Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imvo nyamukuru yatumye FRODEBU na FRODEBU Nyakuri zitiyunga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imvo nyamukuru yatumye FRODEBU na FRODEBU Nyakuri zitiyunga (...)

Imvo nyamukuru yatumye FRODEBU na FRODEBU Nyakuri zitiyunga yamenyekanye

dimanche 5 Gitugutu 2014

Inyuma y’aho urubanza rwari rutegekanijwe kuri uyu wa gatanu rusibiye urwo narwo rukaba rwasubiza hamwe imigambwe ibiri yamuka kuri Ndadaye, Leonce Ngendakumana umukuru w’umugambwe FRODEBU yavuze icatumye badatera umukono ku masezerano.

Umukuru w’umugambwe wa Ndadaye akaba yabariye bagenzi bacu b’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA ko mu gatondo ariho umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri muganga Yohani Minani yamumenyesha ko biyunze, ivy’urunani ADC Ikibiri boca babanza bakabibangira. Umukuru w’umugambwe FRODEBU rero akavuga ko ico kiri mu vyatumye ayo masezerano ahagarara. Avuga ko urwo runani barumazemwo imyaka irenga ine, ubu rukaba ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, ndetse runarongowe n’umukuru w’umugambwe FRODEBU, kuruvamwo bitokworoha.

Mukamenya ko umugambwe FRODEBU wasambutse inyuma gato y’amatora yo mu mwaka w’2005, aho muganga Yohani Minani yashinga umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, ndetse na bamwe bamwe mu banywanyi ba FRODEBU bakaba baciye bamukurikira. Leonce Ngendakumana akaba atasivye gusemerera muri ico gihe, ko umugambwe FRODEBU Nyakuri ukoresha ibimenyetso vy’umugambwe FRODEBU, ndetse n’amabara y’iyo migambwe yose yasa n’uko yari amwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • namamvuga ko minani arimbonerakure ngo ndabesha urya nigikoresho caba dd kandi ntamahoro bizomuha nibampenuzuzindayanje ntakuri bafise niyiyunge na dd.sha urubanza rwarirwitavye na dd ihejeje kumucira urubanza akogatima karikavuyehe.nabana muri pol

  • yoooh inda irabagoye minani..,leonce komera kwijambo

  • Njye ukombibona nimbaruko ntarumurundi arikondaziko dutandukaniye kumazina yibihugu arikobyishyi tubihuriyeho,ukonjyerero ndikubona uyumugabo Leonce atagikeneye inyungucyane za FRODEBU, ubwambere iwe nicyobise ADC Kibiri, ibindi bikazanyuma! Nkumuturanyi rero nabwira aba FRODEBU ko bohitamo gukomera kwishyaka ryabo FRODEBU gusumba gukomera kuri Leonce na ADC Kibiri ye.

  • Uwo war,umutego kugira Leonce bace bamuta muri yompi ADC ibe ifuditse.Minani na Domitien murababaje abarundi bari babafise ko umwizero.Ariko jewe uyo Minani ndamuzi akiri mu buhungiro uko yavugira ku ma radiyo yohanze wacawumva uremye ariko amaze kuza akaba umukuru w,inama nshingamateka ntiyasubiye kurusokorora ababizi ni kwi Taba igitega bagandaguwe.Domisiyano nawe aguma ashaka kuba president aho ntiyotekereza akarya ayo yaronse.

  • gerageza leonce murabe ko vyokunda mukiyunga na minani,ariko murabe ntabate murudubi kandi.mube maso aba dd nkaho usa ng bara muteye amajambo <<inda mukukurya ikwihishamwo>>

  • Leonce ukava mu kibiri amatora azoba uri mwibuye,nivyiza ko umutego wawubonye,sindi umu frodebu mugabo minani afise iyindi ntumberokuko wewe na DD banya ayasa ,rero harya bashaka gusambura ico kibiri canyu kuko kirabateye ubwoba .ni nka birya vya barya bahungu leta yahaye amahera ngo bavugeko ari abarwanyibikibiri,ngo barongowe na sinduhije !irya ni tentative yo kubasambura,muragabe ntibabacemu ryahumye.

  • none turakenyeye abarundi tuze twame muri sokwe ni ruze kuvyerekeye kubona kazoza k’igihugu cacu. uravye ingene imigambwe yari muri g7 muri négiciations iriko iraryana uca ubona ko arusha ataco bayikuyemwo bakorera inda gusa. none tuzokira gute? na nde?

  • hagurukira rimwe tukorere mu runani twikureko abo bagabo nayahandi igihugu kiradushayanye tubona;reka gutegana imitego ni muvyitondere abarundi dukunda igihugu turi imber yanyu

  • Abafise ico mukora kuburundi nimukore mureke abavuga batumunwa ugira aho uburundi bugeze ni minani yabitumye buhagera imana gusa minani nimumureke turabeko uburundi butazokwogorora nimureke guta umwanya imana ntizobura gutabara uburundi ngo kubera minani atarikumwe namw
    e

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.