Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyidogo ku batisanze ku ntonde kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imyidogo ku batisanze ku ntonde kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU

Imyidogo ku batisanze ku ntonde kw’isoko mfatakibanza ya COTEBU

jeudi 25 Nyakanga 2014

Urutonde rwa mbere rw’abadandaza bazoronka ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Cotebu rwasohotse ariko imyidogo ni myinshi ku gice kinini c’abadandaza batisanze kuri urwo rutonde.

Umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU,kuri uno wa gatatu ,igenekerezo rya 24 Nyakanga washize ahabona umurwi wa mbere w’abadandaza bazoronka ibibanza muri iryo soko.Urwo rutonde rwamanitswe rugizwe n’abadandaza bagera ku 1880 bari bafitaniye amasezerano na Sogemac. Mu gihe abari biyandikishije ari benshi ndetse n’imyidogo y’abo badandaza bataronse ibibanza ikaba ari myinshi , Melchior Simbaruhije arongoye uwo murwi we avuga ko batogira ubwoba,kuko kuba batisanze kuri izo ntonde bidasigura kuba batazoronka ibibanza ariko ko hariko harakorwa amatohoza kugira bamenye neza ko bari bafitaniye amasezerano na Sogemac ishirahamwe ryari risanzwe rigenzura ibikorwa muri iyo soko itarasha.

Ku bwa Melchior SIMBARUHIJE,hari utunenge twibonekeje,aritwo twatumye hari abataja ku ntonde. Muri ivyo harimwo impapuro z’amasezerano abiyandikishirije ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore usanga bafise, ariko muri SOGEMAC ataziriyo,canke abandi ugasanga barasangiye amazina,abo bose ntibararonswa ibibanza kuko hari ibitaratungana.

Kuri iyo mirwi yose Melchior SIMBARUHIJE abasaba kwandika amakete asaba gutunganirizwa ayo nayo akaba yoba yashitse mu murwi ujejwe gutanga ibibanza ku munsi wa mbere igenekerezo rya 29 Nyakanga,umwaka w’2014,isaha zitandatu z’umutaga kugira ngo umurwi utangure gukora ku munsi wa kabiri.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.