Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indirimbo za kera zizohabwa ikibanza ku munsi mpuzamakungu wahariwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Indirimbo za kera zizohabwa ikibanza ku munsi mpuzamakungu wahariwe (...)

Indirimbo za kera zizohabwa ikibanza ku munsi mpuzamakungu wahariwe umuziki

lundi 9 Ruheshi 2014

Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki uriteguriwe bikwiye mu Burundi, ibibanza bizohimbarizwamwo uwo munsi mukuru vyamaze kumenyekana, eka n’imirwi y’abaririmvyi yarahejeje kwiyandikisha. Abakunzi b’umuziki bazohabwa akanya ko kuryoherwa ataco batanze.

Kw’igenererezo rya 21 Ruheshi, amakungu azoba ariko ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umuziki. Mu Burundi uwo munsi uriteguriwe bihagije. Ibibanza bitari bike vyaratowe, aha tuvuga ikigo c’urwaruka co mu Kamenge (CJK), Botanica, Escotisse n’ahandi. Ibiteramo bizotangura kuva igihe c’isaha umunani z’umutaga (14h00). Igihe c’isaha imwe y’ijoro (19h00), hazoba igiteramo c’agakura kizobera kuri "Club de Vacances", indirimbo z’abaririmvyi ba kera nka Canjo Hamissi, Nikiza David n’abandi zizosubirwamwo. Abaririmvyi bose basabwe kuzovuza "Live".

Nk’uko bivugwa na Simbavimbere Bruno batazira Member arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi, imirwi 26 irimwo abaririmvyi bagera ku 187 nibo bayindakishije kuzoremesha uwo munsi mu gisagara ca Bujumbura. Abari hagati mu gihugu bokwitegura bagahurira mu bigo vy’urwaruka bibegereye, maze bavuze umuziki, bigine uwo munsi aho bazoba bari hose.

Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu w’umuziki watanguye ku ciyumviro c’umuririmvyi w’Umunyamerika Joel Cohen yakora ku nsamirizi y’Abafaransa "Radio France", hari mu mwaka w’1976. Uwo munsi wahimbajwe ubwa mbere mu mwaka w’1982, kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi. Mu Bufaransa, uwo munsi uhurirana n’umunsi wa mbere wo kwigina ici.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.