Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yaraye itoye integuro y’itegeko rigenga amatagisi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inama nshingamateka yaraye itoye integuro y’itegeko rigenga amatagisi (...)

Inama nshingamateka yaraye itoye integuro y’itegeko rigenga amatagisi y’inyongera

mercredi 24 Mukakaro 2013

Integuro y’itegeko nimero 1/02 ryo kuwa 17 Ruhuhuma 2009, rigenga amatagisi y’inyongera yari imaze iminsi yiyamirizwa n’abatari bake harimwo abahurikiye mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike yaraye itowe n’inama nshingamateka mu bikorwa vyayo vyariko bibera mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe.

Muri ivyo bikorwa vyatanguye ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri, inyuma y’insiguro zatanzwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta ku nteguro y’iryo tegeko, abashingamateka baciye baritora ijana kw’ijana. Ku bashingamateka 92 bari bitavye ivyo bikorwa, bose bararitoye, hamwe na cumi bari bari batumye.

Muri bimwe biri muri iryo tegeko, twobamenyesha ko itagisi ry’ibifungurwa biva hanze ryavuye ku bice 18 kw’ijana bija kuri 10 kw’ijana. Imiduga n’ibindi bikoresho vy’agaciro bivuye hanze bikazotangishwa itagisi. Hariho n’amatagisi mashasha agiye gutangishwa ku bafata indege berekeza mu mahanga. Ibikoresho vyo kwa muganga, amatara n’amazi bikaba bitarabwa n’iyo tagisi y’inyongera.


Egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.