IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intango y’umwaka yategerezwa kuba iyihumuriza

Intango y’umwaka yategerezwa kuba iyihumuriza

samedi 5 Nzero 2013

Frere Ntakarutimana Emmanuel arongoye umurwi wigenga w’agateka ka zina muntu CNIDH yaragize ico ashikiriza ku bijanye n’ivyashikiye umunyabigega w’ishirahamwe ryishinze guteza imbere ikiyaya c’Imbo SRDI Dieudonne Nzambimana,hari kuri uno wa kane itariki 3 Nzero 2013.

Nkuko Frere Emmanuel yabimenyesheje ngo mu gihe kw’igenekerezo rya 24 Nzero I Geneve m’UBuswise hategekanijwe isuzumwa mu bijanye n’agateka kazina muntu, abantu bose bafise ico bajejwe mu gihugu bari bakwiye gukora ibishoboka vyose kugira ico gikorwa kizohuza amakungu ntikibe UBurundi buri mu bihe bidahumuriza.Ivyo rero uwo arongoye CNIDH yabimenyesheje inyuma y’aho Dieudonne Nzambimana ahakiwe kwicwa mu ndwi iheze.

Frere Emmanuel Ntakarutimana akaba yasavye abategetsi bo mu gihugu gukoresha uburyo kugirango bahagarike iyo nyifato itari ikwiye abantu.Kubwa CNIDH,ukwezi kwa mbere kwari gukwiye kuba ukwo ibikorwa ngira kamaro ku gihugu na rirya arikwo gutegekanijwemwo ibihe vyo gusuzuma uko agateka ka zina muntu kifashe m’UBurundi.

Twobibutsa ko Dieudonne Nzambimana yari yatowe n’abantu bavurwa ko boba ari abo mu gipolisi c’igendereza hagati mu gisagara ca Bujumbura aca atwarwa mu modoka y’igipolisi itagira inomero ziyiranga.


Grâce Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.