IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingorane ziterwa n’amazi y’imvura mu mabarabara y’igisagara ca (...)

Ingorane ziterwa n’amazi y’imvura mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura

mercredi 6 Munyonyo 2013

Igisagara ca Bujumbura, mu gihe c’imvura, ukugendera mu mabarabara amwe amwe ntivyoroshe. Ivyo bikaba kubagenda n’amaguru canke ku bagendera mu miduga. Imivo mitomito iri ku nkengera yayo mabarabara ituma amazi y’imvura atega, maze agatera ingorane ku ruja n’uruza muri ayo mabarabara.

JPEG - 122 ko
Ibarabara riri mu gisagara ca Bujumbura

Ntibikiri agaseseshwa rumuri, mu gihe c’imvura, mu gisagara ca Bujumbura ubuzima ntibworoha ku bagendera mu mabarabara amwe amwe yo mu gisagara. Haba ku bagenda n’amaguru ndetse n’abagendera mu miduga, ingorane y’uruja n’uruza irababako bose. Amazi y’imvura aratega, hakaba umwuzurira w’amazi menshi bigatuma na ntaryo abaenda n’amaguru batoroherwa na gato.

Ukubura imiserege minini yotuma ayo mazi aronka aho yisuka, ayo mazi y’imvura yireka mu mabarabara ari nayo atera ingorane abipfuza kujabuka bagenda n’amaguru canke biyunguruza mu bundi buryo. Rimwe na rimwe iyo imvura yabaye nyinshi, ayo mazi yabuze isaganirizo aca yicira inzira. Ivyo navyo bigatera umwuzurira mu mazu ya banyagihugu baba kunkengera yayo mabarabara. Ndetse biraba inyandunguruko y’ukubomako kw’inyubakwa.

Hoba hari ingorane izihe?

Abiyunguruza n’amaguru nabagendesha imiduga yabo canke abunguruza abantu n’ibintu baravuga ko ingorane zitabuze. Mu gihe c’imvura nyinshi, haraba umwuzurira w’amazi mu mabarabara. Ukwiyunguruza kugaheza kukagora kuko mukubura aho bacisha imiduga yabo na cane cane ku masaha yo mu gatondo (7h30) aho umukozi wese yihuta kugira ashikee ku kazi ku masaha yategekanjwe. Ivyo rero bituma haba umurongo muremure w’imiduga zigenda zisegenya buhoro buhoro (embouteillage). Rimwe na rimwe biranatera amasanganya ku mabarabara.

Hokorwa iki?

Abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura barasaba abajejwe intwaro ko bofata mu minwe ico kibazo. Bagashira mu migambi ikibazo co guca imivo yotwara ayo mazi. Ikindi co kogwa ni ugushira ku mabarabara, cane cane muri ayo masaha y’igitondo, abapolisi banonosoye ivy’uruja n’uruza rwo mu mabarabara kugira babafashe kwiyunguruza bitagoranye.


SABITEKA Alida

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.