Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impusha zo gutwara imiduga zabaye umuzi w’ibuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Impusha zo gutwara imiduga zabaye umuzi w’ibuye

Impusha zo gutwara imiduga zabaye umuzi w’ibuye

lundi 3 Kigarama 2012

Abatwara imiduga n’amapikipiki eka n’abandi banyagihugu bipfuza impusha zo kugendesha imiduga imyidogo ni yose. Nta mpusha zo gutwra imiduga ziriho mu gipolisi kiraba amabarabara PSR.

‘’Maze kugenda mu gipolisi akarenga gatatu kurondera uruhusha rwo gutwara imodoka permis de conduire, muri PSR bambwiye ko ataziriho’’, uwo n’umwe mubanyagihugu bidoga. Uwundi nawe avuga ati ‘’ntakundi tuzoca turondera impusha za megendo, kuko PSR yanse kuzitanga’’. Abo banyagihugu bamenyesha ko bagiye gusaba izo mpapuro, igipolisi kibijejwe PSR kibabwira kurindira ariko bakibaza ko bazorindira gushika ryari.

Abashaka kwinjira mu mwuga wo kunguruza abantu n’ibintu bobo bavuga ko ubwanwa bwapfutse umunwa ,abandi nabo bakavuga ko badafise ayo bacira nayo bamira. Aba chauffeur ba kera nabo, impapuro zabo zirengeje imyaka itanu kuko zibazikenewe guhindurwa bavuga ko ibintu bitagiye kworoha mugihe imiryango yabo yari itunzwe n’amafaranga baciye ku munsi ku munsi.

Igipolisi kijejwe umutekano mw’ibarabara PSR kivuga ko gifise ubukene bw’impapuro zikomeye bita carton zikorwamwo izo mpusha. Cizeza ko ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu vuba . Arthémon Nzitabakuze komanda w’igiplisi kijejwe umutekano wo mwibarabara PSR yemeje ko mundwi imwe izo mpapuro zizoba zabonetse kuko ngo PSR yaramaze gutumako ibikoresho vyose bikenewe.

Uyo arongoye ico gipolisi amenyesha kandi ko igihe vyihutirwa nk’abakorera amashirahamwe mpuzamakungu baba bakeneye izo mpapuro baba barahabwa urundi rupapuro rubaha ububasha bwo kuba barakora akazi kabo ko gutwara imiduga.
Abakeneye izo mpusha basaba ababijejwe kwihutira gutorera umuti ico kibazo.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.