IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impunzi z’abarundi ziri mu mahanga zigiye gufashwa gutahuka mu (...)

Impunzi z’abarundi ziri mu mahanga zigiye gufashwa gutahuka mu Burundi

mercredi 18 Ruheshi 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR mu Burundi ryiyemeje gufashanya na Reta y’Uburundi mu kugarukana impuzi z’abarundi ziri hanze, hamwe n’iziri mu Burundi, kugira bose basubire vyabo n’ababo.

Inyuma y’ukwezi kumwe uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR amaze mu Burundi atanguye imirimo yiwe, yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri.

Abel Mbilinyi, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR mu Burundi (United Nations High Commissionner for Refugiees) kuri uwu wa gatatu wa 18 Ruheshi 2014 yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri.
Muri uwo mubonano, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu amenyesha ko barababiye hamwe ibikorwa ishirahamwe UNHCR rimaze kurangura mu Burundi no muri kano karere mu bijanye no gufasha impunzi.
Bimwe muri ivyo bikorwa akaba ari ugufasha impunzi kuzironsa ubuhungiro no kubafasha gusubira mu bihugu vyabo mu gihe amahoro n’umutekano biba vyagarutse.

Reta y’uburundi ikaba yasavye ishirahamwe UNHCR gufasha kugarukana mu Burundi impunzi z’abarundi ziri mu mahanga, na cane cane ku bari mu gihugu c’Ubuganda no muri Malawi kuko ariho harwiriye abatari bake.
Isaba kandi gufasha n’impunzi zivyipfuza, zahungiye mu yindi mihingo yo mu Burundi gusubira mu bihugu vyabo mu gihe amahoro n’umutekano vyoba vyagarutse mu mihingo zaje ziturukamwo.

Tubibutse ko ishirahamwe UNHCR risanzwe rifasha impunzi ziba zahunze ibihugu vyazo, kubera umutekano muke. Iryo shirahamwe rirongera kandi rigafasha n’izo mpunzi gusubira mu bihugu vyabo mu gihe amahoro yagarutse. Impunzi z’abarundi rero zikaba zirimwo muzifashwa n’iryo UNHCR.

Mwomenya ko Abel Mbilinyi, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR afise ikiringo c’imyaka itatu arangura imirimo yiwe mu Burundi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Nibatahe uburundi buratekanye!!!!

  • Nyakubahwa murarabe muzohungure abavyiphuza kuko harinabarimwicogihu babuze ingene bakivamwo nukuvuga hari abahunga iibibazobitobito nabandi umuhunguye uba umwishe kweri turashima ingenemwafashije abarundi kuvabikukira gushika uyumusi ariko ntimwobegweko impunzizamyeho simwemwobonakumutekanowagarutse ahubwo izompuzinyene nizozovyiyumvamwo kanatsinda ntanumwe adashaka iwabo

  • Yaya ahubwo muratwengeje mujaguhungura abomutatwaye?mwabasuma nabandi barikobicwa ninzara abomwakuye tanzaniya vyarabananiye kubatunganiriza birirwa bicana abadatemanye baterana amagerenad none mugomba mwongerekwabandi?murabamuzohungura ababishaka namba aruburyo bwokiyorosha murahumba

  • KOMERA LETA Y’UBURUNDI NA UNHCR, KWIYUMVIRA GUHUNGURA ABARUNDI KUKO ABARUNDI BENSHI BARAMAZE KUGIRA INGWARA YO KWAMA BATEZE AMABOKO UNHCR, AVA MUNKAMBI ASUBIRA MUYINDI AHO KUZA KWUBAKA IGIHUGU CA BIBARUTSE MUGABO HARIHO ABAFISE IBIBAZO VYUMVIKANA NA CANE CANE BIFATIYE KURI POLITIQUE AHO TWOSABA UNHCR KO ABO BANTU YORA AHO IBASHIRA. KOMERA RUFYIKIRI AND UNHCR.

  • muracura abavyipfuza hama abadashaka mubareke bigumire iyo bari kandi leta yuburundi na unhcr nashiraho uburyo bwo gufasha gitahukana itunga ryabo ryose bari batungiye mu mahanga. Ataruko naho muzosanga muriko mukwegera ikara mu gashambara kuko munda harara inzara hakazimduka inzigo

  • Ndatangaye cane kwumva musabako impunzi zigarukanwa I Burundi,mukeneyabo mwica nabo mushira mumpimba nahandi,nabavuye Tanzaniya basubiye guhunga,abandi baricwa kubwamatongo yaze,none ahogusaba UNHCR kubafasha igahereza resettlement abo bahunze murikubasaba,mbega muzomenyubwenge ryari yemwe ba dd?IMANA Ifashe izompunzi

  • Turabaramukije mwese abasomwi bikikinyamakuru Igihe, Ndafashe akakanya kugira nserure ukonibaza kubijanye nikikibazo cimpunzi zabarundi zirimubihugu bitandukanye. UNHCR na Reta yu Burundi, ntibanka umuntu yagiye kwungura ubumenyi canke uwagiye gusuma cokimwe nuwagiye mubintu vyokudanda (business) Ndashaka kubabwira icobita impunzi igituma igihe vyobabiboneka ko zosubira mugihugu zahunze zivamwo numutwaro ukomeye UNHCR nigihugu izompunzi zibazaravuyemwo ubugabanutse, Mutigute? Burya impunzi iyo UNHCR iriko irayifashiriza hanzeyigihugu cayo iyitangaho akayabu kama dollar atagiringano, Rekandababwire bike murivyishi: UNHCR iriha guhera kuri police izicungera, ikariha harya ibakwakarya gataka, ikariha ivyobacana nkinkwi cankibindi, ikariha amazi bakoresha yomuricogihugu barimwo, bakariha amabarabara acamwo ibizaniwe izompunzi, bakabagurira ivyobafungura,ivyobifuka nivyobambara bishobotse, bakariha abaganga, ikariha amamodoka abazanira ivyarivyovyose bijegufasha impunzi, irariha abakozi ikigisa niconavuze ahoharuguru cabaganga bafasha izompunzi, ETC. UNHCR biyikundiye igihugu izompunzi zavuyemwo hakaboneka agahengwe abahunze bakagaruka ikabafashiriza mugihugu cabo ibayiziganirije (saving’s) ibirenga 60% Kugihugu izompunzi ziba zaravuyemwo naco, Ubwambere kimenyekana kw’Isi yose bitagoranye ko ntamutekano gifise numurwizatunga yozanye umutahe akacaba aratenyenye kuwuzana kandiyohavuye atanga akazi kwababashomeri bacucu, 2 Abafasha kugira igihugu cisununure barabwira icogihugu kobagiye kugifasha kumfashanyo iganaguti, munyuma bakakibwira bati: kumfashanyo twakwemereye tuzoshikana mugihugu imfashanyo ingana guti, atiyindi ingana gurtya tuzoyirungika kumpunzi zavuye mwicogihugu ziba mubihugu ibinibi. Kubimpunzi rero biratandukanye, harihabahunga kumvo zintambara, hakabaho abahunga kumvo za politike, hakabaho abahunga kubera bagirijwe ibintu vyubungetengete, hakabaho abahunga kubera bahunze ubutungane kubera ubusuma nubundi bugizibwanabi bakoze imbonankubone, hakabaho nabahunga kubera inzara, ETC. Abobose rero iyobamaze gushika mukindigihugu maze bakipoperaniriza mukintukimwe citwa ngo bahunze kubera igihugu kitagira umutekano canke bakavugango’ igihugu ngokirimwo intambara, abobaba bafise uruhararukomeye mukwongera ubwobukene bamwenabandi tuvuga burimugihugu cacu cu Burundi. Iyaba abarundi bose bavuyemugihugu bakagenda mubindibihugu baheza umwumwewese akavugishukuri igituma avuye mugihugu ciwe, ndababwiza ukuri igitigiri cimpunzi zabarundi zirihanze yigihugu ntikibakingana nkukwokingana uyumusi, akarorero ndabaha nikuri Tanzania: uyumusi bivurwako Tanzania atampunzi zabarundi ziriyo, ariko uburundi na Tanzania biraziko kubutaka bwatanzaniya hariyo abarundi bagiye kurondera ahoruta ahandi (gusuma) aborero ntibitwa impunzi ngo UNHCR ngoyirirwe irabiruka inyuma ahubwo bitwa irindizina ritari ubuhunzi. Uwuza kugira icoyongerako canke akagabanya kuribinanditse ntazakuba arumwansi wanje kuzakuba arugufashanya kwungurana ibitekerezo murakoze. Ndi’ Mama.

  • We nguri Mama genda uragashegenya ntakutagira ngushigikire sobuja azomfashanyo wumva batanga muraziha benezo?abomwakuye itanzania urazi ukobabayeho?urakubitira mubice vyarumonge

  • NIBIGUMIREYO NIBIPFUZA GUTAHA BONYENE MUZOHEZE MUBAKUREYO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.