Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impunity Watch : Amakenga ni menshi ku bijanye n’umurwi CVR - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Impunity Watch : Amakenga ni menshi ku bijanye n’umurwi CVR

Impunity Watch : Amakenga ni menshi ku bijanye n’umurwi CVR

vendredi 5 Kigarama 2014

Mw’ishirahamwe Impunity Watch baranegura kubona umurwi ujejwe ukuri no gusubiza hamwe warahaye ikibanza kinini abihebeye Imana, ugakumira abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, kandi abatari bake bari basavye ko hobamwo impande zitandukanye nk’abagize Reta, abagize amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abanyamahanga, hamwe n’abanyamigambwe.

Muri iryo tangazo ryasohotse kuri uno wa 3 Kigarama, muri Impunity Watch bavuga ko bashimishwa n’intambwe yashitsweko mu ntumbero yo gushika kuri bwa butungane bw’inyuma y’intambara bukenewe mu Burundi, ariko rero bararajwe ishinga n’ingene habaye ikumirwa ry’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe naho abo bagize uwo murwi baje baturuka bishobora gutosekaza igikorwa gihambaye bahawe kurangura.

Muri iryo tangazo batanga uturorero twa Musenyeri Yohani Louis Nahimana na Musenyeri Bernard Ntahoturi basanzwe bari mu nama nkuru y’umutekano, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu no gushigikirana Clotilde Niragira nawe akaba asanzwe ari umunywanyi akomeye w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, abo bose umwe akaba ari umukuru w’uwo murwi, icegera ciwe hamwe n’umunyamabanga w’uwo murwi. Iryo tangazo riravuga kandi n’umwe mu bakomiseri bagize uwo murwi afise ivyo yagirizwa mw’ishengero akomokamwo, bijanye n’ubunyonyezi bukomeye bw’amafaranga.

Muri iryo tangazo bavuga kandi ko bafise impungenge mu gihe habayemwo kwicamwo imice mu gutora itegeko rizogenga uwo murwi, aha bakavuga nk’abashingamateka b’umugambwe Uprona 14 kuri 17 bava muri uwo mugambwe batagiye muri ivyo bikorwa vyo gutora iryo tegeko, kuko kubwabo iryo tegeko ritigeze rifatira kuvyo abanyagihugu bipfuza.

Ishirahamwe Impunity Watch ribandanya rivuga ko ubu igikenewe ari kumenya namba abo bantu bazoshobora kurangura igikorwa gihambaye bafise, na cane cane ko bakeneye ubwigenge budasanzwe. Kubera ubwo bunenge bwose bagiye barerekana, iryo tangazo rivuga ko bishobora kugorana kwereka abahuye n’ivyago hamwe n’abanyagihugu muri rusangi, ko uwo murwi wo kuvugana ukuri no gusubiza hamwe uje ufise ubwigenge.


Floxella Karire

Messages

  • None abobohebeye Imana sabadaharanira ivyicaro vya politike? Barakabona biharije uwomurwi iyabarijewe nuwubahayewose, ariko atarabobihebeyimana badaharanira ivyicarovya politike ayoyandimashirahamwe mubonataduhenda ngontaharanira ivyicarovya politike?

  • banza mureke turindire ico uzokora ntitwihute kuvuga.

  • Je ne connais personne parmis ces gens nommes mais pour moi c’est un groupe sur lequel la plus grande majorite de Burundais peut compter; contrairement a la societe civile Burundaise que tout le monde connait dans pas mal de choses. Je ne sais pas de quelle societe civile cette organisation parle car la societe civile Burundaise est politisee. Ce que nous voulons seulement est que les hutus et les tutsis se sentent vraiment representes respectivement dans cette commission. Meme si les eglises quelquefois elles ont aussi leur tendence politique mais c’est mieux par rapport a la societe civile et je vous assure beaucoup de gens ont ete contents quand on a ecarte la societe civile et les partis.

  • de quelle société civile parlez-vous? celle qui soutien le CNDD-FDD ou celle accollé àl’opposition. Reka kujajura basha musohora za rapport ZIDAFASHE. Reka abo bavugira mana baserukira abantu benshi kuruta société civile, niyo bamenja tuzokwanka gutanga imperezwa, kandi tubibabarize mu masengesho. TEKEREZE RERO BA KAGABO, ayo mahera ya impunity wath muyahekenye ntawuje kuyabaterako

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.