IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo zafashwe n’Uburundi ntizishura ku bibazo biri mu gihugu

Ingingo zafashwe n’Uburundi ntizishura ku bibazo biri mu gihugu

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Inama y’ibihugu vya Buraya yamenyesheje ko ingingo zafashwe n’Uburundi zitishura bikwiye ku bibazo biri mu gihugu, ari naco gituma iyo nama yafashe ingingo y’ukuba irahagaritse imfashanyo Reta y’Uburundi yahora ihabwa harimwo n’amafaranga y’ugufasha ikigega ca Reta yahora atangwa n’ubumwe bwa Buraya.

Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 14 Ntwarante 2016 niho inama ihuriramwo ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya yasozera umugirwa wo kuvugana na Reta y’Uburundi yisunze ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou ategekanya imigenderanire y’ubumwe bwa Buraya n’ibihugu vya Afrika, Pacifique hamwe na Caraïbes.

Mu kiganiro abaserukira mu Burundi ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya batanze kuri uwu wa kabiri, bamenyesheje ko naho bahagaritse izo mfashanyo, bazoguma impande y’abanyagihugu kuko aribo ba mbere bahitanwa n’izi ngorane igihugu kiriko kiracamwo.
Imigambi yafashwa n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya kugira Abanyagihugu baronke ivya ngombwa akaba ariyo igiye kubandanya, naho nyene amafaranga y’iyo migambi ntacishwe mu bubiko (Comptes) bwa Reta.

JPEG - 46 ko
Patrick Spirlet, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ritegekanya gukoresha imiriyoni 55 z’amafaranga y’amanyaburaya mu migambi y’amashirahamwe yigenga, mu bijanye n’amagara y’abantu, hamwe n’ugufungura neza. Ayagera ku miriyoni 322 y’amanyaburaya yahora ahabwa Reta akaba yahagaritswe.

Reta y’Uburundi isabwa ko yokomeza akigoro ikaja mu biganiro bihuza Abarundi bose, birongowe n’ishirahamwe ry’Afrika y’ubuseruko, kuko arivyo bifise uruhara ntangere mu gutora inyishu irama ku bibazo bihanze Uburundi. Reta y’Uburundi isabwa kandi kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe n’ugukomeza intwaro ibereye mu gisata c’ubutungane.


IGIHE

Messages

  • EMWE AHOMURIVUGANA NABUNYASIMW BWUBUNYABURAYA UBURUNDI TUZOBAHO UKURI KWAMYE

  • Nagomba kubabwirako atagihugu gishobora kuba mubihuguvyubashwe bivuga ijambo rikumvirizwa kitabanje guca mumahano nkaya, mwidini ryab’Islamu hoho harihuwambwiko iyumusore yegereje gutora uwobubakana ngobamukubita inkoninyishi zishika 100 kugira barebeko akomeye. Twebwe natwe avyobihugu nubwo biriko biratubonera mugihe kigiyekuza tuzobadusigaye duhangana navyo kuko ivyovyibaza kobishaka gushirako nimyaka majana namajana izorinda ihera batabishitseko, ahoniho bazotangura kubonako uburundi arigihugu kivuga kikumvirizwa tugiriwe amahirwe bagiye kutwaka imfashanyo bahora baduha hamaze kuboneka abandi baduha imfashanyo kandibatahora bari mubaduha imfashanyo. Twebwerero abatwimye imfashanyo zabo ntitubatuka ariko turababwira amabi badukoreye kuvakera kwariyo bashaka gukomeza kudukorera.
    Umvandabasubiriremwo ntawashatse gukubita kudeta tuzicarana mubiganiro kw’Isi yose abakoze ikosha nkiryo ibihano vyabo birazwi sibirinda kurinderwa.

  • Nyabuna bazungu mugire ikigongwe kuvanaho inkunga mwahaga Uburundi no nko gukubita Umurambo rwose mureke kubahuhura gusa icyo bazi ni ukwihenura ubwo mu kanya baravuga ko ari Urwanda wabikoze !

  • None ga mwabanyaburayi ko mwagumije ibyanyu ninde ariko arabarwanya,gumya akarimi twe twikorere nayo twebwe abene gihugu ntimuduteranye nababyeyi bacu ntandagukunda ngo nkwankire umwana wanse umubyeyi uba wanse numwana nimubigumye pupupupupuh turabyanse turabiyamirij.ikikinyamakuru kirahengamye kivuga ibihuha gusa.

  • NIMUGUMYE AYOMAFASHANYO YAGAHEMO KUKO UBURUNDI MWAJE KUDUKORONIZA MUSANGA TUBAYEHO MUZOGUMANE KUKO TWEBWE NTIDUGWUBWOBA NUTUMBUNDEGE NKAMWEGE MUSIGAYE MUMEZE NKA TWIMUJERI TUMWE TWITAZIRIYE SINDUMUJA TWADUKOZI TWANYU GUMANE KUKO NUBUTAG IRINKOKO BURACA.

  • ababazungu bagomba gutsimbataza ingesombi murikigihugu nukuvugako uzokora akajagari wese bazoca bamusabira ibiganiro, barahenze abanyaporitike bamwebame barikura muri rete nabamwe mubasoda barakivamwo none ivyobapanze vyarabananiye none batanguye kurondora ukuntu babasubiza mubuzi hamango ibiganiro bidakumira!! nabande? kirazira abataye akazi birabasha. izofashanyo batangana amananiza nibigumirize tuzobahotu....ntihagire uuta umwikomo kuri rete ababazungu ibi babipanze kuvakera....

  • NAGIRE SABE LETA YACU IBWIRE ABAO BASERUKIRA IVYO BIHUGU BITAHIRE KK NO baserukira mugih badufatiy ibnihano vyakarenganyo nkabirya bisubiy Ntare rugamba yaraguy igihugu ata blindé cnk shar afise nibarek kuduterenya ibibazo vyacu ni bito gusumba terrorisme yamaz abantu kw,isi abo bazungu twarabahinyuy bakunda intambara bakunda induru bakunda kubona umunyafrika akanye ariko abasega.

  • namwe izongingo mwafashe ntizishura kubibazo bihanze uburundi zije kunigira mumeshi uburundi nabarundi nta ndagukunda kwankire umwana kandi ukunze umwana kumurutisha nyenawe ubugomba kumuniga surukundo mudukunda ninyungu zanyu turabizi nimukore uko mubishaka gusa muduhe amahoro IMANA niyo yimika ivyo mushaka IMANA itabishatse ntaco muzoshikako tuzoguma tubaho

  • Jewe mbona kubahagarikira ifashanyo gusa bidahagije ahubwo nibatangure nokubajisha kumarorwa muriko murakorera abanyagihugu kuko kubagumiza mubanyagihugu ntaho bitaniye nukugumiza mpongwa mubigori ikindi komuvuga komwifise Ayo magambure nayiki

  • ABOBAZUNGU NIBAGUMYE AMAHELA YABO KUKO NAKARE AMAZI MASABANO NTAMARA IMVYIRO.

  • Nne Ko muharira muraz ivyo bashaka gkra reka gt’ amajambo.

  • imfashanyo zitagwa nuburayi zihagaritsw hageze kuko ntamuntu yokubita coup d’etat ashigikiwe nivyobihugu ngo bibure kumugwanira, arko nukuri bihoye ubusa naje sinemey ko leta iganira nimirwi yiterabwoba nakar kwisi nzima ntaho biraba, bwana kamaro iki kinyamakuru naje ndabona catanguy guhengama

  • muzohinyuka kuko murahengama

  • muzohinyuka kuko murahengama

  • Mwakoze kungingo mwafashe kurabo babisha ataco bibanga, ahubwo ni mwo ngereze nkukubazibira ntihagirigihugu na kimwe bemererwa kwinjiramwo kwisi yose babibicibwa bikwiye kuko ntamugabo atagirukuri. dunuza gose ubwo bugabo bwatumaze butunwa maraso.

  • Amatora mwanse guterera yaraheze,amahera yafatanywe abagize kudeta yari amadolal yanyu none biranse vyonse muragiye ko mutaronse nikel!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.