Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yaratanguye ibikorwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yaratanguye ibikorwa (...)

Inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yaratanguye ibikorwa vyayo

mercredi 23 Nzero 2013

Inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yaratanguye ibikorwa vyayo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2013 I Bujumbura,ibikorwa vyuguruwe n’umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza.

Muri ivyo birori vyo kwugurura ibikorwa vy’inama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko,umukuru wayo umupfasoni Margaret Natongo Ziwa yarashimiye Leta y’u Burundi kubona yaremeye kwakira ibikorwa vy’iyo nama yongera arashima intambwe u Burundi bugezeko mu bijanye n’indero,iterambere hamwe n’umutekano vyatumye mbere u Burundi buja gufasha mu kugarukana umutekano mu bindi bihugu.

JPEG - 87 ko

Kubwo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,yarashimye cane kubona iyo nama nshingamateka yatunganije ibikorwa bikabera m’u Burundi,yongera arashima igikorwa cayo co guhuza abanyagihugu bo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko.
Umukuru w’inama nshingamateka y’u Burundi nawe akaba yarakeje uwo mukenyezi arongoye iyo nama nshingamateka.

Nkuko Jeremie Ngendakumana ari mu bashingamateka baserukira u Burundi mu nama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko,ngo ibizokwihwezwa muri iyo nama,harimwo kwihweza ibikorwa vyo mu migwi iraba ibijanye n’ingenzi,uburimyi hamwe n’ibidukikije.Hazoba kandi integuro z’amategeko zizozanwa n’abashikiranganji batandukanye.

Tubibutse ko ivyo bikorwa vy’iyo nama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yatanguye kuri uno wa kabiri izomara iminsi 10 kuva igenekerezo rya 22 Nzero gushika Igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2013.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.