Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yarakoranye mu nama yayo idasanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Inama nshingamateka yarakoranye mu nama yayo idasanzwe

Inama nshingamateka yarakoranye mu nama yayo idasanzwe

jeudi 17 Nzero 2013

Bisabwe n’umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza,inama nshingamateka yarakoranye mu nama yayo idasanzwe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013,muri iyo nama hakaba hazokwihwezwa hongere hemezwe integuro z’amategeko zitari nke.

Mu birori vyo kwugurura iyo nama,umukuru w’inama nshingamateka Pie Ntavyohanyuma yamenyeshejeko hazoba kwihweza no kwemeza integuro z’amategeko zikurikira:

- integuro y’itegeko ijanye n’ivyo amakori ku mafaranga yinjira.

- integuro y’itegeko risubiramwo uturusho duhabwa umukuru w’igihugu.

- ivyegera vyiwe hamwe n’abandi bari muri reta.

- integuro y’itegeko risubiramwo itegeko no1/03 ryo kuwa 28 Nzero 2010 rijanye n’itunganywa hamwe n’ibikorwa vy’umuhuza w’abarundi.

- integuro y’itegeko risubiramwo itegeko no1/18 ryo kuwa 25 Nyakanga 2007 rishiraho igikorwa.

- itunganywa n’abagize ikigo kijejwe kugenzura ibikorwa vy’ibimenyeshamakuru CNC.

- integuro y’itegeko rijanye n’irihwa ry’ikori k’umushahara w’abategetsi bamwe muri politike n’abandi bakozi bo muri reta.

Umukuru w’inamanshingamateka yamenyesheje kandi ko hazoba kwihweza no kwemeza ihinyanyurwa ry’integuro z’amategeko yavuzwe aho hejuru rizoba ryagizwe n’inama nkenguzamateka.

Umurwi ujejwe ivyo ubutunzi wasabwe kwihweza integuro y’itegeko isubiramwo itegeko no1/02 ryo kuwa 17 Ruhuhuma 2009 rijanye n’amatagisi arihwa ku nyungu TVA.

- integuro y’itegeko rijanye n’amakori ku mafaranga yinjiye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.