Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nkenguzamateka isaba CENI gutunganya gushasha ikirangaminsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama nkenguzamateka isaba CENI gutunganya gushasha ikirangaminsi (...)

Inama nkenguzamateka isaba CENI gutunganya gushasha ikirangaminsi c’amatora

lundi 1er Ruheshi 2015

Inama nkenguzamateka y’Uburundi isaba umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI gutunganya gushasha ikirangaminsi c’amatora nkuko vyasabwe n’inama y’abakuru b’igihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yabisavye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 1 Ruheshi, igihe yariko yugurura ibikorwa vy’inama nkenguzamateka vy’ukwezi kwa Ruheshi.

JPEG - 796 ko
Gabriel Ntisezerana arongoye inama nkenguzamateka.

Gabriel Ntisezerana arongoye inama nkenguzamateka ,yaboneyeho akaryo ko gusaba abafasha Uburundi kubandanya babushigikira,na cane cane muri kino gihe c’amatora igihugu kirimwo.

Umukuru w’inama nkenguzamateka yarangije ahamagarira abanyamigambwe gutegura imyiyamamazo kugira baje mu matora bose atawusigaye.

Mwomenya ko amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,ategekanijwe kuwa 5 Ruheshi,2015 naho nyene inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yakoranye kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama yasavye ko amatora yokwigizwa inyuma ikiringo c’ukwezi n’igice.


IGIHE

Messages

  • Question a Ntisezerana: Comment la CENI peut-elle elaborer un nouveau calendrier alors que la demission de son Vice-President la rend illegale au regard de la Constitution?

  • Yooo! None Kumenga Aba Dd Bagiye Kurwara Agahinda? Iconobasaba Bihangane.Bamenyeko Atawuhora Kungoma.Ikindinaco Nuko Batokwiyahura Kuko Turacabakeneye. Twese Turi Bamwe Bihangane. Umukuru Wigihugu Naterakamo Abarundi Na Makungu Ko Amatora Atayo Kuwagatanu.Yongere Abwire Abarundi Ko Igihugu Karikimwe Areke Kugicamwo Imice Ngo 99 Kohatekanye Kandi Atarivyo.

  • Sinarunzi ko ntisezerana agifise ururimi,jewe nagira ngo rwaracitse,mbere ko atagifise namaso yokubona ibibera mu burundi,ubwo araziko umurwi ceni uri mubibazo vyatejwe na nkuru,wahorahe ga nyakubahwa?karibu

  • CENI ntayiriho none amatora yokwegezwa inyuma niki? Mana tabara abarundi n,uburundi.

  • ivyo pioneer avuze ni baza ko yasomye constitution yiwiwe atari iyigenga igihugu cuburûndi.

  • Emwe uwomugabo ngira sinzi ayo azananye. ndashimiye cane icegera c’umumkuru wa CENI ukubupfasoni n’ubwira yerekanye ndizeye ko hari nabandi bo muri CNI bazosokora ndazi neza ko batazokwemera ku burundi burwa mumutego wa nkuru nziza. Nkabasaba ku demissiona kugira uburundi bwaco ntibube bwaba ba sesa amaraso. Ntimube mpemuke ndamuke !!!!!!!

  • Nagira mandat yabo yaraheze? Mudutohoreze ico amategeko avuga. Aha ndabona ba Samandari wa Mandaranga bagiye kuba benshi :) :)

  • ivyo pioneer avuze ni baza ko yasomye constitution yiwiwe atari iyigenga igihugu cuburûndi.

  • uwo avuga ngo ceni illegale! barabahenze! illegale ou pas on doit avancer mushaka muze mwibere mwibarabara kumwe mwahenda BUSOKOZA ngo Edouard Ngo N’umuntu Muto. Qu’est Ce Qu’il a gagné? ntimupfuye mwiruka inyuma ya rwasa? mwibaza ko umu fnl yiyemer ko mwosangir ku nkoko, ndabatwenze. vive le burundi, vive BAZOMBANZA.

  • CENI irarwaye nyakubahwa Ntisezerana kuko babiri bamaze gutanga imihoho. Kubasubiriza mwobaza Nyamitwe uko yoba arabirementanya hakiri kare kuko assemblée nationale itegerezwa gutora sinzi aho muca muyikura kuko yahejeje ikiringo cayo. Gusa nyene kwa Peter vyose birashoboka. Reke turabe uko azobigenza! Kugira CENI ishobore gufata icemezo hategerezwa kuba hariyo 4 kuri 5 au moins, or ubu hasigayeyo 3. Ndi nka Ndayicariye nokwigira nanje.

  • Ntakindi dushaka iburundi atari UMUKURU WIGIHUGU Wumuhutu kandi wumu CNDD FDD kandi mandat yiwe ni 25ans kuko ntawukorako ntibishoboka, president forever is Nkurunziza

  • Nta kidashoboka mu bintu vyose,il faut toujours un plan B.Iyo bapfa naho vyari kugenda gute?Ubuzima bw’igihugu bwaca buhagarara,on suppose qu’il est mort ,comme il n’est pas làet on utilise les moyens ànotre disposition pour les remplacer.

  • Nyarutsa Ayo AMatora Tubatere Pholphe Mbe Ko Bagira Ubwoba Tutarabemeze?Mugabo Abo Bantu Muguma Mwica Amaraso Yabo Azobahumira Sha.Mwe Murindire Gusa.

  • Uwo Yiyumviriye Ko Amatora Biyigiza Inyuma Arihenda Kuko Abandi Biyamamaza Abobandi Bari?Ahubwo Buratevye Ngo Tuje Kwibaruka Mwiyumviriye Tworindira Ukwezi Ahubwo Nibasubize Ameru Mwisaho.Inkona Ugume Uvyura Umugara.

  • @Mugisha (M majuscule): Les membres de la CENI sont des juges. Ils forment un jury qui supervise une competition. Ils ont des pouvoirs d,officier judiciaire. Ils tranchent des litiges et dans certains cas, leurs decisions sont sans appel. C,est pourquoi ils sont ELUS par le PARLEMENT. Ils sont en cela differents des cadres de l,Etat qui eux sont, dans certaines categories (exemple: les hauts gradés de l,armée ou les ambassadeurs) approuvés par le senat et non le parlement; d,autres ne le sont meme pas (exemple les ministres). Lorsqu,on dit qu,un jury va sieger; il ne peut sieger que quant tous les membres du jury sont présents. Dans les cours et tribunaux; c,est la regle. Si un juge manque au siege, c,est illegal de sieger. Si un membre d,un jury est absent; c,est illegal de deliberer. La majorité de deliberation n,a rien a voir avec la composition du jury ou du siege. 4/5 veut dire que tous les 5 membres doivent etre presents (et non 4). C’est une loi universelle. La CENI actuelle ne peut donc pas donner un avis, meme technique, avant qu,elle ne soit au complet. En fait, depuis le depart de son Vice-President, la CENI burundaise ne peut etre saisie de quoi que ce soit. Sa decision serait illegale, au regard de la loi. Prouve-moi le contraire. Cordialement.

  • Ndagushimiye nyakwubahwa mukuru wi nama nkenguzamateka mu Burundi. Ndashaka kubwira abarundi ikintu gikoneye kwiy’Isi: Nubwowobigihangange canke uworoheke ariko ugeze kumubanyi yaba uworoheje canke igihangange utegerezwa kubwubaha cane, murazoreba umuntu agiranye ibibazo nabomunzuyiwe hakaramuka habonetse umubanyi ajegutabara utamwumviye ivyaguhanuye ingaruka yawe ibihejeje kubambivyasebikunze. Mubihugu navyo nubwo igihugu cobarigihangange kw’Isi nzima ariko kigerageza uburyobushobokabwose kwiyorosha kubihugu bibanyi vyaco nubwo ivyobihugu vyobabikenye. Nicogituma jewe nshimiye uyunyakwubawa mukuru winama nkenguzamateka kuvyavuze yerekanako ivyibihugu bigize EAC vyaraye biterereye, uwiyumvirango gupinga ivyovyavuze ngontangorane ngonuko batavuze kobazocabamurasa yobayihenze cane urabaza Pancras Cimpaye na Murwengezo ivyaraye bibabayeko! Kwumvira ntibigukurako uvungange bwawe ubusanganwe. Ariko niharambe Nkurunziza aracarikungoma gushika mumwaka 2020 hanyuma muzomutege azakubasaba ibindibiringo vyogura uburundi nabivuze nawe yaravyivugiye nabajejwe kwubahiriza ibwirizwashigiro eka nigihangange KAMBANDA Ko Nkurunziza agisigaranye ikiringo kimwe gusa kobamutoye canke ntibamutore nubwanyuma.

  • ariko uwiteka wagarukiye uburundi umwanya umwe ngo turikwije naho amakungu atodufasha. Uwundi mwanya ngo amakungu ntaduhebe nagume adushigikira.izimvugo zirababaje kubantu basenga.mbega umukuru wigihugu ataraza uburundi bwarihe? Niyahava uburundi buzoba he? Iconzi co gusa nuko Imana niyo yamaho ibihe vyose nayabantu bahita vuba nkamashurwe!

  • ubu hasigayeko amakungu akora ivyayo.jewe icombona.nuko.hoba. intaro nfatakibanza hama hakirwa ukuntubotunganya.amatora.nahandi umengawe ntabinezwe kandibimuraba.hoho seni.irahera.yidohora.hagiye 2.babiri..ejo ni5.arabe neza.ok.murakoze

  • basha mwutindere ubuhanuzi musengere igihugu Damascene Gakwaya yagize ati ikimetso cambere amatora ntazoba ntiyabaye mwitege ivyohanyuma uwo yitega forfait vyahinyutse basavye icegeranyo camatiera ya 2010hama batanga ya 2015 iyo ceni yinkinamico yahinyutse baheze bahunga senga Imana yitorere umurongozi mwiza kandi abishoboye

  • REKA DUTWARE NAMWE MUJEMUMYIYEREKANO MUZOPFE ATACOMWIMARIYE!

  • turamushimiye kuk nunva yavuze neza cane,arik ntiyibagire kukebura nyakubahwa ahebe ikiringo ca3

  • turamushimiye kuk nunva yavuze neza cane,arik ntiyibagire kukebura nyakubahwa ahebe ikiringo ca3

  • vyukuri nyakubahwa nkurunziza wemerwa nabake kandi gutsinda wotsinda kubera uryamukwe wuburundi yagize lcagufasha mugabo imbonera kure zirateye umutima uhagaze abarundi kundero nke bafise mugabo ntamvura idahita kandi uzoribwa nuwowizeye nkuko inzoka irya umuntu munda ariwe nivyo uzuvyibuka wotuma urya ayo nadibarashaka nturi samurarwa wuburundi

  • mbe abashinganahe mu burundi barahonye bose?abasigaye mbona ari aba comedien gusa kuko sinumva ingene amatora azoba nabari muri CENI baguma batanga imihoho

  • Nibarek kwirigwa baratumwanya ngo batora abandi akananiye umugabo nuwundi karamunanira kiretse boshirayo nyamitwe .ikibazo uburundi bufise bwagitewe nizonkinamico nyene kuvuga ngo bose baj mumatora har bamw bafisinkoho nabandi batazifis ?kuki gamutama utinya kuvugukuri?

  • Mubisanzwe Jewe Nkumwenegihugu Nifuza Koyoba Kwigenekerezo Itegekanijwe Kuk Biruhisha Kandi Bigatera Amakenga Abenegihugu Bobashaka Kwitorera Indongozi.Kuk Umutekano Urakwiye.

  • MBEGA KO MBONA ARI UMUHUTU AKWIJE AMATEGEKO ,NTIBOMUHA IGIHUGU PETER AKAJA GUKINA AKABUMBU

  • nimuyarekabe gukohamazegupfavyishi.ntacomukigarura

  • NGERAGEJ KWISHURA FORTY ONE 41 SVP KVUGA MENSH 6KO KYAMARA KNDI TOUTE LA VERITE NE PAS BONNE A DIRE HARI ABANTU NKA BA FORTY ONE 41 ARAB ICUPA GSA.NAGOMBA MUMNYESH 41 KO ICIYUMVIRO CIW KITUMVIKANA!!!!! KK NATW ABA FORTY 40 DUKENEY KAZOZA KEZA " INDA URAYIBWIR IC UYIRARIJ NO IC UYIHAY" àforty one 41

  • nivyiza kwegeza inyuma amatora kugirango ababonako bazotsindwa babure urwitwazo

  • nivyiza kwegeza inyuma amatora kugirango ababonako bazotsindwa babure urwitwazo

  • Reta ntaco idakora ariko abiyita ko baterwa na politique ntibabibona mbere mbona ko ari iyindi migambwe itazwi

  • Amatora yokwigizwayo.ariko igikuru sukwigizwayo gusa nuko twokwicara tukavugana inyishu z’ibibazo bihanze u burundi.murakoze

  • None ndabajije,amatora niyegezwa inyuma,urumva umukuru w’igihugu azitoza kuko icari kibababaje nuko amatora bayasize hafi? Bibonekako bayahaye ikindi kiringo atangorane yo kwitoza kuriwe,amerika ndayemeye nihakurikizwe amasezerano y’iyarusha areke kwitoza jewe nivyombona. Ko mushimye ngo amatora yegejweyo, imigumuko mwayigira kubera amatora ari hafi? Noshima american ifashe ingingo kukiringo ca gatatu ca peter!nayo ivyo mushima ngo amatora bayegejeyo azitoza vyose n’ubusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.