Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Integuro yo kwemeza itegeko rigenga tagisi y’inyongera "TVA" yaregejwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Integuro yo kwemeza itegeko rigenga tagisi y’inyongera "TVA" yaregejwe (...)

Integuro yo kwemeza itegeko rigenga tagisi y’inyongera "TVA" yaregejwe inyuma

vendredi 19 Mukakaro 2013

Mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa kane, abashingamateka bari bahuriye mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe kugira bemeze integuro y’itegeko rijanye n’itagisi ryinyongera TVA. Abo mu mugamwe Uprona hamwe no muri Frodebu Nyakuri bakaba baranse kwinjira mu nyubakwa y’ingoro y’amakoraniro mu Kigobe. Ku bwabo, iryo tegeko ryoba rije kwunyura ibintu mu Burundi na rirya n’ubu bugarijwe n’ubukene.

Imigambwe ihurikiye mu nama nshingamateka gushika ku muhingamo wo kuri uwu wa kane bariko baragerageza kwumvikana ariko ntacavuyemwo. Imfungurwa, imiti, amazi, amatara, n’ibindi bikaba arivyo bizotanga itagisi ryinyongera ry’ibice 10 kw’ijana mu gihe iryo tegeko ryoramuka ryemejwe rigaterwako igikumu n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Ubu rero uko bimeze, amashirahamwe ahurikiye mu ruganda rwo kurwanya ubuzima buzimvye asaba Leta ko yorondera ahandi hantu yokura amahera itarinze kunigira mu meshi abanyagihugu.

Inyuma y’izo mpari, ibikorwa vyo kwemeza iyo nteguro y’iryo tegeko vyaciye vyungururizwa kuri rindi sango.


Mariella Bukuru

Messages

  • Barundi.barundikazi.abashingantahe.nabakenyezi.ndabaramukije.mugire.amahoro.yimana.ukombiraba.mwegushakira.amahera.aho.atari.ngo.muhonyore.abanyagihugu.mubanze.murabe.uko.ubukungu.buhagaze.mu.burundimusigeho.guhonyanga.abanyagihugu.ngewe.muye.muri.afurika.yepfo.ariko.ndumurundi.maze.kuronka.iyinkuru.nabonye.bintangaje.murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.