Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impera y’indwi yari ishushe kumwe na Gaël FAYE - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Impera y’indwi yari ishushe kumwe na Gaël FAYE

Impera y’indwi yari ishushe kumwe na Gaël FAYE

lundi 17 Ruheshi 2013

Mu rukurikirane rw’urugendo rw’ibiteramo yitiriye “Sur le chemin du Pili-pili” (ku rugendo rw’agapiripiri), Gaël Faye yaraye abiciye biracika mu gisagara ca Bujumbura kumwe n’umurwi wa wiwe “Milk, Coffee and Sugar”.

JPEG - 31.8 ko
Gaël FAYE na Milk Coffee and Sugar kuri Centre Jeunes Kamenge

Ku munsi wa gatandatu, isaha icenda z’umuhingamo, mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes Kamenge), niho uwo umuririmvyi Gaël FAYE yagira igiteramo ciwe ca mbere i Bujumbura. Abantu bavuye mu mihingo itari mike y’igisagara ca Bujumbura bari basidukanye n’iyonka muri ico giteramo. Ku mudiho wa Hip Hop, Rap na Slam, barikuguye ubuhinga bwo kuririmba bwuwo muririmvyi yakurirye mu Burundi.

JPEG - 592.7 ko
Gaël FAYE na Milk Coffee and Sugar kuri Buja Arts

Ku munsi w’Imana waraye urangiye naho, mu bunywero bwitwa Buja Arts, abantu bari isinzi mu giteramo ca kabiri. Uri abarundi, uri abanyamahanga baraho, bose ntibigumije, baratamvye baratarika. Muri ico giteramo, abandi baririmvyi bamwe bwamwe bo mu Kamenge ndetse n’abagize umurwi wo mu Rwanda wa Comedy Knights bararonse akaryo ko kuririmba umudiho wa Hip Hop. Nabagira Slam baraciye imbere bararyosha umuhingamo w’abaraho. Gaël Faye yameyesheje ko muri ico kibanza ca Buja Arts hamwibutsa vyinshi. Ati: “ Narabaye igihe kitari gito muri runo rugo nkiri muto, iki kibanza kinyibutsa vyinshi.

JPEG - 62.5 ko
Mu giteramo co kuri Centre Jeunes Kamenge

Muri ivyo biteramo vyose uko ari bibiri, mu rukurikirane rwiwe “Pili-pili sur un croissant au beurre” rugizwe n’indirimbo 15, vyaraboneste ko indirimbo yiwe “Bougé à Buja” yakunzwe cane nabitavye ivyo biteramo kuko barayitamvye cane baridagadura. Kukaba nkako, nkuko yavyivugiye uwo muririmvyi, iyo ndiribo yayandikiye mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge yongera ayisohorera i Bujumbura. Gaël akaba yarashimiye abantu bose bamufashije mu buryo ubwo aribwo bwose kugira urwo rukurikirane rw’ibiteramo rushoboke.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.