Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ingorane ziri muri UPRONA zatewe n’akarwi ka bake batinya kubura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Ingorane ziri muri UPRONA zatewe n’akarwi ka bake batinya kubura (...)

"Ingorane ziri muri UPRONA zatewe n’akarwi ka bake batinya kubura ubuzi"

lundi 30 Ruheshi 2014

Mu gihe buca Uburundi buhimbaza imyaka 52 bwikukiye, umugambwe wafashije kugira iyo ntahe iboneke uri mu ngorane naho impande zose zibiri zisa n’izishamiranye zitabona kumwe, icokorwa kugira umugambwe usubire kwiyunga.

Jean Baptiste Manwangari inararibonye akaba n’umwe mu badasigana biyemeje gusubiza umutamana UPRONA, avuga ko umugambwe wabo atandyane ziwurimwo nk’uko benshi babivuga canke bakavyandika. Ingorane akaba ari uko uyo mugambwe w’umuganwa Rudoviko Rwagasore wahawe uwundi muntu kugira abe ariwe awurongora, kandi abanywanyi b’umugambwe aribo bari bifitiye uburenganzira bwo kwitorera abarongozi.

JPEG - 119.9 ko
Jean Baptiste Manwangari Inararibonye muri UPRONA

Jean Baptiste Manwangari akavuga ko ingorane ziri muri UPRONA uyu munsi ziri ku karwi k’abantu bake, batinya guheba ubuzi bwabo, bagaca bahitamwo gutwara umugambnwe UPRONA bashize imbere inyungu zabo. Ibice birenga 94 kw’ijana vy’abadasigana bari mu biro nshingwantwaro vy’umugambwe, bakaba barasavye ko hoba ikoraniro kaminuza kugira inzego zijeho zemewe, ariko uruhusha rurabura rwo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ndetse bagize ngo barakoranye, bakaba baca bashwiragizwa n’igiporisi nk’uko umushingantahe Manwangari abandanya abimenyesha.

Aho ibintu bigeze, akavuga ko batazigera bahagarika gusaba ko umugambwe wabo usubirana inzego zitorewe n’abadasigana, kandi akavuga ko batazocika intege kuko bitebe bitebuke, igikorwa bihaye co gusubiza umutamana umugambwe wabo kizoteba kigashikwako, abadasigana bakiyunga, bose barongorwe n’inzego bitoreye atari inzego zishigikiwe n’akarwi ka bake kandi batorewe nk’uko abandanya abivuga.

Mukamenya ko ku ruhande rwa UPRONA irongowe n’umupfasoni Concilie Nibigira tutarashobora kubaronka kugira bashikirize n’abo icokorwa kugira UPRONA ive muri izo ngorane zivugwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abo batama bariye kuva kera,kuva uyo mugambwe uronka iyo ntahe yokwikukira aribo bawukurakuranwako,baguma bawununuza mpaka,bobo barakwije,amazu,amatongo bishikirije yabarundi bamwebamwe bangazwe,FB yoyo sikibazo kuribo,ntabukene rero bunva canke inzara n’inyota ntubabaze,babonye uyo mugambwe urongowe nuwo badashaka canke atavuga rumwe na ba nyabururi,atamenyereye Akanyejenda,baca baguma bayogora nkunko muvyunva,BATAMA baba prona ico nobibutsa n’uko ayo mategeko arimwo kwisungwa arimwebwe nyene mwayashzeho,mwibaza ko muzohumira gushika gufya kwanyu,none he birimwo kubagaruka.nimutekereze rero hakore amategeko,namba muyemera.

  • Mukazi kose harabaho retraite,harageze rero ko mwisoza kuko ivyo mwakoze kuva mwihaye uwo mugambwe turabizi,yaco rero mwiha agaciro mudafise ruhuka mubise abandi,none nkuwu mutama manwangari ashaka ikihe kibanza atahawe naba porona bi bururi igihe bari bagifukamye mu nda?
    Igiteye ubwoba nuko uwo mugambwe wa Rwagasore uzohava uzimangana kubera ubukunzi bw’inda bwanyu.

  • EGO BARIYE KERA ARIKO HAKURIKIZWE AMATEGEKO ..MU KI DD NT TEGEKO KIRETSE ICO BASHAKA..NONE KUBUZA INAMA YA PORONA HISUNZWE ITEGEKO CANKE IGIKENYE ..???REKA MWA BA DD NONE MUTANDUKANIYE HE N ABADUCINYIJE KUVA KERA BAKORESHA UPRONA!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.