IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC irangiye hafashwe ingingo yo kwegeza (...)

Inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC irangiye hafashwe ingingo yo kwegeza amatora inyuma

dimanche 31 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko munama barimo i Dar es Salaam irangiye basaba ko amatora yokwegezwa inyuma ukwezi n’igice.

Ico kiringo cose kizoba gihariwe n’ukuyaga n’abegwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi, kugira batorere hamwe umuti ku ngorane ziri mu gihugu, Ikibazo kijanye n’ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza ntaco bakivuzeko

Mwomenyako muri iyo nama Umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’Umukuru w’igihugu c’Urwanda batayitavye.


IGIHE

Messages

  • nuko mutama yokwitegereza ibibereye akabaza IMANA numitima ineza agahitamwo igikiza abarundi bomuntarazose namokoyose nkumuvyeyiwabo.nayubundi biragoye.

  • Nn ga bizocabigenda gute vya PItaPIta bizoca bigendagute?nabise abandi batware.

  • Ubuho Bamwe Barindiriye Gusubira Mumigumuko Bahava Bavyifata Gute, Sha Burakeye Tuhereke Abagabo.

  • nagize amahoroambega yemwe mwe muzi ibintu nibindi mubona hagiye gukurikira iki murukwokwezi nigice kwose?

  • Yoo Pacifique ariyahura. Nta kundi niyemere Nkurunziza asubire amutware imyaka itanu

  • Ahaaaaa!C.N.D.D-F.D.D,uprona Ya Concilie,urunani Copa Na F.N.L Ya Jacques Murisigiy Gusiba Pé!Le05 Nzoraba Iyomuja!Mugabo Urugamba Rurabandanya Tu,mpaka Petero Asokoye!Nimumubwire Asokor Rka Kurya Umunwa!P6

  • EREGA NTIBASHOBORA.KWIKURA AMATA MU KANWA NABONYENE ASHOBORA GUKENERA IKINDI KIRINGO ,REKA TURINDIRE ARIKO PETER YARI AKWIYE GUHINDURA AMATWARA YE!

  • Akimuhana kaza imvura ihise, abarundi tutirwaniye ntanakimwe kizova hanze, mu menye neza ko Kikwete ashigikiye Peter ko yitoza ubugira 3, niwe yamuzanye we nyene amukura i Dar es Salaam amushikana kuri frontiere ya Tanzania n’uburundi, mwaraye mubonye ko bafashe les politiciens burundais barabankira ko binjira i Dar es Salaam, mwabonye ko Kagame atitavye inama. Iyo nama ntacavuyemwo. Ntakurera amaboko

  • none abatamushigikiye barindiriye iyindi myaka itanu bitwayiki? erega nkurunziza vyose arabibona. ukora ivy’azi annya ahetse umwana

  • Abagira akajagari muramenyekany.ubu naho?turazi neza ko mudashaka amatora.komera bagumyabanga n’incuti zacu.

  • NIBAZAKO BABANJE KURABA UBURYO BUMAZE GUKORESHWA NIVYOBA BIPFUYE MUGIHE AMATORA BOYIGIZAYO BAZORABA AHO UBURYO BUZOVA.

  • nkore nshimwe yaguye mw’isemo!mwa ba polici eka n’abo bose bagomba kwigura umuntu umwe atariko arondera urukiza,ari amaronko yiwe.Muzorira Atawe muyaha.Imana Ihora Ihoz

  • Barundi barundikazi,

    Ndabaramukije amahoro y’imana.Abo bakuru b’ibihugu bagize neza kutiga ikibazo nyamukuru kiraje ishinga abarundi "3 eme Mandat" kuko babonye ko bitabaraba!!!Muravye neza bamwe muribo bafise ikibazo nkico mu minsi iza Gikwete nawe ahruka kuronka igice c’uburundi atagwanye,nico gituma birabiye hirya!!!

    Iki kibazo ntidusubire kwibaza ngo kizotorerwa umuti nabo hanze,abarundi nitwe tugowe,dutegerezwa guhaguruka!Ibi ivyo twaretse ngo abo hanze batwigire,bakaciga birengagije ikibazo nyamukuru"Ubutegetsi bubi" bakavuga ngo "amako"niyo ntandaro y’ibibazo ngira murabona aho bitugejeje.Umuhutu,umututsi,umutwa atazi gusoma no kwandika,atagira uwumwubakira akazi ,yaba uwo muri NORD,SUD,OUEST ET ESTnta tandukanirizo rihari bafise ingorane imwe.Ikibazo rero ni rwacu barundi ,haguruka.None umunsi Peter,yosaza,canke agapfa igizosubira igihugu ntikikizosubira gutwarwa????????????aho hose uburundi bwari kujana na Rwagasore canke Ngendandumwe bitanze gushika aho bapfira ABARUNDI.

    Ubugabo burihabwa.

  • yewe ntimubonako Peter atanguye kubatsinda hakirikare,abamurwanya mwarakoze amakosa menshi atuma amakungu abatakariza umwizero wagira mwarateguye intambara yeruye yo guhirika ubutegetsi.

  • Ndashima kubona bigijd inyuma amatora ahubwo babasabe gutekereza nokureka les oposition nayo yiyamamaze

  • Mbega commentaire z’umunyagwanda turazikeney!raba ivyiwanyu kuko vyarabananiy.

  • Ivyuburundi biraba abarundi nta commentaires zabigira abavugiza ba Nkurunziza dukeneye!! ikindi naco simbona neza ico abo bakuru bibihugu mu karere Uburundi burimwo bafashije canke bamutinye!!!! ntakundi!! iyo umuzimya muriro agavye ucukoma induru!!!

  • Ivyuburundi biraba abarundi nta commentaires zabigira abavugiza ba Nkurunziza dukeneye!! ikindi naco simbona neza ico abo bakuru bibihugu mu karere Uburundi burimwo bafashije canke bamutinye!!!! ntakundi!! iyo umuzimya muriro agavye ucukoma induru!!!

  • kwegeza inyuma ikiringo nivyiza arikobose babareke bindegevye nayo ahandi nzatwaro nfatakibanza zizoha zishika

  • Ahubwo nukwitondera ivyihetse inyuma yiyo nama.mbega kwegeza amatora inyuma babona arinez yabarundi.uwuzitaba azotora uwutazitaba bimushe.ivyuburund ntibavyivangemwo igih barindiriw kirahagije.burakey tuharabe.

  • Icyo nkundira KAGAME nuko atajya ajya mu nama z’amafuti ziyobowe n’ibijuju. Murebe ukuntu yanesheje abahutu (interahamwe) kugeza naho isi yose izivuma zikaba nta jambo zizapfa zisubiriye kubona kw’isi nzima. Abarundi mubareke ni ibigwari bazahora bangara kandi bazahora mu bukene kugeza Inzamba ivuze

  • Jewe ntavyishi mfise novuga.ariko ndizera imana ko ishoboye vyose. Kuko imana ifise ubwenge burengeye ubwa bana babantu. Kandi nizera imana ko ariyo yonyene izokwicira urubanza.kuko imana ntishobora kwihanganira amaraso ya bana bimana ko aguma aseseka!!!!! Shitsa isezerano mana.

  • ICO ABARUNDI DUKENEYE N’AMAHORO. IVYOKORWA VYOSE ARI IBIYATUZANIRA,TWE NIVYO TWOSHIGIKIRA.

  • ABARUNDI DUPFAUBUKENE NTIDUPFA AMOKONINTARA ESUKUNTUTWARIDUFISE IGIHUGUCIZA NUBUTUNZI NKIKAWA UBUTARE NICAYI NAMAZI MENSHI KANDIMEZA ABANYEPORITIKE IMANA IZOBABAZAVYINSHI KUBERA BIKWEGERAKO BIGATUMA BIKWEGA INDYANE KUBONA TUGIRA INZARA nubukene DUFISE ISI IMERABIRABABAJE URWORWARUKA RWIRIRWA MWIBARABARA NTAKAZI BAGIRA NIHABE UBURIMYIMUBURYO BWANONE NAMAHINGURIRO INDYANE ZIZOGABANUKA JEWE NDABASENGERA NGwIMANA IBAKORESHE

  • ABARUNDI DUPFAUBUKENE NTIDUPFA AMOKONINTARA ESUKUNTUTWARIDUFISE IGIHUGUCIZA NUBUTUNZI NKIKAWA UBUTARE NICAYI NAMAZI MENSHI KANDIMEZA ABANYEPORITIKE IMANA IZOBABAZAVYINSHI KUBERA BIKWEGERAKO BIGATUMA BIKWEGA INDYANE KUBONA TUGIRA INZARA nubukene DUFISE ISI IMERABIRABABAJE URWORWARUKA RWIRIRWA MWIBARABARA NTAKAZI BAGIRA NIHABE UBURIMYIMUBURYO BWANONE NAMAHINGURIRO INDYANE ZIZOGABANUKA JEWE NDABASENGERA NGwIMANA IBAKORESHE

  • NENE YASEKWITABA INAMA KUBERA IKI?MUGABO MURAKOZE NOGUFATA IYONGINGO YOKWIGIZA AYOMATORA INYUMA KUGIRA BOSE BIYAMAMAZE

  • mbega nyakwubahwa president Pierre nkurunziza natemera iyo ngingo hazokurikira iki??

  • None Ko Bavuze Ngo Begeze Amatora Inyuma Abatanze Iryo Tegeko Barazi Ikirangamisi Cari Cafashwe Kocari Cegejwe Imbere None Bazoguma Begeza Imbere Gushika Ryari?Nyakubahwa Murongoye Ceni Ntimwemere Agasuzuguro Kuko Abanyamigambwe Bariteguye Bikwiye Abatiteguye Bishinze Imyiyerekano Abandi Nabo Bishinga Kudeta,

  • Ibiriko bibera mubiyaga binini,mbona arivyakera biguma vyisubiramwo.nizere ko ibiganiro vyukuri kwarivyo bizoshikana Uburundi kumahoro arama.ariko ntibagiye guterera iciyumviro kubantu baboshwe namacakubiri afatiye kubwoko,abibona kwari abatutsi bujuje ubututsi nibigire mu Rwanda bitwarigwe nabatutsi,abahutu nabo bigire Muburundi batwagwe nabahutu,induru zihere.hanyuma murwanda bace biga ururimi Tutsi,muburundi,Hutu.hanyuma abumva ko hose bakenewe murivyo bihungu vyose bubahe inzego zigihugu,ivyo kwisamburirako nkimpene tubisezere.imiduga iturigwa,amabaabara aturigwa ntacazira,1962,1972 Na 1993,hariho abari bafise uburenganzira nkubwanyu bobo nari nokwitwaza ibiruta ivyo mwitwaza ntibigeze bafata izongingo zo kwiyahura.

  • Ibiriko bibera mubiyaga binini,mbona arivyakera biguma vyisubiramwo.nizere ko ibiganiro vyukuri kwarivyo bizoshikana Uburundi kumahoro arama.ariko ntibagiye guterera iciyumviro kubantu baboshwe namacakubiri afatiye kubwoko,abibona kwari abatutsi bujuje ubututsi nibigire mu Rwanda bitwarigwe nabatutsi,abahutu nabo bigire Muburundi batwagwe nabahutu,induru zihere.hanyuma murwanda bace biga ururimi Tutsi,muburundi,Hutu.hanyuma abumva ko hose bakenewe murivyo bihungu vyose bubahe inzego zigihugu,ivyo kwisamburirako nkimpene tubisezere.imiduga iturigwa,amabaabara aturigwa ntacazira,1962,1972 Na 1993,hariho abari bafise uburenganzira nkubwanyu bobo nari nokwitwaza ibiruta ivyo mwitwaza ntibigeze bafata izongingo zo kwiyahura.

  • mbonankira charle, ivyo uvuze nivyo. Nokongerako yuko abarundi ni abanebwe.

  • Karahabutaka wewe mwenakagome wawe muzogira iherezo rimwe mtaliwa na samaki

  • Kubwanje amakunku arahevye abatavuga rumwe na leta.

  • JEWE ICO NOBABWIRA IVYO KUGIRA MANIFESTATION OU IBIGANIRO AHA NA HARIYA NI GUTA UMWANYA DUFISE DEUX SOLUTIONS GUSA :

    1. OU TUREMERA ¨PETER AZOKWAME ADUSOBA MU KANWA UBUZIMA BWACU BWOSE
    2. OU TURAFATA IBIRWANISHO TWIGWANIRE IGIHUTE KIMENEKE UWUPFA APFE ABASIGARA BABANDANYE URUGAMBA,,,,,

  • Ico kiringo bafashe ni kigufi ufatiye ku kuntu abarundi benshi bibagora guhindura ingingo baba bihaye/bafashe,ibikenewe gukosorwa kugira mu matora hajemwo ababifitiye uburenganzira kandi yizerwe na bose tutibagiye gutahukana abahunze(bazitoza n’ abazotora).Amakungu tuyasaba gufasha umugambi w’amatora:gutunganya ibiganiro,amafaranga; hamwe n’abarorerezi 2 kuri bureau z’amatora zose mu gihugu(n’abasirikare baja gutabara inganda zimaze gutikira bahora barungikwa mu bihugu bitari bite:kurungika abarorerezi si co kigoye cane).Kuvyerekeye impari ku kiringo kigira 3 c’umukuru w’igihugu mbona igikwiye ari uguhamagaza abantu bose batanguje n’abahagarariye ibiganiro vy’i Arusha bagatanga umuco:nkaba nizigira ko benshi bakiri bazima.NI HAHANGAME AMAHORO N’UMWUMVIKANO MU BARUNDI.

  • JEWE SINIGERA NJAMUVYAPORITIKE ARIKO PORITIKE IYO IBAYEMBI ABENEGIHUGU TURWMUMPORERO JEWE UWOMPA UMURIYARIDI WAMARUNDI NOFASHA IMIRYANGO IGERA 2000/ UBU NIMBUYE 50 TONES ZIBIGORI VYAHAYE AKAZI ABATARIBAKE ARIKO NAHO NDIKONDAKORA IVYIZA NTAWUNYUMVA IBICANYI NABATURIRA NABASAMBURA BAKUMVIRWA NKARINDA GUKORESHA INGURANE NDIHA ENTERI YA 18 % NIMFASHANYO ZITANGWA NTIZINSHIKIRE INYISHU YIBIBAZO NUGUKUNDABANDI NIBIKORWA BENSHIBAGOMBA UBUTUNZIBATAVUNITASE NICOGITUMA BIRUKIRA MURIPORITIKE NIBIKEBUKE BIGE GUTEZIMBERIGIHUGU AHOKWIGA KWIBA NOGUKUMIRANA TWESETURABARUNDI NITUREKE GUSAMBURA IGIHUGU IMAMANA YADUHAYE NIMURABEJEWE IVYONKORA KURI SITE WB/ www.cpsburundi.org none miriyoni imwe yonyene yokorankukonkora ingorane ntozogabanuka murakoze

  • Mubisanzwe igisigaye nuko abarundi twokwihana ibibi twakoze hama tugasenga Imana imanure amahoro yayo.

  • ABARUNDI DUKENEYE UMUTEKANO AMAHORO MUGIHUGU C’UBURUNDI UMUKURU WIGIHUGU MANDA YIWE YARAHEZE

  • Alain Nyamitwe, nouveau ministre des affaires etrangeres du Burundi, a l’air de ne pas savoir ce qu’il fait sur les lieux...

  • Erega abakuru bibihugu nabantu bababajijutse ntakuntu bozakwisuka kwibwirizwa shingiro ryigihugu icaricocose nubwobovugango barivugeko vyosabwako bariya bashinzwe kuryubahiriza bobaribo bocako bakamera nkabababaza ibijanye naryo. Ndongeyekubabwira benewacu ruryarubanza rwaciwe nabashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro nintayegayezwa. Twese iyaba aruguhindura ibwirizwashingiro nkakurya bariko barabigira mu Rwanda vyarikutugora kwemera kandi nabashinzwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryuburundi tibobishigikira.

  • Ndashimye ingingo yafashwe n’abo bakuru b’ibihugu. Umuntu abaravye neza ivyo bigamije kwigizayo Nkuru. Hamwe vyokwirikizwa ejo bamwigizayo adatera n’igere

  • ABOBANYAPORITIKE BEMERE IVYOBAZONKA KUKO BAZOBIHABWA NABAYAGIHU NAYO IVYOKWIYONJORORA BABIREKE IKINDI ABAHU NZE NIBAGENDE BABACURE MUMIGABWEYOSE

  • @ Mbonabucachailes, Ndakwubashe kandi ndaciye bugufi uri umuvyeyi wabarundi bose Imana ikomeze kuguhezagira, ariko nciyembabazwa nukundu abavuga ngobarakundabarundi wewe atawuguha ubushobozi bwokugira ukomeze ivyobikorwavyawe ariko ugasanga abaturirira abantu mumabarabara, bugara namabarabara aribo bahabwa ijambo kandi bakavuga bakumvirwa nomukubaha amafranga yokujaguturitsa ama grenade mugihugu bakivayo!.

  • Nibaza ko iyi decision ya EAC ari iyo guha Petero akaryo ko kwihanura. Communaute internationale yaramaze gufata decision. Uburundi bwarabuze amahera y’ amatora sinzi ko buzoronka amahera yo gutunganya budget y’ imyaka iri imbere!!!

  • jewe.nshaka,amahoro kugira dukore ivyatsu dutekaniwe ntakindi nshaka namahoro

  • jewe mbona ko bose,yaba abanyapolitike b’uburundi yaba aba president ba EAC bose mbona ko bariko bakina inkina mico.kuko basanzwe bazi ko ikibazo c’uburundi atari igihe c’amatora aho azobera,kuyegeza inyuma naho boshaka bakanayegeza mumezi atanu ari imbere ntaco vyofasha kuko ikibazo ntabwo ari ico..ikibazo nuko ibwirizwa nshingiro hamwe namasezerano yiharusha vyubahwa ntabwo ari igihe amatora azobera uko kwezi n’igice bongeye bingana n’imisi manifestation imaze ihagaritse ubuzima bw’igihigu,ahubwo ikintu bari bakwiriye gukora nukubanza bagatorera umuti abo bari mumwiyerekano maze bagaca bitegurira amatoro...Peter avuga ngo ntegerezwa kwitoza uwanka yangare canke yicwe,,,,abanyagihugu bakavuga ngo Peter hako yitoza ubugira gatatu yofuma atwica twese akatumara kuko nubundi abafuye n’inzara n’ubukene mumyaka cumi yaratwaye barafuye...aho niho ikibazo c’uburundi....kuko ejo burakeye manifestation niyabandanya aba police n’imbonerakure ntibibarwa nabi mukurasa abanyagihugu hama kwakwezi n’igice birangire atakintu kirahinduka aho se bazoca bongerako amezi angahe??nibareke gukina comedi kandi bareke kwirengagiza ingorane z’uburundi kandi bazibonadi

  • Ya mihirimbiri yirwa mwibarabara none isigaye he ko imwaye. Bajye bata umwanya ubukene bubereke. Ndasaba abarundi b’umutima gukomeza kwikorera akazi kanyu uko bisanzwe mukareka abo ba sans echecs bagakomeza kurindagira. Politique ngira niba bazi ubwenge babonye isomo. Perezida ni umwe ntawundi. Nibajye mumatora turebe imbwa n’umugabo.

  • uko niko ibara rirwa maze rigaca riba umugani kw’isi abantu birebebera,,,,ibiganiro bitavamwo ikintu vyama vyarabaye....1994 ibiganiro barabaho ariko ntivyabujije genocide ko ubura kubaho gushika nubu genocide mu rwanda yaba history kw’isi yose,mutaravye neza ubu muburundi ko hatanguye kuba ibiganiro ataco bifasha bakirengagiza ikibazo kandi bakibona bose,nihavukamwo ibihambaye ntimuze mutangare

  • nibabireke kuko nta tension iri mugihugu kuvyukuri nta muhutu azokwica umututsi kubera iyi mandat ahubwo bagende mugihugu bigishe tuzobatore 2020

  • Mbega yemwe kombona amasengero ari meshi muburundi, abakirisu bariko bakora iki mubih nkibi turimwo?MANA, turagusavy usubire ureme UBURUNDI amen.

  • Nta ngingo yo kuzana amahoro ishobora kuva muba perezida ba EAC. Muti gute? Kubera ko ingorane nyamukuri ni ikiringo ca 3 ca Nkurunziza ubiravye neza usanga bamwe muribo bafise iyo ngorane nyene iwabo abandi bafise utuntu basangiye na Nkurunziza. Ex. Museveni amaze gutwara imyaka 29 kandi ashaka kwiyongera utundi tu mandats. Kagame amaze mandats 2 none ashaka kwiyongera akamandaa ka 3 k’imyaka indwi mbere ngo amaze kwegeranya imiliyoni nka 3 z’ama signatures ngo y’abaturagi bamusaba kuguma ku butegetsi mbere nabatama nabatamakazi batazi gusoma no kwandika ngo baraye babimenye kuko baranditse: biratwenza cane. Kenyatta wewe i La Haye baramurindiriye aheze mandats ziwe harya babaye baramubitse. Kikwete kuva aho agiriraniye ingorane na Kagame umugenzi asigaranye ni Peter impunzi cholera irazimaze muri Tanzania ariko Kikwete umengo ntaco anezwe. None abo ba perezida ba EAC mwumva botumarira iki?
    Ivyo kwunguruza ikiringo camatora siyo nyishu kuko sico kibazo. Nimba amatora yari kuba muri Mai azoba muri juillet bisigura ko umukuru w’igihugu yorahiye le 26 aout azorahira muri Octobre. None ko kuva le 27 Aout Nkurunziza atazoba acemewe namategeko igihugu kizoba kiramutswa nde? Ukwezi nigice ni vyahera ibintu bikimeze uku canke vyunyutsee amatora tuzoca dusubira kuyigizayo?
    Mu kurangiza murasoma kuri facebook ya Hussein Radjabu yanditse ko barindiriye ko abakuru bibihugu vya EAC babanza kwigwariza ngo bibananiye twebwe abarundi tuzomenya uko tubigenza. Aho none nimba twumva imvugo ya politike ntimubona ko hari ibihe bidasanzwe birindiriye Uburundi ? Imana gusa niyo ishobora gutabara abarundi n’akarere.

  • nivyiza gutanga umwanya wo kwiyumvira kubarundi,nivyanka rwose,hofatwa iyindi ngingo

  • sha mutabazi urateje isoni umuvyeyi yakureze. urazik nawe ubwawe wimaramaje!urashobora gutukana gutyo hama ugashira ibitutsi kurubuga?urihenda ibigwanisho mwahawe bizohindukirira kuri mwebwe nabanyu.uribagiyeko imanga itamarira imana? raba mwashats kwica ngoyagoye imana itoya raba hariya ingozi mwashatse kwicira banshimiyubusa mwisenger imana itoya.kumusi umwe!ntimubonako imana yabavumye!kwica intumwa y’imana vrement!muragowe mandat yagatatu ntishoboka. muriko muruhirubusa.

  • NDASHIMIY ABAKURU BIBIHUGU KUNGINGO BAFASHE YOKUTIVANGA MUBIBAZO VYA BARUNDI OPOSITION NIMARARARE BEMENYE ATAMUGABO AKORERA KUGICURE CUNDI PETER GUMA KWI VOLA ABARUNDI TUKURINYUMA UREKE IVYO BIJUJU BIKINIRA POLIKE MWIBARABARA BAKORESHA ABANYARUMOGI MUGUTURIRA AMAMODOKA YA BENE GIHUGU NO GUTURIRA ABANTU.

  • OYA,NTAKWEGEZA INYUMA AMATORA KUKO HOCA HABA TRANSITION.GUSA AMATORA NABE KARYA GACE KARIKO KABERAMWO IMIGUMUKO BAZOKIGIRA IKIBAZO CAKO MU NYUMA.AHUBWO PETERO NKURUNZIZA NI UMUGABO.ABAVUGA NGO TWABUZE AMAHERA YOGUTUNGANYA AMATORA,OYA SIVYO KANDI IGIHUGU C’UBURUNDI SI ICANA.HARI UMUNTU ARAVUGA KO TWANANIWE?AMATORA AZOBA UKURI KWAMYE KANDI MEZA CANE.

  • abafashijeabanabuburundi kuvamuntambara yariyarabashegeshe nubunibahagurukebabatabare bifashishije ububasha baha we na allah.abanyepolitikebubundinabobame nyeko amarasoyabashumba ba alla abandanyaasesekakunyunguzabo bazoyabazwa .

  • Barakoze Abobanyakubahwa Ariko Nosabako Botegura Iyindi Hamwe Abanya Migambwe Batobihurizako Kuvyobapfa Kuko Cndd Fdd Ntiyiyumvira Gutanga Uwundi Mu Kandida Peter Nkurunziza Ariwe Ateye Impari Twosabako Nicobazocigeko Murakoze

  • natwe iyomanda nayireke atange uwundi mukandida ntate uburundi mukaga nakare ntawusomera induru ivuga natwe abomugihugu hagati tubura aho dukorera imyiyerekano twoyikoze Imana Yomw’ijuru yaduhaye ubugari ngo tubusangire igihugu sica Petero Nkurunziza Nicabarundi Twese Nayo amaraso ariko araseseka azoja kugatwe kwiwe.

  • Iyonama Turayishimiye Turashimiye Naboba Prezida Ahasigaye Nibagirevuba Abanyagihugu Turuhuke Twarambiwe Niyomigumuko Nibemere Ahintahisize Icubahiro Gitangwa Nimana Yonyene

  • abagiz uwo muryango bakwiy gukurir inkoni kugishits nkurunziza ko atarekuriw ikiringo ca 3.

  • nabakuru bibihugu ivyikiringo cagatatu ca petero nkurunziza ntavyo birigwa bararinjora kuko ivyikiringo vyaregamw

  • ABANYEPOLITIKE BAKWIYE KWICARA HAMWE BAKAGANIRA KUBIHANZE IGIHUGU CACU KUK NTAWUZOZA KUKIBUBAKIRA BAGISAMBUYE RERO NIBAGANIRE NK’ABAUKANA NIBERE ABANYEPOLITIKE BAKWIYE KWICARA HAMWE BAKAGANIRA KUBIHANZE IGIHUGU CACU KUK NTAWUZOZA KUKIBUBAKIRA BAGISAMBUYE RERO NIBAGANIRE NK’ABAUKANA NIBERE RYAYAZE

  • Izo nama z’abakuru bibihugu ni nko guta umwanya kuko ntibazi ico bari bagiye kuvugana canke ico bagiye gukora !!! Nama nabo banyoye umufa w’inkona sinzi amatora singobwa kubera naho yo twara imyaka cumi ntibituraba namba ibwirizwa shingiro n’amasezerano yasinywe arusha muri tanzania bimurekurira namba naho bitamurekuriye kwitoza inama z’iki? Canke muriko murondera uwundi muhuza aza kusubirira mandela?ko ibintu bidasaba urubanza birumvikana namba naho udakeneye kuva kubutegetsi bivanye namajambo avugwa naba cdd fdd mukahise kuburundi ico mwamenya revenge doesn’t make different!reka abarundi twubake plz nyakubahwa nkurunziza!ivyerekeye umutekano mu burundi ngo ibice 99.9% iyo singorane namwe igihe mwari mwishamba umutekano wari wose ukwiye mwari muduce tw’igihugu ingwano zari zibereye inyuma y’igisagara ariko abari kubutegetsi ko babonye ko umutekano udakwiye mugihugu baciye baba saba guhagarika intambara twubake igihugu ariko raba iyo mukoze ubu umenga akanyeshamba ntigahera twari tuzi ko muje kw’ubaka none muraturiye amasoko nibinti vyinshi !!!iyo miduga mukoresha mugusukira abantu amazi nk’ibitwegwa ko mutayikoresheje muku zimya ubuzima bwabanyagihugu (marce centrale de bujumbura)?

  • AMATORAYU BURUNDI AMAZEKWEGEZW,INYUMA KABIRI NONE IKIRINGO CA PIEL,NKURUNZIZA NICAHERA TUTARATORA,NINDE AZOBARATWARA UBURUNDI?AHUBWO BURYA IYOPORITIKE BATORE NKURUNZIZA, NIYO IVYIWE BIZOMENYEKANANEZA IKIRINGOCIWEGIHEZE MUKWUMUNANI

  • ubwo ntaco biyagiriza nibaduh’amahoro kuko abarundi turarushe.

  • NONE TWOVUGA KO NKURUNZIZA YASE KWITABIRA IYO NAMA Y’I DAR-ES-SALAAM KUGUTINYA IYINDI COUP D’ETAT?

  • Barundi ukuri gushirira mu kuyaga ntitukwemera,mbe ba mandela,rwagasore n’abndi mwagiy hh?inkina mico nkiyo ntituyemera turarushe.mushakak urwaruka ducanamw?

  • kataciye ingani ngo imisi yose hadutse ikibazo mu burundi bizoba ngombwa ko turorondera abandi bashingantahe!!!umuhuza muburundi ajezwe iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.