IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza ubwicanyi bukorwa mu Burundi

Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza ubwicanyi bukorwa mu Burundi

jeudi 29 Gitugutu 2015, par egide

Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU imenyesha ko itewe impungenge n’umutekano ubandanya gutituka mu Burundi. Nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU nayo nyene ihamagarira abegwa bose n’ibibazo vy’Uburundi ko bohurira mu biganiro bidakumira.

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatatu, inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaraneguye ubwicanyi bubandanya gukorwa mu Burundi, agateka ka zina muntu kabandanya guhungabana, ugupfungwa bitubahirije amategeko vyibonekeza, hamwe n’ukudahana ivyaha. Iyo nama iriyamiriza amabi akorwa mu Burundi, muri iryo tangazo bakaba bamenyesheje ko ababikora bose bazotegerezwa kubibazwa.

Iryo tangazo ry’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba impande zose ko zohurira mu biganiro vyubakiye kw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro, kugira ibibazo biri mu Burundi bitorerwe inyishu. Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ikaba yamenyesheje ko ishigikiye ubuhuza bw’umukuru w’igihugu Kaguta Yoweri Museveni.

Iryo tangazo ry’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasohotse umunsi umwe n’iry’umugambwe CNDD FDD, aho utangaza ku mugaragaro ko biboneka neza ko utwigoro turiko turakorwa na bamwe muba Birigi hamwe n’abanyaburaya bamwe bamwe ata kindi tugamije atari ugushaka kwaka Abarundi ubwigenge bwabo bwo kwitorera indongozi no kwishiriraho inzego zirongora igihugu.
Uwo mugambwe umenyesha ko iyo ngendo ari ugushaka gusubiza abarundi mu buja.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Pascal NYABENDA umukuru w’umugambwe, muri CNDD FDD bamenyesheje ko bababajwe n’inyifato y’Umukenyezi Federica Mogherini wo mw’ Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, aho mw’itangazo yasohoye mu minsi iheze yemanze adakekeranya kw’iryo shirahamwe ritahagaritse imfashanyo ku Burundi ariko ko ryazikatishirije mu bikorwa vyo gufasha impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda n’iziri mu bindi bihugu.

Kubwa Pascal NYABENDA, ishirahamwe rya Buraya ryaramaze guhitamwo ryongera rifata ingingo yo gushinga iyindi Reta y’Uburundi ikorera hanze y’imbibe z’ igihugu , iyo nayo ikaba ifashwa bimwe bidasanzwe n’iryo shirahamwe mu kibanza ca Reta yemewe n’amategeko.


IGIHE

Messages

  • emwe naho bavuga ngo nicayi ndabona bigiye kubagora gutwara abatu mugama mubica

  • Ubumwebwa Bulaya burateye isoni ndemanganezako ahobari nambahakibaho abantu bamaramara baramaramaye , ngwimfashanyo bahorabaha u Burundi ngobazimuriye kuzihabarundi bahungiye Rwanda nahandi? Akamaramaza kagendamunkoko! Jewe ndazinezako kw’Isi yose iyumuntu arinzweyitwa impunzi yataye igihugucayo ikinjiramukindi hariho uyundimufuko wagerewe abantunkabo ivyobarabizi arinacogituma navuzeko baribakwiye kumaramazwa nivyobavuze. Icarikubaciza barikuvugako bahagaritse imfashanyo baha u Burundi apana ngo ntamfashanyo twahagaritse ngoturazirungika!!! Uwovugakonabo bashakako igihugu cuburundi abakibamwobokwimuka bagakurikirana iyobarungika izomfashayo ntiyobayihenze. Nayo abobarikobaricisha abantu ngonukobashigikiwe nubwo Bulaya vyasebukunze buracabara Buryozwa muzobamureba nikazima bamwe mubobatuma gukoramabibafatwa bagasangantatongo bapfanabobaka ubuzima kiretse abiyicariye Buraya babakoresha.

  • MANA TABARA UBURUNDI!!!!!JEWE NAGIRA MPANURE NYAKUBAHWA P.NKURUNZIZA IYO MENDA NAYIREKE TURAMWEMEREYE TWEWE ABARUNDI KO TUZOMUFASHA GUSABA IKIGONGWE KUMABI YOSE YAKOZWE.

  • yoo.ahontakindicokora.uretsimanarugiravyose.yotabaruburundinababurimwo.ndumvakumpandezse.vyakomeye.twokoriki.abarundi?nugusengape

  • yoo.ahontakinditwokora.uretsimanarugiravyose.yotabaruburundinababurimwo.ndumvakumpandezose.vyakomeye.twokoriki.abarundi?nugusenga.pe

  • igihe
    nyamba ari ica nyangoma
    kuki mubesha amakuru ya bbc
    nuko bimeze? ububeshi.com
    twarabahinyuye mwantunvamwe ibihugu cumi na bitanu vyemeyiki www.ubujuju;http://ububeshi.com

  • Reka ababazungu bashaka twame muryane aho boshinga reta itazwi nabene gihugu wumva harikindi bagamije atarugusubiza bene gihugu mu buja

  • aboba dd bazikwica nokwiba ntibazi gutwra

  • Ariko birateye isoni kubona Uburundi butogwa muvya Gateka kazina Muntu bakubahuka abantu bica Intama ni myagazi zazo. Bakica nabari guhamba hanyuma ngo batowe ntanisoni bagira bagenda bagahohosha abo bahejeje kurasa, Nukuri iryo togwa ntihagire uwuryemera kuko nibara. kandi twizere ko Imana igira ice urubanza niyo itarenganya. Igwanira abarengaywa. Amaraso yose aseseka naboroge ashikire Imana imanukanwe no gutabara!!

  • mb pascal yibaza ko abafashe izongingo batiz nkuko yize?Namaramare neza!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.