Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intambo n’imvyino nizo zaranze Abadasigana ku Mugumya aho binjiye ingoro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Intambo n’imvyino nizo zaranze Abadasigana ku Mugumya aho binjiye ingoro (...)

Intambo n’imvyino nizo zaranze Abadasigana ku Mugumya aho binjiye ingoro yabo

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Abadasigana ba UPRONA bo mu gisagara ca Bujumbura, binjiye mu ngoro yabo iri ku Mugumya, inyuma yaho abaporisi bahora bayicungereye bakinjuriye, bagasubira mu makambi yabo. Mu birori vyo gusubira kwinjira iyo nyubakwa bikaba vyaranzwe n’intambo zitandukanye z’Abadasigana.

Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, Felix Mboneko yahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA wari urongowe na Karori Nditije, yamenyesheje abari ngaho, ko ubu umugambwe uramutswa umurwi wiyunze, ugizwe n’umushingamateka Karori Nditije afashanijwe na Varisito Ngayimpenda, yari arongoye umurwi wishinze gusubiza iteka UPRONA. Abo bashingantahe ukwo ari babiri nabo, bagahamagarirwa gutunganya vuba, ikoraniro kaminuza rizoshiraho inzego zirongora umugambwe gushika inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2015.

Varisito Ngayimpenda asanzwe ari mu barongoye umugambwe muri iki kiringo, akaba yamenyesheje ko ashima intambwe umugambwe UPRONA ugezeko mu kwiyunga, naho avuga ko umugambwe wabo wagiye urahura n’ingorane, aho hari abagiye barenyegeza bahawe inzira n’abari imbere mu mugambwe, kugira bawubasamburireko. Avuga ko abipfuje guhamba umugambwe wa Rwagasore bahakuye icirwa kuko ngo : ’’Utema aho so atatemye ukitema umurundi’’. Yasavye umukuru w’igihugu kubogoza mu mabanga umushikiranganji Nduwimana Edouard kuko uyo mushikiranganji yagirizwa amakosa menshi yo gusambura imigambwe. Yavuze ko hari abarundi benshi bashoboye kurangura neza amabanga y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, kandi ayo mabanga bakayarangurana ubwira bwinshi, kandi bakaza bataje gusambura, ahubwo baje kwubaka.

Yabandanije ashimira uko abadasigana bigenjeje muri iki kiringo bari bamazemwo iminsi, aranashimira uwari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza kuko yerekanye akazi yari ajejwe muri Reta, yongera ashimira Nditije Karori ku butwari yerekanye mu gufasha kugira umugambwe uje hamwe, Abadasigana biyunge eka ndetse ntiyibagiye gushimira abari bahenzwe ariko bagahitamwo kwiyambika iteka, mu kudata umugambwe wabo mu manga.

Ku vyoba vyavuzwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe ko kirya kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu gishobora kujamwo uwariwe wese ariko adasangiye ubwoko n’umukuru w’igihugu avuye mu wundi mugambwe atari UPRONA, Ngayimpenda akaba amenyesha ko, kirya kibanza bagifise kubera bakirekurirwa n’amategeko, batakigiyemwo kuko bagemuriye intango y’inzoga umugambwe CNDD FDD. Amenyesha ko ivyo barekurirwa n’amategeko bazobironswa n’amategeko.

Ivyo birori vyo kwinjira iyo ngoro yabo yo ku Mugumya, bikaba vyatangujwe n’urugendo rwokwerekana ko bayinjiye icese, inyuma y’iminsi baharabira kure. Urwo rugendo rukaba rwarimwo bamwe mu bashingamateka, abakenguzamateka, abahoze ari abashikiranganji bakomoka mu mugambwe UPRONA, n’abandi badasigana batandukanye. Tukabamenyesha ko uyu munsi, atamuporisi n’umwe yigeze aza kuri iyo ngoro yo ku Mugumya.


Aristide Nizigire

Messages

  • nimukomeze muterimbere muzafate n’ubutegetsi muri 2015 presidential election

  • Wutambe wutambe!!!!!! Uprona Oyeeeee

  • Ni mikomere kumuheto mwamanye ubwenge none murabusazanye.mubere akarorero fnl na frodebu na epd cndd fdd nayo ireke imigambwe itunganye ivyayo ubwayo.nduwimana nawe!nabise abandi bamuruhurire yaramaze kuruha.

  • Ni mikomere kumuheto mwamanye ubwenge none murabusazanye.mubere akarorero fnl na frodebu na epd cndd fdd nayo ireke imigambwe itunganye ivyayo ubwayo.nduwimana nawe!nabise abandi bamuruhurire yaramaze kuruha.

  • Ni mikomere kumuheto mwamanye ubwenge none murabusazanye.mubere akarorero fnl na frodebu na epd cndd fdd nayo ireke imigambwe itunganye ivyayo ubwayo.nduwimana nawe!nabise abandi bamuruhurire yaramaze kuruha.

  • Momere ku muheto baporona! Abo baCNDD FDD babatotereza iki? Ntibazi ko intwaro y’umugambwe umwe twayisezereye? Ubu hageze aho umuntu yerekana imigambi hama umuntu abanyagihugu bakamutora biciye mu nama n’ingingo nayo ivyo gusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe nibateshwe bate. Ngahanura n’abandi nka za UPD, FNL, FRODEBU barabe nabo baje hamwe kugira imigambwe yabo igire inguvu!

  • AHO BASHA mukagatamba, nabaye kure mba naje kubafasha guhamiriza. Mwiyunge mubere akarorera abandi bose. Mukorere igihugu n’abanyagihugu , aba dd nabo bagume dans la lune, au lieu de prendre conscience de leur bétises.

  • Uprona oyee uprona oyeee uprona oyeee jewe ndumudasigana imbere yavyose ndatanguye ngushimira umushingamateka Niyoyankana mukwiyamiriza Nduwimana.Nashaka nsabe Nduwimana kuba areka kwisunga muvyi migambwe kuko arya ari harabandi kandi amenye ko atazohasazira nkasaba iyindi migambwe yasambuwe na Nduwimana ko yoronka icirwa kuri Honorable Niyoyankana.Nkashaka gukebura Nduwimana yuko bite bitebuka bazohava bamuhinduka nuwo basangiye urugamba arazi iyari.Nkasaba abarundi yuko bomenya icatsi nururo barayamaze ngo utora nabi ugatwarwa nabi.

  • waouuu UPRONA NIWEWE DUHAZA AMASO RABA ABO BATAMA NABATAMAKAZI INGENE BARYOHEYE IJISHO MURI ZONTAMBO.ITEKA AHO RYAMYE MUKIRUNDI MURI BAKE BARYOHEYE IJISHO

  • jewe nifidadikanije namwe mukanyamuneza ntangere mufise mw’Abadasigana nibaza ko ukuri kwatevtevye kurahamvya ikinyoma nibaza ko nduwimana n’abandi boza bakiga ubumwe nyabumbwe muri UPRONA apana ubwo kururimi.kandi uko UPRONA yabaye imbuneza mugushiraho ubumwe no kubwigisha nibandanye yigishe kuko turabona ko hariho benshi batarabutahura.

  • komera turi inyuma yanyu ubukunzi bwinda n’amaronko muhebe ntaho vyashikanye igihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.