IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo y’uguhagarika ukwinonora imitsi mu kivunga ntiraba abaja mu zindi (...)

Ingingo y’uguhagarika ukwinonora imitsi mu kivunga ntiraba abaja mu zindi ntara

samedi 22 Ntwarante 2014

Ingingo y’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura y’ukwinonora imitsi mu kivunga (Sport de Masse) mu bibanza bizwi gusa ntiraba aboshaka kuva i Bujumbura berekeza mu yindi mihingo y’izindi ntara z’igihugu c’Uburundi. Nabo nyene, basabwa kudahungabanya umutekano n’ukutaririmba indirimbo z’ugutukana.

Mu ngingo nimero 53 yo kuwa 17 Ntwarante 2014, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ukwinonora imitsi mu kivunga (Sport de masse) bizohora bikorerwa mu bibanza bizwi, n’aho nyene vyabanje gusabirwa uruhusha. Abo mu mashirahamwe y’abinonora imitsi mu kivunga bemewe n’amategeko barashikirije amakenga yabo ku kubona bafatiwe ingingo ibabwiriza kwinonorera imitsi mu bibanza bizwi vy’i Bujumbura gusa, kandi hari igihe bahora baduga mu misozi.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba, mu kiganiro cabaye ku munsi w’ejo mu ntara ya Rutana, kiremeshejwe n’abavugizi b’ubushikiranganji bwa Reta, yashikirije ko iyo ngingo itaraba aboshaka kuva mu gisagara ca Bujumbura, baja mu yindi mihingo. N’abo nyene bahamagarirwa kudahungabanya umutekano w’igihugu, bongere ntibaririmbe indirimbo z’ugutyoza abandi, canke indirimbo zirimwo amajambo y’ibiterasoni. Mu gihe bizoboneka ko bafise iyindi ntumbero itandukanye n’ukwinonora imitsi, uburongozi bw’intara bazoba barimwo buzoba bushobora guhagarika ukwo kwinonora imitsi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.