya gutandukanya icarico kuba indongozi y’imboneza n’indongozi y’ibikorwa.
Kubijanye n’uburungozi bwo ku mitumba, abo bakenyezi basiguye ko kurongora ku mitumba yo hagati mu gihugu atarico kimwe no kuba umukuru w’umutumba mu gisagara ca Bujumbura.

Ku bwa Rangwida Nitabare, arongoye umutumba wa Cibitoke mu ntara ya Cibitoke, yavuze ko abantu bo hagati mu gihugu ntibitwara co kimwe nabo mu gisagara bize. Hariho ivyo bakora bivanye ko baba batize. Yatanze akarorero ku mwigeme afise imyaka 13 gusa yahora yiga mu mwaka wa gatanu yakuwe mw’ishure n’abavyeyi biwe bamujana kwabirwa ku nguvu. Nitabare ati : “Ikibazo nk’ico nticoroshe gutorerwa inyishu vuba na vuba. Hari n’ibindi bibazo vy’imiryango nk’ iyo”.
Gloriose Kwizera nawe arongoye ikaritiye ya Kinindo hano mu gisagara ca Bujumbura , ati :”Gutwara abize sico kimwe n’abatize n’ivyiyumviro ntibisohoka ku mwe, eka mbere n’imico usanga atari nimwe.” Ku bwiwe, umurongozi atagerezwa kuba ari umuntu yumva ibintu ku mwe n’abo arongoye, yumviriza bose ataho ahengamiye, atunganiriza bose eka mbere akaba n’umuntu yitangira abandi.

Ingorane zikunda gushika mu ma karatiye ya hano mu gisagara ca Bujumbura, ni uko abarongoye ayo makaritiye batamenya uruja n’uruza rw’abantu bose baba baje muri karitiye barongoye kugira bamenye namba ata mwansi yoba yabinjiranye. Mu gihe ku mitumba ya ruguru, abarongozi bamenya abagize umuryango w’ingo zose ziri ku mutumba barongoye. Kugira habe iterambere nyakuri ku ma komine, hari hakwiye kuba ugushira hamwe kw’abarongoye imitumba yose, bagashira hamwe ivyiyumviro kugira bashoore gutorera umuti hamwe w’ingorane zigize komine.

Abo bakenyezi barongoye imitumba barashima ku nyigisho baronse kubw’ubumenyi ku bijanye n’intwaro bahaharonkeye bakizera badakekeranya ko ubwo bumenyi buzobafasha mu bandanya baba indongozi y’imboneza, gurtyo n’abo barongoye bahakurire icirwa. Bahamagarira n’abandi bakenyezi bose gushira amanga, bagaserura ivyiyumviro vy’abo badatinya, bongere bamenye amategeko abagenga niho bazonashika kw’iterambere nyakuri.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.