IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka nshasha yatanguye ibikorwa

Inama nkenguzamateka nshasha yatanguye ibikorwa

mercredi 12 Myandagaro 2015

Inama nkenguzamateka yatanguye ibikorwa vyayo vya mbere kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro irongowe n’uwufise imyaka myinshi mu bakenguzamateka bitavye ibikorwa.

Nkuko bari bahamagawe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu kwitaba ibikorwa vya mbere vy’inama nkenguzamateka,abakenguzamateka batanguye ibikorwa barongowe n’umukenguzamateka Immaculee Ndabaneze afise imyaka myinshi.

Abakenguzamateka baciye bashinga umurwi w’abakenguzamateka 5 biga amategeko agenga ibikorwa vy’inama nkenguzamateka.Vyitezwe kandi ko inama nkenguzamateka ica itora abazoyorongora mu myaka itanu.

Naho umukenguzamateka Immaculle Ndabaneze ariwe yarongoye inama,Yohani Batisita Bagaza niwe yari kuyirongora ariko kuko atitavye vyabaye ngombwa ko asubirizwa.

Mwomenya ko ata numwe mu bahoze barongoye Uburundi yitavye ibikorwa vya mbere vy’inama nkenguzamateka.


IGIHE

Messages

  • NIBAGENDE BIRIRE AMAHERA Y.IGIHUGU

  • nivyiza cane nibashakire umuti ibibazo bihanze uburundi n’abarundi. naho abo batayitavye nabo bizoshika baze bafatikanye nabandi kubaka igihugu,nubwo muri bose atanumwe yigeze atsinda amatora y’umukuru w’igihugu bunyuze mumatora.

  • abobatitavye turabazi kahisekabo’ntabwo arikeza nagato ntibantungany atwara ,abahutu birirwa barapfa baturirirwa mumapine yakoziki?,bagaza yugar amasengero,atem ibitoke,buyoya yicabantu intega namarangara,nibagende twarabahinyuye,bareke abagabo ,nabapfasoni bijunja nijambo bakore ,icanyuma ,niharambe ,nkurunziza,nabagumyabanga,bose

  • emma
    ibikogwa vyiza banyakubahwa mwebwe mwitavye ibikogwa vyunomusi. Abatitavye nabo ngira barabona ko ibikogwa vyigihugu cacu bibandanya gukogwa. Nosaba abo bahoze barongoye igihugu kwitaba ibikogwa none ko batitaba ibikogwa ntibahembwa umushahara wighg?

  • mbega babony atanumwe yarongoy uburundi yitavy ntac bibajij

  • Ni basubirize mu myanya abasivye. Ntakundi. None biyankishije kurya? Iyishwe n’amata ntawundi mwerera.

  • bagaza n"aba ba sans echecs biwe ayo badukoreye akiri mu mugambwe parena,mama jewe ndakunda kumwibagira nya butindi yatubujije kwiga. amashure yose arungika abanyeshure kuri kaminuza akayashira i bururi,natwe adushiriraho ayo kwigisha ngo tuzokwame duforma abana b’imvuvyi,za i na u ayo zakoreye umwana w’umuhutu,ubugesera buraho mumaze kubona ingene asigaye asa,asa n’isato ishaje,puuu,ubu ari muri rebellion ngo baze baturye ivyo binywmaraso,mbega uwobahana abo badatonda bakabasubiriza burundu,ako si akanyaro ko barya ataco bakoze?

  • emma we umuntu asomye ivyo wandika akubonamwo ubujuju bwinshi cane.none ko uvuga gutyo, ntubona iyo igihugu kigeze? Abariko baranyinyurana, ahanini ntibari abagumyabanga mbere bamwebamwe baciye no kurugamba naho wewe ntazi ivyawe? Mukirundi bavuga ngo inkuba ikubise ntuvuge ngo mara abansi kuko n’umukunzi barajana

  • @MUKUNZI
    "NIBAGENDE BIRIRE AMAHERA Y.IGIHUGU"
    None ko ayo mahera ari ku mushiro, mu nyuma bazorya iki? Amabuye?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.