Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka isaba Reta kurondera ibikoresho vyo gukinga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Inama nshingamateka isaba Reta kurondera ibikoresho vyo gukinga (...)

Inama nshingamateka isaba Reta kurondera ibikoresho vyo gukinga impanuka

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Inama nshingamateka yasavye Reta y’uburundi ko yorondera ibikoresho bikwiye vyo gukinga impanuka, ivyo bikaba vyashikirijwe inyuma yaho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokombera kubera umuriro wadutse , igipolisi kikaba camenyesheje ko atabikoresho bikwiye cari gifise kugirango gishobore kuzimya umuriro.

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 4 Ruhuhuma umwaka w’2013, Piyo Ntavohanyuma umukuru w’inamanshingamateka yarasavye ashimitse Reta ko yorondera ibikoresho vyose bikenewe mu bikorwa vyo gukinga impanuka, ivyo akaba yabitangaje mugihe abashingamateka bari mu bikorwa vyo gutanguza inama isanzwe yo muri uyu mwaka.

Muri iyo nama abashingamateka bakaba bazokwiga integuro z’amategeko zitandukanye harimwo,itegeko rishasha rizogenga umwuga wo kumenyesha amakuru , itegeko riraba isubirwamwo ry’itegeko mpana vyaha, n’itegeko riraba ishigwaho ry’umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.