IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Insamirizi yatabaje ubwa mbere ko isoko ya Bujumbura iriko irasha (...)

Insamirizi yatabaje ubwa mbere ko isoko ya Bujumbura iriko irasha yashimiwe

lundi 27 Nzero 2014

Isamirizi Bonesha FM yaronkejwe agashimwe, kuko ariyo yabaye iya mbere mu gutangaza inkuru mbi, kuwa 27 Nzero umwaka w’2013 aho umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe yatangaje ibijanye n’uko isoko iriko iratokombera mu gaturuturu k’uwo munsi.

Amashirahamwe rero arwanya ubuzima buzimvye akaba yahaye urupapuro rwiteka umuyobozi w’insamirizi Bonesha FM, araha urundi rupapuro rw’iteka n’ibahasha umuyobozi w’ibiganiro kuri iyo nsamirizi nyene ariwe Jean Nepo Bironkwa, co kimwe n’ibahasha yahawe umupfasoni Diane Nininahazwe, kubona yaratangaje ubwa mbere iryo sanganya ry’uko isoko nkuru ya Bujumbura iriko irasha, agahombo ku gihugu cose, aho iyo soko yari itunze ubuzima bw’abanyagihugu isinzi yariko yaka barorera, ataco bari bukore.

Patrick Nduwimana arongoye Bonesha FM

Umuyobozi wa Bonesha FM Patrick Nduwimana, akavuga uyu munsi ari umunezero kuri we, ariko kandi uvanze n’umubabaro. Avuga ko ari umunezero kubona iyo nsamirizi arongoye ariyo yatowe ikaronswa urupapuro rw’iteka, afise n’umubabaro, aho uwu munsi w’igenekerezo rya 27 Nzero, bariko baribuka isha ry’isoko nkuru ya Bujumbura, aho abanyagihugu bari bifumbereje, utwo babiriye akuya tugatokombera babona.

Patrick Nduwimana rero akaba yamenyesheje ko yashimiye ayo mashirahamwe yo yabahaye agashimwe kubona ariyo nsamirizi yabaye iya mbere mu gutabaza, ndetse ikaba n’iya mbere mu guha ijambo abanyagihugu bariko baratabaza, barira, batakambira aboza kubazimiriza ibidandazwa vyabo.
Ikimubabaza gushika uyu munsi kandi, akaba ari ukubona igihugu carahahombeye co kimwe n’abanyagihugu, ariko kandi ibikorwa vy’ahoja isoko yindi yosubirira iyari ihejeje gutokombera, bikaba bitariko biranyaruka, kugira abakiyerera gushika uyu munsi mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, baronke aho badandariza.

Jean Nepo Bironkwa umuyobozi w'ibiganiro kuri Bonesha FM

Aristide Nizigire

Messages

  • Iyo nsamirizi itavuga uburyo FALCON 50 yagurishijwe mu buryo budasobanutse none ngo yatangaje bwa mbere ko isoko iriho isha none irahembwe????? hahahahaha amenyo n’amabuye kweri.

  • Amahoro basomyi b’ikinyamakuru IGIHE! N’ukuri jewe ico gikorwa ntaco nshimye na gato. Nivyo iyo nsamirizi yagize neza gutangaza inkuru y’isoko iriko irasha ubwa mbere. Ariko ayo mashirahamwe yatanze utwo dushimwe yari guha iyo nsamirizi n’abo bamenyeshamakuru babiri certicificat de merite, hama ayo 500 milles bahaye umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe bakayagaburira barya bakenyezi bama bariko biruka n’abaporisi. Iyo bafata nk’abakenyezi cumi bakabaha 50milles umwumwe vyari kuba vyiza kurusha kuyatekerera umumenyeshamakuru yakoze akazi kiwe. None ga yemwe yari guheba akaguma muri Studio avuza imiziki isoko nkuru iriko irasha, a 20metres ya Studio de la Radio Bonesha FM? Yategerezwa kuja kuraba n’ukubivuga kuko yari inkuru ishushe. Ntimutangazwe n’ukuntu mwokwibaza ko ndi dure, ahubwo mumenye ko nanje ndi umu Journaliste. RUFYIRI yakoze nabi, arya 500milles yari gufasha abakenyezi batagira amikoro, baririra umutahe wa 10milles canke 20milles. Diane na Bonesha FM bari kuronka certificat de merite, kuko bakoze akazi kabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.