IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa zidasanzwe mu karere k’ibiyaga binini zisaba abarundi gusubira mu (...)

Intumwa zidasanzwe mu karere k’ibiyaga binini zisaba abarundi gusubira mu biganiro

lundi 31 Myandagaro 2015

Intumwa zidasanzwe mu karere k’ibiyaga binini zimenyesha ko zifise amakenga ku bijanye n’itituka ry’amahoro,umutekano,ubutunzi na politike mu Burundi.

Mw’itangazo abaserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Ububirigi,Reta Zunze Ubumwe za Amerika,ishirahamwe mpuzamakungu ONU,basohoye inyuma y’inama yabereye i Geneve,basaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro.

Mu gihe mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko bamaze gutera intambwe mu biganiro,bagashira imbere ko uwutavuga rumwe na Reta Rwasa Agathon yinjiye muri Reta,izo ntumwa zidasanzwe zisaba ko hoba ibiganiro bihuza abarundi bose harimwo n’abatitavye amatora.

Kubwa Tom Perriello intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k’ibiyaga binini,ntihararengerana ko Uburundi busubira mu nzira y’amahoro n’umutekano,ariko bisaba ko abarundi basubira mu biganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko rishigikiwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi,Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru amenyesha ko ata muntu ategerezwa kugira amakenga ku bijanye n’umutekano,kuko hari imirwi y’umutekano iyo nayo ikaba igiye gushigikirwa ,kuko batoreka igihugu ngo kigume kija mu bwicanyi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ABABIPFA NABABISHANGIYE JEWE NDINDIRIYE IKIZOVAMWO BOTWARANEZA BAKANDEKA BOBA BAKOZE IBINDI BARIMENY ANIRA OK MURABEHO NAKAJEGEZA

  • nibafashe uburundi ntiburwe mukaga kuko amashirahamwe menshi ari muburundi yama ashaka intwaro zamagaburanyama

  • Intabarirwa ibwirwa nukw’amaso atukuye!Nyamitwe wew ngira yaracanganikiwe pe!Dusabe Imana gusa iduhe kuramba tuzoba tubona ivyabo!!

  • Mugihugu Amahoro Niyose Kiretse Abasazi.

  • Yemwe kuganira vyarivyo.Ariko woganira n’uwuri kumeza nawe ataco uriko urafata?Nyamitwe koyavuze ngobazofasha imigwi y’umutekano,ntimwumvako imbonerakure zigiye gukora ku mugaragaro?

  • Umutekano Turawubona. Abo Bazungu Batang Ivyegeranyo Bitarivyo Kugira Bivugir Ayobo. Ntituzoguma Dutez Amashi Tuzokwigwanako.

  • nje numva leta yarakoze ivyo yagombaga gukora,nkuko Rwanda rudashobora kuganira n’abasize bakoze ihonyabwoko ninako Uburundi butagomba kuganira n’abari bagiye guhirika ubutegetsi ngaha bakongerako kwirigwa batera amagrenade mubanyagihugu nkuko bavyemanze kumatelevision mpuzamakungu.

  • amakungu nareka kuguma ashigikira ibitagiramvura, mbega amerika ko tutayihaye ngoyimbe ubutare bwimusongati nicogituma ashaka gucicanishamwo abarundi igishigikira abagwanya reta kandi atakuri bafise! sha!! amerika turababonye pe!!!!

  • Guhimiriza Ibiganiro Hari Bamwe Muguma Muhenda Mubaha Ibirwanisho Niwo Muti Twe Abarundi Turakwiye Kwikebuka Tukamenya Ko Igihugu Atari Ngombwa Ko Gitungwa Gusa Nimfashanyo Kk Abenegihugu Nibo Bubaka Igihugu Cabo.Apana Abazungu.

  • Ariko hariho abacibazako tukiri mukinyenjana ca 20 ndashaka kubabwirako turinukinyenjana ca 21 umvandababwire kuganira ntawuvyase kandintivyihmgeze bihagarara ariko kutubwirango tuganire numuntu nka Nyangoma yirirwa guhabwa umi gambi numuntu nka Kagame yateje Genucide mu Rwanda sivyunomusi, rekanibutse abarundi nabarundi namakungu Ko Nyangoma yarimunama mu Rwanda kwigenekerezo rya 27/08/15 yarikumwe nabasurikare bakomeye bu Rwanda hakabamubaribayirimwo na Niyombare yigeze gushakagutembagaza reta ya president Nkurunziza yarayirimwo. Bamwe murabobahimiriza reta yuburundi gukomeza ibiganiro nibobongera bagafasha abirirwa bica abarundi gukomeza bajamubihugu bajamubindi. Inkuru yukuri murivyushi Nyangoma yagaririye nabarinwiriyanama mu Rwanda nuko bamuremesheje bamubwirako we nabobarikumwe batogira ubwoba ngojuko ukwo Inkotanyi zaje kumugaragaro zizananye ibitwaro bikomeye zirimumamodoka yagisirikare yigibugu ca Bugade ariko tugiye kuzobibakorera namwe mugutera u Burundi ngurafise ibikoresho bikwiye bizobasbikana kubutegetsi ngwigikuru nukutishiramwongo hazohava hapfa abantubeshi, hariho umusirikare umwe wurwanda yaciyavugango turakwiye gutegekanya ikizakirwa igihe badusubiza inyuma , uyundumwe yavuzengo ntabwobishoboka , ahobashushe nabahaharira kuko harihuwavuzeko abasirukare buburundi mwikigihe bihagazeho, Niyombare yaciyavuga mumajambomakengo njewe abasirukare biburundi ndabazi ngonaba twirirwa turahanagara ngotuzotangurane urworugamba ntawomenya kobatari abarungutse na Nkurunziza twazofatinzira bakamanika amaboko hejuru ngwabarundi ivyobaherukakunkorera bizongora kwongera kubizera 100%

  • Abipfuza Ibiganiro Nibasubiz Amero Mw’isaho Amatora Yarahze Kuko Inzego Zitorewe N’abenegihugu

  • Abipfuza Ibiganiro Nibasubiz Amero Mw’isaho Amatora Yarahze Kuko Inzego Zitorewe N’abenegihugu

  • None Amakungu Asigaye Yemera Gusa Inzego Zitavuga Rumwe Na Leta Y’uburundi?Nibashir Aho Intah Ishize!

  • Ibiganiro vya politique bishingiye ku kuri no ku nyungu z’abenegihugu muri rusangi ata murwi w’ivyiyumviro ukumiriwe birakenewe.
    Icuka ca politique ntikizoba ciza ngo ni kubera uyu canke uriya yashizwe muri leta.Ivyo ni bimwe Museveni canke mbere na Mandela yadutuka avuga ati sinarinziko bwabundi murwanira amaronko!!,,
    Umwenegihugu abona kure arakeneyeko uburundi bwubakira kukwumvikana biciye munzira zizwi (hatarabwe ubwinshi bw’abantu bufatiye kumoko canke kuntara ku migambwe canke amadini).Nico Arusha yari yazanye.
    Politique uko imeze ubu bitanga isura yingene izoba imeze muri 2020.Nico gituma atakwikunda gukenewe ahubwo ari ugukora kugira tugumane abafasha twahora dufise-mu gihe bishoboka canke ataco twobihindurako c’akamaro.Hama tukanarondera n’abandi benshi muga turavye inyungu zacu za kure.

  • Kuvana isi ibaho ni iryambere canke ngira rizoba iryanyuma abanyaburayi, USA, bashikiye opposition gusa ariko bomenya ko tutazigera dushikira abo ba omosexuelles-bicanyi babo, kuki batigeze badushugikira aho twariko twicwa nk’ivyana vy’inyamanswa muri CONGO, mu Burundi aho abatwara ico gihe aribo bza kwisonga ngo baje guhabuza democratie yaje batayipfuza eka nubu turavye neza bashaka ko ifutwa ngo twame muri za mfata kibaza, mwitonde ntimuzotume vyose bioyangara mugasanga bicitse ubunywenywe. Geza gezahooooooooooooooo.

  • ewe mana !!Abo bavyeyi ntidufasha!nimutabar abacu bahez??

  • ABAFISE ICO BAVUGA KUVYEREKEYE UBURUNDI NIBAGENDE BUKEBUKE NTANZU IRIKO IRSHA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.