IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’ishirahamwe ONU ziritezwe mu Burundi

Intumwa z’ishirahamwe ONU ziritezwe mu Burundi

jeudi 12 Ntwarante 2015

Inama nkuru ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, buca irungika umurwi uzobonana n’abantu batandukanye mu Burundi.

Uwo murwi uzoshika i Bujumbura kuri uyu wa 13 Ntwarante, ukaba uzobonana imbere y’umutaga n’imirwi itandukanye kandi umurwi wose, bakazobonana ukwabo. Imbere y’umutaga bikaba bitegekanijwe ko uwo murwi uzobonana ubwa mbere n’igisata ca ONU kijejwe gukurikirana amatora mu Burundi MENUB, umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi b’ihugu Laurent Kavakure, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, abagize umurwi CENI, abarongoye imigambwe hamwe n’abagize umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH.

Inyuma y’umuhingamo, uwo murwi, ukazobonana na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, umukuru w’igihugu, barangirize ku kiganiro bazoha abanditsi n’abamenyeshamakuru. Uwo murwi rero, ukaba uje mu Burundi, mu gihe abanyaporitike hamwe n’abakurikirana ibibazo vy’Uburundi, bose basa n’abahagaritswe umutima n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, aho hari n’abamaze kugaragaza ko, bazoja mu mabarabara yitoje umukuru w’igihugu, ubugira gatatu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.