Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indarangavye zarungikiye ubutumwa budasanzwe inararibonye muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Indarangavye zarungikiye ubutumwa budasanzwe inararibonye muri (...)

Indarangavye zarungikiye ubutumwa budasanzwe inararibonye muri Uprona

dimanche 17 Munyonyo 2013

Indarangavye zihurikiye mu mugambwe w’abadasigana Uprona zo muri kaminuza y’Uburundi, zisaba abadasigana bacanyemwo kubera uburongozi bubi buhitiye muri uyo mugambwe gusubiza hamwe mu ntumbero yo kwubaka umugambwe barazwe n’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore.

Ibikorwa vyo gutora umunyamabanga wa mbere n’uwa kabiri mu mugambwe Uprona muri kaminuza y’uburundi birangiye, abatowe aribo Bernard Hakizimana na Ildephonse Hakizimana bakaba basavye abari baserukiye umugambwe wa Rwagasore muri ivyo bikorwa kubashikanira ubutumwa imbere, ubutumwa bwavuga ko amashami ari muri uyo mugambwe yohera, abadasigana bagasubirana, urukundo n’ubumwe barazwe n’uwarondereye intahe y’ukwikukira Uburundi, bikagaruka mu badasigana.

uwambaye agapira kera yatowe kurongora Uprona muri kaminuza uwundi atorwa kuba icegera ciwe

Abatowe rero kugira barongore urundi rwaruka muri kaminuza y’Uburundi mu mugambwe Uprona, akaba ari urwaruka rwahora mu murwi uvuga ko wipfuza kwambika umutamana Uprona, aho vyagaragaye ko hari urwaruka rwinshi rwahora rudacana uwaka kubera indyane zadutse muri uyo mugambwe, inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Bamwe mubo twashoboye kuyaga, bakaba bemeza ko bagarutse gufashanya n’abandi kwubaka umugambwe, kuva aho Abadasigana baboneyeko umugambwe wabo warongowe nabi n’umushingamateka Niyoyankana Bonaventure ari kumwe n’uwari icegera c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza bakuweko icizere n’abadasigana, ko bakoreye nabi umugambwe, bigatuma abadasigana bacanamwo.

Izo ndarangavye za Uprona rero, zikaba zisaba umukuru w’umugambwe umushingamateka Karori Nditije, kubandanya afashanya n’abandi bashingamateka mu gikorwa batanguye co kunywanisha abadasigana, kandi kugira ntikize gisubire inyuma nk’uko yavyivugiye, ku wa 13 Gitugutu uyu mwaka, mu gihe abatipfuza ko ugusubiza hamwe kubaho, bakuweko amaboko n’umugambwe. Muri urwo rubanza rero bamwe muri urwo rwaruka bakaba bivugiye batarya umunwa ko iyo baguma mu nzego za Uprona ntibaje mu wundi murwi w’abadasigana utavuga rumwe n’umugumya, Sinunguruza na Niyoyankana Bonaventure batari kumara igihe bamaze batwara umugambwe wabo nabi.

umushingamateka Gasutwa Bonaventure

Umushingamateka Gasutwa Bonaventure asanzwe arongoye umurwi w’abashingamateka ba Uprona akaba arongoye na JRR ku rwego rw’igihugu, akaba yaremereye izo ndarangavye ko umugambwe uzokora ibishoboka kugira iteka n’itekane barazwe na Rwagasore ntiribace mu myanya y’intoke, kandi ko ibikorwa vyo gusubiza hamwe mu mugambwe bibandanya.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye Indarangavye mu gisagara ca Bujumbura

Ku bw’umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari wa JRR mu gisagara ca Bujumbura, akaba yatubariye ko muri JRR bumva umunezero udasanzwe kubona urwaruka rusubije hamwe. Ati ’’ Ubwo ni ubutumwa budasanzwe duhaye abadukurira haba abari ku Mugumya canke abari mu murwi uvuga ko wishinze gusubiza umutamana umugambwe Uprona, ko turushe n’uturwi turwi mu mugambwe wacu twarazwe n’umuganwa atari umugani Rwagasore’’. Akaba yabandanije asaba urwaruka basangiye umugambwe kwigenza neza, kudashamirana n’abandi, kwereka akarorero keza urwaruka ruri mu yindi migambwe iguma ishamirana na cane cane kutigenza nk’impene zo muci, ariko kandi kutaba ibinyaganwanka nk’uko uwurongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu yabibahanuye.

Indarangavye za Uprona
Musitanteri wa komine Nyakabiga asanzwe ava muri uyo mugambwe

Aristide Nizigire

Messages

  • Ni vyiza caaaane. Nosaba ko umugambwe wobandanya kuri iyo rythme mu guca mu ma komine no mu ma zone y’ igihugu yose mushinga umuhari wacu wa JRR. Ni yo maraso ya UPRONA. Nizo nguvu z’umugambwe.

  • Muri Ba Mpemukendamuke na ba Mpema yuzuye mujana iyo DD ibajanye!Rindira ibahe ubuhera urabeko ibwirizwa nshingiro ritazokwemezwa mwadugije amaboko mwese!Erega uwo mugambwe wanyu warabaye uw abatutsi gusa!Mbwira Umuhutu n’umwe awurimwo!Abatumva gusa batamenyeko 1993 ibintu vyahindutse!Baziko Rwagasore ariwe akiwutwara atarapfa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.