IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’abarundi muri Tanzaniya zirabangamiwe n’indwara ya korera

Impunzi z’abarundi muri Tanzaniya zirabangamiwe n’indwara ya korera

vendredi 22 Rusama 2015

Impunzi z’Abarundi 33 ziramaze guhitanwa n’indwara ya Korera mu gace ka Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya aho zahungiye.

Hari impungenge ko indwara ya korera yatanguye guhitana impunzi z’Abarundi ishobora kubandanya gukwiragira mu ndwi zibiri ziri imbere.

Abajejwe amagara y’abantu muri ako gace babandanya gukora ibishoboka vyose kugira ngo ico kiza ca korera ntikibandanye gukwiragira mu duce twegereye aho izi mpunzi z’abarundi zashikiye.

Umuyobozi ajejwe amagara y’abantu mu gace ka Kigoma, Muganga Leonard Subi,yamenyesheje ikinyamakuru The Citizen, ko Reta ya Tanzaniya yarungitse imiti ifise agaciro k’imiliyoni 99 z’amashilingi yo kuvura impunzi zo mu makambi ya Kagunga na Nyarugusu.

Muganga Subi yavuze ko bishoboka ko korera yokwira ikarenga ikambi z’impunzi,ibi bikaba vyogorana.Yavuze kandi ko bashira inguvu mu kuvura aberekana ibimenyetso hakiri kare.

Ivyo biri ukwo,mu gihe impunzi z’Abarundi zimaze gushika i Kigoma zababa ibihumbi 100 nk’uko vyamenyeshejwe na Oxfam kuri uno wa kane igenekerezo rya 22 rusama. Abahunga bagizwe ahanini n’ abagore n’abana.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.