Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo abanyeporitike biyemeje kugira amatora yo mu 2015 azogende (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ingingo abanyeporitike biyemeje kugira amatora yo mu 2015 azogende (...)

Ingingo abanyeporitike biyemeje kugira amatora yo mu 2015 azogende neza

mercredi 21 Rusama 2014

Abanyeporitike, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI bagize ivyo biyemeje kugira amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015 azogende neza.

Inyuma y’umunsi wose abanyeporitike bariko barasuzuma ivyagiye mu ngiro muri rwa rupapuro rw’inzira, barahanahanye ivyiyumviro bitandukanye. Muri iyo nama yamaze amasaha arenga 10, abanyeporitike baraciye hirya no hino ibibazo bibaraje ishinga ku vyerekeye icuka kiri mu gihugu muri kino gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2015.
Abatari bake bagarutse ku bihuha bimaze iminsi bivugwa hirya no hino, ari navyo ahanini bituma haba umwikeko, bigatuma kandi abanyagihugu bagira ubwoba. Ivy’imigambwe icikamwo imice, urwaruka rukunda gukoreshwa n’abanyeporitike, hamwe n’imigambwe usanga itagira ukwishira n’ukwizana ku rubuga rwa poritike basanze arivyo bishobora kuzobera intambamyi amatora meza yo mu mwaka w’2015.

Abaserukiye Reta, abaserukiye intwaro, umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, abanyeporitike batandukanye, bahavuye bemeza ingingo bazogenderako mu ntumbero y’uko amatora yo mu mwaka w’2015 yogenda neza (les principes généraux pour la bonne conduite des éléctions de 2015), hakaba harimwo ivyo umurwi umwe wese wiyemeje. Ahanini akaba ari uko intwaro yiyemeje gukora ibishoboka vyose mu kwubahiriza umutekano no gukingira abanyeporitike, bashobore gutunganya ibikorwa vyabo neza, gufasha abanyagihugu bose, abanyamakuru, hamwe n’abazokwitoza bose ko bishira bakizana.

Imigambwe hamwe n’abanyeporitike bazotegerezwa kugira ubwigenge bwo gukora ibikorwa vyabo mu gihugu cose, mu gihe c’imyiyamamazo. Imigambwe yiyemeje guhimiriza abanywanyi bayo kwubaha amategeko, agateka k’abandi badasangiye ivyiyumviro, bubahirije intwaro rusangi hamwe no kwiyamiriza ihohotera rya kiremwa muntu yaba mu majambo canke mu nguvu.
Umurwi utegura amatora CENI wiyemeje kuzotanga amakarata y’itora ku banyagihugu bose bakwijije ivyangombwa. Reta, intwaro hamwe n’abategetsi batandukanye biyemeje kutazohungabanya amanama y’iyindi migambwe. Abajejwe intwaro bazotegerezwa kuzokwubaha ingoro hamwe n’ibimenyetso vy‘iyindi migambwe.

Imigambwe kandi yiyemeje kutazokoresha uburyo bwa Reta mu myiyamamazo canke kutazokoresha inyubakwa za Reta, nk’akarorero amashure mu myiyamamazo. Inyuma y’amatora, umurwi CENI wiyemeje kwubahiriza ibizoba vyavuye mu matora, ibimenyeshamakuru navyo vyasabwe kudakoreshwa n’abanyeporitike, imbere, mu ma matora nyezina, hamwe n’inyuma y’amatora, na cane cane nko mu gukwiragiza ibihuha canke gushikiriza ivyavuye mu matora inzego zibijejwe zitarabikora.

Mwomenya rero ko abari muri yo nama benshi bashimikiye ko hobaho urwego rwoza rurakurikirana ivyo baba bafunditse, kuko akenshi basanze biguma mu majambo gusa no mu mpapuro.


Floxella Karire

Messages

  • Inyuma y’ivyo vyose, inyuma y’ukwo kwumvikana kwose amatora aheze uzoca wumva bamwe bavuga yibwe. Igitangaje haja kw’isunzu ry’inzu abo nyene bari muri izo nama!!!

  • MINANI JEAN NOMUHANURA GUSUBIRA MURI FRODEBU, BABANDANYE BASANGIRA NA LEONCE KAGATOKE BAPFA YONGERE AJE MUKIBIRI, NAYO IVYAVUGA ATAKAZA UMWANYA. NIMUJE HAMWE MWESE, KUGIRA CNDD FDD IZE IBATSINDIRE HAMWE, HAMA INDURU ZUTUDUMBI DUMBI ZIZE ZIGABANUKE.

  • - Ikibazo gikomeye nticavuzwe naco nukwitoza kwa Pita NKURUNZIZA agomba guhonyanyanga ibwirizwa shingiro namasezerano ya Arusha kuko nico kibazo aba DD bafise kuko ntibarumvikana uwuzomusubirira biracari mumpari muribo nyene , kandi birashobora gutuma aba DD basambukamwo kubiri igihe HUSSEIN RADJABU yorekurwa
    - Ikindi kibazo n’ICI MBONERAKURE ZITUNZE INKOHo zokwica abatavuga rumwe na Leta ya CNDD FDD
    - Ivyo bibazo bidatoreyewe umuti ntawokwitega amatora mumutekano muri 2015, vyose azoba arakaduruvayo, nurudavagi rwakajagari

  • TURI MU GIHUGU CAGOWE N UBUKENE NO GITINYA KUBERA UBWICANYI UBUJUJU . SINON DD BARAYIHINYUYE ABANTU NO HAGATI MU GIHUGU KUKO NDAHAKORERA..VUGA UTI BAFISE INGUVU ZA LETA ..AHANDI HO IMBONERAKURE ZARAGAKOZE/......AHO MBWIRA UWO DEMOCRATE NA NDC

  • IYO ABARUNDI TWASENGA RUGIRAVYOSE IMANA TWOHAGURUKIYE RIMWE TWESE TUKAJA INAMA N’INGINGO.

  • Twizere ko ubu hatazogira abatinya amatora nko mu mwaka uheze!!

  • Jewe n’ubu ndacasemerera yuko vyabirwanisho vyatwomoramu Gisagara ca bujumbura bikoresha nabo tuzi ,ego bamwe muribo baramaze gupfa mugabo ntibiragasubizwa !kandi ntihenze abenshi baracariho , ivyakoreshwa n’akarwi karongowe na Willy Madirisha Vache,uwiyita Yako, mukobwaj,n’abanandi nka b’aba Chauffeur, ku Musaga Dismas Tax,Mborewe ,bus, Maharage Christophe ,Tax act bimwe bakoresha muri OOpération Camps Mutanga 1995 babisubije ryari ?ereg’ikibiri ADC amajwi yac’arazwi n’ugutarany’arya baronse muri 2010. Mbere jewe nama k’urubuga n’abo bahorana baragabanutse bitey’itey’ubwoba nibabe baririr’iyo noti ya Gistave nyene ubundi ho basimba bavunika atan’ico baribuvume . No 1 CNDD-FDD , No 2,FNL, MP3 n’Umugambwe wa GUSTAVE P.Ubusigayen’imperekeza ,, n’impehe. Nsa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.