Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta ikoresha yatowe hari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta ikoresha yatowe hari (...)

Integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta ikoresha yatowe hari abasohotse

jeudi 31 Mukakaro 2014

Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko isubiramwo amafaranga Reta izokoresha. Ayo mafaranga akaba agera ku mafranga y’amarundi agera ku miriyaridi 1400, ni ukuvuga ibice 3 kw’ijana vy’amafranga Reta izokoresha.

Ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 30,abashingamateka bize bongera baremeza integuro y’itegeko isubiramwo amafranga Reta izokoresha. Ariko rero abatari bake yaba abo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe no mu mashirahamwe adaharanira ivyocaro vya poritike, babona ko iyo nteguro ije kunigira mu mpeshi umunyagihugu yarasanzwe akenye. Umushingamateka wo mu mugambwe Frodebu Nyakuri yamenyesheje abamenyeshamakuru ko atashoboye kwitaba ivyo bikorwa, kuko inyungu z’abanyagihugu zitafatiweko. Ku bwiwe iyo nteguro y’itegeko ije gutuma ubuzima bw’umunyagihugu buzimba gusumba. Agira ati :’’ Iyo abantu bakenye baratubika umukanda, na Reta rero iyikenye yari ikwiye gutubika umukanda, aho kuja kuyarondera mu banyagihugu.’’

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME nawe nyene abandanya yiyamiriza iyo nteguro y’iryo tegeko, ku bwiwe ije guhamba umunyagihugu kuko ije reta ije gusaba amakori abantu batayafise agira ati :’’ Reta iguma irondera na ntaryo kununuza umunyagihugu ,iyo nteguro y’itegeko kandi igarukana ingingo zafashwe mu gihe c’intambara mu mwaka w’1998. Ivyo rero bisa n’ugukama inka ataco wayigaburiye, uba uriko wica ibere’’. Ndetse umukuru wa OLUCOME yashimiye abashingamateka bataritoye .

Tubamenyeshe ko abashingamateka 81 nibo baritoye, 13 bararihakana, hamwe n’umwe atagize ico arivuga ko. Tubamenyeshe kandi ko iyo nteguro y’amafranga Reta izokoresha yatowe abashingamateka bo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri n’umugambwe UPRONA basohotse.


Floxella Karire

Messages

  • Ico nobabarira bazoteba babura aho bakura batebe bandandaze nutwo bambaye n ivyo bafise none wewe worondera gukama inka utayigaburira hewe gihugu cacu aratwawe pe nabacangero .

  • Nduza twebwe abahutu turi beshi kandi tumerewe neza ncane ??ntidushobora kureka petero wacu ngwakene ???ubwo butwa nu bututsi nakazikabwo ??jewe muhutu ndadinashwe????DD wewe ndakubwire huui 2015 naho vyogenda gute utegerezwa kutuvako

  • Izombura k’imazi ntasoni bagibise youuuhuuu muratumaramaje gose.

  • Le peuple burundais a les dirigeants qu´il mérite kuko ndazi ko bazongera kubatora uko nyene.

  • Mukinda mugaramye canke mwicara dutegerezwa kubayobora gushoka mufashe umurongo mwiza!!!,nwari,roza kamikaze.Abdoul karim,nimutekereze ,burya mwiki gihugu kirimwo abagabo bijunja nijambo.reka guta umunwa.

  • Nwari ndahari kandi ntamakuru ntasoma naho ntakomanta kuberiki utigera utanga comentaire nzima tekereza man c’est notre temps.zikonwa zibweja!!

  • Nta nama nshingamateka dufise ni igikoresho ca CNDD-FDD,murambwira ko murabona itegeko badahurizako bose?Ni udusimbirahamwe,twa niryo twose.
    Nkubwo bwiyita King of bad,Umwami na bumwe ngo ni mama sinzi ko bufise ubwenge bukora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.