Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Integuro y’itegeko rigenga abamenyeshamakuru yemejwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Integuro y’itegeko rigenga abamenyeshamakuru yemejwe

Integuro y’itegeko rigenga abamenyeshamakuru yemejwe

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Inyuma y’impari zari zimaze imisi mu muryango w’abamenyeshamakuru, itegeko rigenga umwuga wabo ryatowe n’inama nkenguzamateka ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 19 Ndamukiza, imbere y’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, ari nawe yabanje gusigura ibiri mu nteguro y’iryo tegeko yongera yishura ku bibazo bitandukanye vy’abakenguzamateka.

JPEG - 31.3 ko
Hon. Sylvestre Ntibantunganya, yahoze ari umukuru w’igihugu

Abafashe amajambo benshi bashikirije utunenge tutari duke turi mu nteguro y’iryo tegeko. Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya yamenyesheje ko muri iyo nteguro bari kuba batomoye, kugira nabo vyega bashobore gutandukanya icatsi n’uburo. Vital Bambanze we yasavye ko bokosora itegeko rivuga ko umumenyeshamakuru yotanga aho yakuye inkuru kuko hari aboca bitwaza igikenye mu kwikingira ikibaba, iciyumviro mbere yasangiye na mugenzi we Laurent Rwankineza. Umukenguzamateka Emmanuel Nkengurutse yasavye ko iryo tegeko ryokwubahiriza ibwirizwa shingiro mu karongo kayo ka 22, n’ayandi mategeko atanga ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro.

JPEG - 32.5 ko
Hon. Domitien Ndayizeye yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi

Inyishu ku bibazo vy’abakenguzamateka zihejeje gutangwa n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka, itegeko rigiye kugenga abamenyeshamuru ryatoye n’abakenguzamateka mirongo itatu na babiri kuri mirongo itatu n’umunani.

JPEG - 37.4 ko
Abakenguzamateka batoye ku bwinshi iryo tegeko

Iryo tegeko ritowe inyuma y’aho abamenyeshamakuru n’abari mu muryango w’abamenyeshamakuru batagira imbibe biyamirije iryo tegeko. Alexandre Niyungeko, arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi agira ati:”Umwuga wo kumenyesha amakuru ugiye gusubira inyuma kuko batswe ubwigenge bahabwa n’amategeko Uburundi bwateyeko umukono mu bijanye no guserura.”

JPEG - 37.1 ko
Alexandre Niyungeko, Umukuru w’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi

Twobamenyesha ko abahoze ari abakuru b’ibihugu, Domisiyano Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya ataco bavuze kuri iryo tegeko aho ryatorwa, kumwe n’umukenguzamateka wo mu mugambwe Uprona, Emmanuel Nkengurutse ataritoye. Yabwiye abamenyeshamakuru ko atari kurota atora itegeko rije gutosekaza umwuga wo kumenyeshamakuru mu Burundi.

JPEG - 32.8 ko
Hon. Emmanuel Nkengurutse , wo mumugambwe UPRONA
JPEG - 48 ko
Umukuru wa Olucome, Gabriel Rufyiri

Egide Nduwimana

Portfolio

Messages

  • turashimiye izo ntwari zanse gutora ibidatomoye. Merc monsieur les presidents, Domitien et Ntibantunganya. Aho niho barabira abagabo mu matora

  • ivyo muburundi reka tubiteg’amaso turebe iyo bizoherera,guko vyabonetse neza ko muburundi,hariho akageso ko gutwara itegeko canke amategeko mubajejwe kuyatora, bobo baramaze kuyatora no gufata ingingo,ndavuga bene kuyarungika.

  • Hamd wewe ivyo muburundi ntuvyemera? mbe wifuza ko hoba iki kugira ngo wiyunvemo igihugu cawe?

  • Oya kweli n’abamenyeshamakuru nibareke kugorana! None umuntu bamusavye kuja mw’ishure inyungu siwe azoyibona? Igihugu giteye imbere kigira aba Journalistes b’incabwenge. Seulement nibahindure rirya tegeko rivuga ko boza baratanga aho bakuye amakuru.

  • Mumwanyumwe ngobatanguj’umugambi wokwegereza intwaro abanyagihugu nonengo abamenyeshamakuru ntibayage nabanyagihugu!Turajahe???

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.