Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Intsinzi y’umunezero” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > “Intsinzi y’umunezero”

“Intsinzi y’umunezero”

samedi 19 Gitugutu 2013

Umurwi Ministere Harvest Center Burundi warateguye wongera ushira mu ngiro igiteramo ca gakura ku civugo “Intsinzi y’umunezero”.

Ico giteramo cabaye ku muhingamo w’uyu wa gatanu itariki 18 Gitugutu 2013, mu nyubakwa y’amakoraniro bita ku Kazuba mu Kamege. Igiteramo categuwe mu ntumbero yo gushimira Imana ku vyo yakoreye iyo Minisitere Harvest Center Burundi, aho babona cane iterambere risiga ubwenge mu myaka 12 bamaze bayishinze.

Iyo Ministere igizwe n’abantu 60 ifise abaririmvyi 32 bakomeye cane mu ndirimbo mpimbazamana. Bafise ibikoresho ndangakaranga na mvamahanga. Nk’uko umukuru wabo yabitumenyesheje imbere y’uko ibirori bitangura, Nshimirimana Christophe
yavuze ko hatumiwe abaririmvyi batandukanye nka David naho atahashitse, Appolinaire, Fortrand, Himbaza, Harvesters, n’abandi batari bake baje kuratira ijisho kuko inzu vyariko biberamwo yari yuzuye kandi mu kwinjira yari amahera y’amarundi 2000 gusa.

Ku rutonde rw’indirimbo z’uwo murwi harimwo: Uri ku ntebe, Inkomezi zanje, Himbazwa, Mana uhoraho, n’izindi z’abatumire, tutibagiye umurwi w’abatimbo Himbaza Drummer Team wabiciye biracika.

Igiteramo carangiye ari akanyamuneza ntangere n’amajwi menshi ahimbaza Imana. Abagiteguye naho bamwe bashitse bacerewe ababarindiriye batanguye kweraguza irya n’ino, nabo nyene baranezerejwe n’ukwo igiteramo cabo cagenze.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.