IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imodoka imwe yunguruza abantu yahiye iratokombera

Imodoka imwe yunguruza abantu yahiye iratokombera

vendredi 5 Ruheshi 2015, par Jean De Dieu

Imodoka imwe yunguruza abantu yahiye iratokombera mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 5 Ruheshi.

Iyo modoka yahiye nk’igihe c’isaha zibiri muri quartier 9 ya komine Ngagara mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura,kw’ibarabara Kivumu,hafi y’ikambi y’abasirikare Camps Ngagara.

Amakuru ava aho mu Ngagara,amenyesha ko gushika ubu uwaturiye iyomodoka ataramenyekana,ariko bamwe bakavuga ko yoba yavuye mu gisagara hagati isanzwe ifise ikibazo.

Abandi bari hafi y’aho iyo modoka yahiriye,bavuga ko boba babonye umuntu ayinjiramwo,amaze gusohoka igatangura gusha.Ariko ibibazo ni vyinshi kuko hafi yaho hari ikirindiro c’abasirikare.

Igipolisi kijejwe gukinga impanuka cahashitse kuzimya,naho nyene casanze iyo modoka yamaze kwononekara cane.

Iyo modoka igize kane ituririwe muri iyo komine kuva imyiyerekano y’abiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza itanguye.


IGIHE

Messages

  • Vyoba vyiza bagaturira imiduga yabanse kuva k’ubutegetsi canke yabo bica ababo mugabo namba arizabanyagihugu kugira zibafashe kurondera urudagara rw’abana ntabwo vyoba arivyiza.

  • MUGABO GA MWABANTU MURAGOWE UGIRANGO UWO MUDUGA WITURIYE?MBEGA IMIGUMUKO ITARATANGURA KO TUTARI BWUMVE IMODOKA ZAHIYE.EWE MWABANTU NIMUTIHANA MURAGOWE NACANECANE ABO BAHAMAGARIRA ABANTU KUGUMUKA KANDI MANDA YABO ITARAGERA.

  • Izo ngegera nimuzihate inkoni zivuge uwayituriye.

  • jew nabona ko nkurunziza yarakwiye ko izina riba ryo muntu mbeg hoho abariko baturirigwa ivyabo bazira mandat yiw ariteguye kubariha nagire ikigongwe cabapfa

  • we wahijije imodoka wihangane kandi ntuzewigere utegwa ubwoba nabarinyuma ya peter nkurunzinza imbonera kure nabandi mumuhunge mwese tuzobasange hamwe tubahe imbunda tumurase nimbonerakureze kandi imodoyawe ntushavure iyaguhaye iyo uzabona niyindi

  • Mbega yemwe ibibintu bizohagarara ryari?ndasavyantu barinyumayayamabi bayahagarike hanyuma bagiranire ibiganiro kuko nivyovyamye biranga abarundi.

  • Mwasubiye guturira se kandi!? Mwiyemeje kuba inkoramabi ngo muri abamanifesta, abazungu barabashuka!!

  • KO VYOBAVYUKURI BISHOBOKA KO NUMUNTU YAKWA UBURENGANZIRA BWOMWIBARABARA YEZU YADUCUNGUYE NAVUGE IJAMBO RIKWIYE KUBURUNDI

  • KO VYOBAVYUKURI BISHOBOKA KO NUMUNTU YAKWA UBURENGANZIRA BWOMWIBARABARA YEZU YADUCUNGUYE NAVUGE IJAMBO RIKWIYE KUBURUNDI

  • haha!!!! none izobazwa bande

  • Mbe Peter Nkurunzinza Ko Tuzi Yuko Asenga Cane Ntiyoheba Ikikiringo Ca 3 Turabona Katubesha Ko Asenga Ahaa

  • NTAKUBIDEHA IYO YATURIWE N’ABARUNDI BAHAYE IMITIMA YABO ABANYE POLITIQUE NA MA SHIRAHAMWE AHARANIRA INYUNGU ZA POLITIQUE ARIKO UTA BIHISHURIWE WO KWIBWIRA NGO N’ABAKOZI B’IMANA ARIKO SIVYO!KUGEZA AHO UMUNTU ATURI IKINTU C’UMUBANYI ARIKO SATANI AKAMUTAHUZA KO KIZOBAZWA UMUKURU W’IGIHUGU OYA !SENTARE Y’IMANA NTIHENGAMA UMUNTU NICO YAKOZE 2KOR 5:10 ABAROMA 14:10-12 MWIHANE

  • Turahoje nyenumuduga ivyovyama vyabaye ntakundi niwigumye imana izoguha iyindi ntakundi tubandanya tugusengera

  • muburundi ahubwo harateye isoni ntibokwicara bakabiheza none bagomba tujehe duhunge nihagire uwuhebera abandi kuko turagowe raba abantu baraheze nimiduga iraheze none bizogendagute.

  • umv ikint yanka nikimw nuko arekuy hariho ikibaz agira kubamushigikiy

  • shikara muturire mugwize ivyaha icomugamije twarakibonye mwabagomemwe mushaka tujehe?nabagiye bateranye ikigongwe vyose ni pacifipue

  • NUKURI NYENIMODOKA YIHANGANE.KIMWE GUSA IMANA NIVYOSE

  • MBABAJWE NABOBAVANDIMWE BARIKWONONA IVYABANDI KUBERA INYUNGU ZA BANYEPOLITIPUE IYOBABA ABIBUKA BARIKWIBUKA ABO BUYOYA YASHIZEHO ICOYABAHEMVYE IYO SINKURU MBARIRANO NARINDIMWO BADUHEMVYE KUDUFUNGA KUMUSAGA JEWE NUKO NAGIRIWE UBUNTU NGATOROKA NTARASHIKAYO VENDAME NTIMUMUZI KWARIWE YADUHIGA BAMWE AKABARASA NAMWE MURINDIRE NICO MUZOHEMBWA INGOMA MUBURUNDI NIZIMWE HAVUYEMWO BAGAZA

  • MBABAJWE NABOBAVANDIMWE BARIKWONONA IVYABANDI KUBERA INYUNGU ZA BANYEPOLITIPUE IYOBABA ABIBUKA BARIKWIBUKA ABO BUYOYA YASHIZEHO ICOYABAHEMVYE IYO SINKURU MBARIRANO NARINDIMWO BADUHEMVYE KUDUFUNGA KUMUSAGA JEWE NUKO NAGIRIWE UBUNTU NGATOROKA NTARASHIKAYO VENDAME NTIMUMUZI KWARIWE YADUHIGA BAMWE AKABARASA NAMWE MURINDIRE NICO MUZOHEMBWA INGOMA MUBURUNDI NIZIMWE HAVUYEMWO BAGAZA

  • nikuki haturirwa imodoka haciye akanya izindi zikaca zihahagarara atamwanya uheze abajejwe umutekano nibahakanurire jewe mbonako imodoka ziturirwa arizabantu bashigikiye umugabwe uri kubutegetsi kuko ntakuntu boturira imodo mungagara ubwonyene izindi zigaca zihahagarara atabwoba ntimwunva ko abo baca bahagaruka bazinanye nabo baziturira?.

  • Imana yonyene niwe mucamanza kuko vyabaye igisirikare kibona

  • Ariko. Ntimubona ko abarundi turi kwinjira mugihombo kinini rwose? Kuki mutabarira inzego zishinzwe umutekano zigakemura iki kibazo .

  • kubwukwihangana kw abarundi imana igiye gutabar igihugu.Maz ivyo bizibagirwa twubak uburundi busha!Murakoze.

  • @thomas
    Wewe ivyo wyumva vyumvikana?Ni ubukozi bw’ikibi bw’abatutsi bajingitwa kubona umuhutu afise akantu badafise,ubu ils en profitent pour montrer leur vrai face,izo modoka na mandat bihuriye he?Izo modoka nizo kwa peter?Canke abahutu bose ni aba cnddfdd par consequent ba nyagupfa?Mbe nkiyo abahutu muriko musinzira,mubakorera,mubakurikira i la haye,mwese rindira umunsi batanguye guturiza utuzu twanyu turi hano mu burundi niho muzokoma ,aho mwibaza ngo ni abantu muri kumwe?Ikintu cose c’umuhutu ubu baraturira aba umu FNL n’uwundi wese ,ntawe bareka,rero murindire!
    Mbega iyo uvuga abapfa ni bande?bamwe bicwa na benewabo kugira igitigiri co kwerekana pour confirmer un genocide soit atteint?Erega turazi ko au moins 15 tutsis par jour bategerezwa gupfa biswhe na benewabo harya mu ma quartiers,reka kuza murabaza ivyo muzi!Za uraraba ama video urabe montage z’abatutsi bo ku mutakura baturira udutebe twabo twaboze bagaca bavuza amaruru imbere ya wa mu journaliste wa RFI ngo polis ibatuririye inzu,bashaka intebe nshasha!Raba ingene umukobwa na nyina nimba atari mwenewabo baca bagenda batwenga après iyo montage,raba kuri site yitwa gahuza!
    Nimwidagadure ku tuntu abahutu biguriye,pour l’instant mwumva muhambaye,ariko bburya muzovyishura.

  • poor leadership,don’t blame any one,first think the source,ugwanko niko rumera,bitegwa numuyobozi mubi abandi bakazira ubusa.

  • Gusambura ntibigoye nkokubaka,murarabe neza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.