Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indege igendeshwa n’izuba yarashitse mu gisagara ca Phoenix - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Indege igendeshwa n’izuba yarashitse mu gisagara ca Phoenix

Indege igendeshwa n’izuba yarashitse mu gisagara ca Phoenix

dimanche 5 Rusama 2013

Umudereva w’umuswisse yarurutse n’indege yariko aratwara mu gisagara ca Phoenix, mu ntara ya Arizona.

Iyo ndege yururutse muri ico gisagara co mu bumanuko bushira uburengero bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, ku kibanza c’indege ca mbere. Uwo mudereva akaba yaciye aho muri Phoenix mu gihe ari mu rugendo ruzomushikana mu ntara zitandukanye zo muri Amerika, ariko atwara iyo ndege igendeshwa biciye kuri énergie solaire, arivyo twokwita ubushobozi buvuye mu mishwarara y’izuba.

Uwo mudereva yiyemeje kugerageza ubwo buhinga bushasha. Bertrand Piccard, yururutse ku kibanza c’indege isaha zitandatu z’ijoro mu mwijima: bwari bubaye ubwa mbere indege itwarwa na énergie solaire iguruka ku murango hamwe no mw’ijoro.

Urwo rugendo rwari rumuvanye mu ntara ya North Carolyne, rukaba rwafashe amasaha 20, kuko indege yagenda ibirometero 49 kw’isaha.

Umushingantahe Piccard hamwe n’uwundi mudereva agira kabiri, André Borschberg bazoguma bakiranwa, bakaba bazomara igihe kirekire mu gisagara ca Phoenix, Dallas, St. Louis na Washington, imbere y’uko bafata urugendo rwa nyuma ruzobashikana mu gisagara ca New York mu kwezi kuza.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.