Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo yo gukura amakori ku bifungurwa vya nkenerwa izobandanya gushika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ingingo yo gukura amakori ku bifungurwa vya nkenerwa izobandanya gushika (...)

Ingingo yo gukura amakori ku bifungurwa vya nkenerwa izobandanya gushika muri 2013

samedi 22 Kigarama 2012

Mu gihe ikiringo catanzwe n’umukuru w’igihugu co kutarihisha amakori ku bifungurwa vya nkenerwa twirimira kigiye kurangira,ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko iyo ngingo izobandanya gushika mu mwaka uza wa 2013.

Inyuma yaho ibiciro bidugiye ku masoko atari make yo mu gihugu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye afata ingingo yo gukura ama tagisi ku bidandazwa bishika cumi birimirwa m gihugu.

Nkuko bagenzi bacu bo mu kinyamakuru Iwacu babibonye igihe batembera mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 kigarama,ibitunguru nivyo vyibonekeza cane. Kubwo abadandaza n’abari baje kugura, bose bamenyeshejeko atacahindutse ku bijanye n’ibiciro naho nyene umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari yashikirije abarundi ku munsu mukuru w’abakozi uhimbazwa kw’igenekerezo rya mbere rusama ko amatagisi akuwe ku bifungurwa bimwe bimwe. Nkakarorero ikiro c’ibitunguru kigeze ku 1300 y’amafaranga y’amarundi mu gihe imbere yuko iyo ngingo ifatwa ikiro cari ku mafaranga ari hagati ya 800 na 1000 mu mafaranga y’amarundi. Akandi karorero ni ako ifu y’imyumbati ubu igeze ku mafaranga 1400 mu gihe imbere y’ukwezi yari kumafaranga 1200. Ibi rero ngo ikaba bituma abaguzi bataza kugura ku bwinshi ibituma baca baja kugurira ku masoo matomato ari hagati mu gisagara. Umudandaza umwe akaba yamenyesheje ko mu mezi 6 aheze yagurisha ibiro 100 vy’ifu ku munsi ariko ubu bimutwara insi ishika kuri 4.

Kubwa Leonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu, avuga ko ikurwa ry’amatagisi rishobora kubandanya gushika mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uza wa 2013, kubwiwe ngo ntibikwiye kuvurwa ku munwa gusa, ahubwo ngo hakwiye gusubirwamwo amategeko amwe n’ayandi kugira ntaze kurica impande. Ivyo ngo bikaba bizotuma ribandanya gukoreshwa kuva mu ntango z’umwaka gushika mu kwezi kwa gatandatu kwa 2013.

Aha rero ayo mategeko ngo akaba agiye gusubirwamwo ku buryo mbere no mu nteguro y’amafaranga reta izokoresha mu mwaka uza bayategekanijemwo.
Aha twobibutsa ko ivyo bifungurwa bitariha amatagisi nkuko vyari vyamenyeshejwe kuwa mbere rusama ari imyumbati yumye, ifu ivuye mu myumbati, ifu ivuye mu bigori,ibiraya, ibiharage,umuceri, amavuta y’ibigazi n’ibindi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.