IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intambwe yo kumenya ukuri no kurekuriranira iracari ndende mu (...)

Intambwe yo kumenya ukuri no kurekuriranira iracari ndende mu Burundi

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Mu kiganiro Aloys Batungwanayo, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi w’ishirahamwe ryishinze kwibuka no gukingira kiremwa muntu ivyaha vyagahomerabunwa (AMEPCI-Gira ubuntu) yagiranye na IGIHE.BI, aramenyesha aho umugambi wo kumenya ukuri no kurekuriranira ugeze mu Burundi. Arasigura n’intambamyi zicibonekeza muri urwo rugamba.

Atangura yibutsa ko umugwi wo kurondera ukuri no kurekuriranira ku mabi yabaye mu gihugu cacu (CVR) wategerezwa kuba wagiyeho amezi atandatu inyuma y’amasezerano y’amahoro yateweko igikumu i Arusha muri Tanzaniya mu mwaka 2000.
Abari mu biganiro niko bari babisezeranye. Umushingantahe Batungwanayo akaba ababazwa rero nuko imyaka 12 imaze kurangira uwo murwi utarajaho.

Ariko rero ararwa akagaruka ati vyoba vyiza utevye kujaho mugabo uriko urategurwa neza mu ntumbero yuko umurwi wojaho wofasha koko kumenya ukuri no kurekuriranira. Aloys Batungwanayo akaba abona ko naho twacerewe, abarundi boshimishwa nuko integuro y’itegeko ryo gushiraho uwo murwi riri kumeza y’inama nshingamateka ngo bayige. Ku bwiwe, ngo ingingo zigize iyo nteguro ngo ntizimeze neza zose ariko ngo n’intango abarundi boshobora gukorerako kugira turonke itegeko ritunganije neza.

Ngo hamwe rero iyo nteguro y’itegeko yotorwa uko iri ubu, ngo umurwi woshirwaho ntaco wofasha abakorewe amabi mu biza vyose vyaciye m’Uburundi.

Akarorero atanga ngo nuko ata hantu na hamwe iryo tegeko ritegekanya ko abakoze amabi bazomenyekana. Ivyo bikaba bitumvikana k’ubwo umuvugizi wa AMEPCI mu gihe abazorekuriranira ari abakoze ivyaha n’ababikorewe. Ariko iryo tegeko rikaba ritegekanya gusa kuzomenya abakorewe amabi.

Ngo hamwe naho abashingamateka batoritora, hoho ngo nivyahuha bizoca bihuhuka kuko abarundi bashobora guca basubira mu bwicanyi mu kwihorana. Aloys Batungwanayo yibutsa ko impfuvyi zo mu 1972 arizo zagiye mw’ishamba mu 1993 kugira barwanye ubutegetsi babona ko aribwo bwabiciye abavyeyi mu mwaka 1972.

Ku bwiwe rero ngo hamwe ukuri no kurekuriranira bitoshoboka ngo n’impfuvyi zo mu mwaka wa 1993 zirashobora kwigenza nkizo mu 1972. Akarorero atanga nuko umwana yarafise imyaka 10 muri 1993 ubu afise imyaka 30 kandi ashobora kuronka amabanga yomutuma ashobora kwihora abamwiciye abavyeyi, incuti n’abagenzi ariko batigeze bahanwa canke ngo bamusabe ikigongwe.

Abo bana bashobora kuba ubu abacamanza, abasoda, abapolisi n’ibindi n’ibindi. Uwutihanganye rero arashobora gukoresha nabi ubwo bubasha afise kugira yihore. Nico gituma umuvugizi wa AMEPCI asaba ko hoshirwa ho umurwi wo kurondera ukuri no kurekuriranira wizewe na bose kugira abarundi basubize hamwe.

Kubafise amakenga ko uwo murwi atakamaro ufise mu gihe itegeko riri mu nama nshingamateka ridategekanya ibijanye no guhana abagirizwa amabi atandukanye yabaye m’Uburundi, Aloys Batungwanayo arabahumuriza. Ku bwiwe ngo uyo murwi uba ujejwe kumenya ukuri mugabo ntabubasha bwo guhana uba ufise.

Ariko rero ngo ishirahamwe AMEPCI riguma risaba ko abarongoye u Burundi batokwibagira gushiraho mu minsi ikwirikira sentare idasanzwe yo gucira imanza abikekwa kuba barakoze amabi atandukanye. Irongera igasaba ko uwurongoye iyo sentare yoba yigenga k’uburyo yo gira amatohoza yiwe atisunze icegeranyo c’umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira.

Mu ntumbero yo kuronka ukuri kw’abahungiye mu gihugu hagati Aloys Batungwanayo ahanura reta ko itobatahukana ku nguvu. Ahubwo ngo yobibumvisha buke buke gushika aho bo nyene biyumvamwo ko umutekano wabo ku misozi bavuyeko ukwiye. Ivyo navyo ngo bikazokunda kubera ibiganiro vyoza biragirwa hagati y’abahunze n’abasigaye ku mitumba.


René Dieudonné Kamaro

Messages

  • Nkuko abivuze uyomurwi uba warashizweho kuva kera Ko abategerezwa kuwushiraho batinye kuwushira kuko bari bagishaka Ko bobandanya bari kubutegetsi nogutinya kwagirizwa canke se gushengezwa kuvyaha bakoze bibagira
    Mbe twibajije mwibazako ivyo vyaha bizotohozwa hari umunyagihugu mutomuto bizofata atari abo nyene bazi ivyo bakoze None bizomarira abarundi kumenya abakorewe ivyaha batazi ababikoze None bazorekurira bande?ivyo bintu vyogutora amategeko adatomoye nivyo biheza bikazana ingorane
    Twebbwe abarundi twipfuza Ko uwakoze icaha amenyekana uwagikorewe nawe akamenyekana hama. hagashirwa imberer ikigongwe ariko noguhanwa bagahanwa bikenewe None twibaze gato abiciwe mugatumba bice bivugwa imiryango niyo ticker ngo ihozwe None imiryango ticker ntituyizi haribindi bishasha kurivyo ababishe baringaho bariko baririra amanyama mumiryango yabo impfuvyi zabandi zibuze n,amafaranga yishure vyatewe n,abantu baraho kandi nejo bosubira bakabikora ngo hari ibigobgwe bizobarekurira yemwe barundi ntidute akaranga nibareke iryohutihuti niryiki nibagenda abandi bazobitunganya nibarindire nayo ukudakubita imbwa kworora imisega abantu nibahanwe kuko bakoze icaha
    Abantu benshi bavundiye kumpimba bikekwako Ari aba fnl Ari umwikeko gusa abandi ngo nabo kwa sinduhije mbe ba Rwembe babaga abantu nabo kwande?mbe imanza zabo Ko zihuta gucirwa ?Ko batamara umwanya mumabohero?mbe abagirizwa ivyo mugatumba canke abiketswe Ko babarekuye bataramenya uwakoze icaha None gayemwe vyahereye hehe?ivyegeranyo vyamarementanya vyakorewehe Ko twabwiwe gusa ngo nini nabiriya mbe ba Ndiho biyemereye Ko bagandaguye ubu kobatarafatwa Ko atamunsi numwe araronderwa
    Ariko igitanagaje ngo bagira bafate Rwasa bobo Ko batifata bipfunge ntavyo bagirizwa uyo mukuru wigihugu ntavyaha bimwagira?mbehoho wobabarira, wobabarira utasavye ikigongwe?erega ikigongwe ntigitangwa kunguvu?

  • Birakwiyeko abarundi basobanurirwa aho umutekano ujyeze imbere mugihugu, murwego rwo kubamara impungenge !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.