Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yemeje integuro z’amategeko zibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inama nshingamateka yemeje integuro z’amategeko zibiri

Inama nshingamateka yemeje integuro z’amategeko zibiri

mercredi 26 Munyonyo 2014

Inama nshingamateka yemeje ata n’umwe avuyemwo, integuro z’amategeko abiri kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Munyonyo.

Muri izo nteguro imwe iraba iyemezwa ry’amategeko agenga ifaranga rimwe mu karere k’ Afrika y’ubuseruko, iyindi nteguro yitegeko ikaba iraba ukwemeza amasezerano hagati y’igihugu c’ Uburundi hamwe n’ishirahamwe ribuza abakoresha ibigwanisho bicira ubumara OIAC (Organisation pour l’interdiction des armes chimiques).

Ku cerekeye integuro y’itegeko iraba ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu karere k ‘ Afrika y’ubuseruko ,abashingamateka bashatse kumenya nimba igihugu c’ Uburundi kizoba caramaze kuriha imyenda gifitiye ibanki nkuru y’igihugu . Umushikiranganji w’intwaro ibereye yishuye ko bishoboka kuko ivyo bihugu biri mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko bifise ikiringo co gushika mu mwaka w’2024 kugira bazobe bujuje ibisabwa vyose.

Uwaserukiye Reta y’ Uburundi muri ivyo bikorwa mu nama nshingamateka yamenyesheje ko Reta y’ Uburundi ifise umwenda w’amafranga ugera ku 667.581.000.000 y’amarundi muri ayo 468.148.000.000 akaba arayo ifitiye ibanki nkuru y’igihugu.

K’ubwo umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, Ernest Mberamiheto, ngo birashoboka ko Uburundi bushobora kuba bwikuyeko uwo mwenda mu myaka icumi iri mbere , imbere y’uko haba ishirwaho ryo gukoresha ifaranga rimwe muri bino bihugu bigize akarere k’ Afrika y’ubuseruko.


Floxella Karire

Messages

  • Nta mugabo atagira umwenda,abayiba!kimwegusa n’uko yogaburira abana biwe uko bikwiye ntihabe umwana nigitorwa.ico mbona n’uko mw’iyo myaka10 yukuriha iryo deni,ata mugambi Uzosubira kurangurwa;aho gukora umugambi, bazoca bayariha. ico ntazi n’iyo bazoyakura.Ariko ikibabaje n’uko mu bakozi b’iyoleta notament"abarimu", bafashwe nabi cane n’iyobagize ngo bararyogoye,bakubitwa ku munwa. murumva ko iryo fakara ry’amahera ryose biherejemwo,tuzoyarihatutayariyeko ;barakwiye kwikubita agashi,itunga ry’igihugu risabikanywe propportionellement.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.