Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyifato mbi ya bamwe mu baporisi, mu rwete rwandikiwe umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inyifato mbi ya bamwe mu baporisi, mu rwete rwandikiwe umukuru (...)

Inyifato mbi ya bamwe mu baporisi, mu rwete rwandikiwe umukuru w’igihugu

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Inama nkuru y’abashingantahe mu Burundi, yandikiye umukuru w’igihugu, aho bamenyesha ko kuva uyu mwaka w’2014 utanguye hibonekeje bimwe bidasanzwe icuka kibi mu gisata ca poritike mu Burundi.

JPEG - 58.1 ko
Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu

Muri urwo rwandiko barungikiye Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, inama nkuru y’abashingantahe imenyesha ibiba aha na hariya mu gihugu c’Uburundi usanga bibabaje, aho mu gisata c’umutekano na poritike, rumwe mu rwaruka ruhurikiye mu migambwe rwitwara nk’abarwanyi, rukagendana ibirwanisho kugira rutere ubwoba abanyagihugu, ivyo bigakorwa n’urwo rwaruka, hari abarongoye intwaro n’umutekano mu turere dutandukanye. Ukwo kwigenza gutyo k’urwo rwaruka mu gihugu kigengwa n’amategeko, kukaba gushobora gukwegera igihugu mu ntambara hamwe ibintu bidakurikiraniwe hagufi.

Amb Barutazaro Habonimana umukuru w'inama nkuru y'Abashingantahe

Muri urwo rwandiko rwarungikiwe na bamwe mu bagize Reta y’Uburundi, abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka, abarongoye amashengero, abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi hamwe n’umuhuza w’abarundi, bibukije ivyabaye ku wa 8 Ntwarante, ku ngoro y’umugambwe MSD, aho bavuga ko ivyabaye bibabaje, ndetse binateye agahinda. Hamwe, inama nkuru y’abashingantahe iranegura cane inyifato y’abaporisi kuri uyo munsi barashe mu banyagihugu, ahandi kandi ikanegura inyifato yo gufata abaporisi b’igihugu, bakagirwa imbohe, nk’uko vyagizwe n’abanywanyi ba MSD.

Umwe mu ndongozi za MSD yarashwe ku wa 8 Ntwarante

Inama nkuru y’abashingantahe, ikaba itera ivyatsi ukurasa abanywanyi b’umugambwe MSD, aho bamwe barashwe mu maboko, abandi bakaraswa mu matako n’ahandi. Ivyashitse kuri uyo munsi, aho n’abariko barinonora imitsi bafashwe harimwo cane cane abari muri uyo mugambwe bikaba bitangaje nk’uko bivugwa n’inama nkru y’abashingantahe, mu gihe abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bo bagira ikarashishi mu mihingo itandukanye, atacamira. Ariko rero naho biri uko, urwo rwego rurashimira ubutungane ku ngingo bwafashe bwo kurekura abantu barenga 20, bari bafashwe atakibagira, bakaba barindiriye iyindi ngingo izofatwa na sentare yungururijwemwo urubanza rw’abasigaye bafashwe bagirwa kuba bari mw’ikarashishi co kimwe n’abafatiwe mu ngoro y’uwo mugambwe, aho hari abaciriwe umunyororo wo guherayo.

Tukabamenyesha ko inama nkuru y’abashingantahe mu Burundi yandikiye umukuru w’igihugu, mu gihe mu ntara zitandukanye havugwa abari muyindi migambwe nk’abari mu runani ADC Ikibiri, abari mu mugambwe UPRONA na FRODEBU Nyakuri bavuga ko bahohoterwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara zitandukanye z’igihugu, ariko aho vyari bimaze iminsi bikaze, akaba muri amwe mu makomine y’intara ya Kirundo, aho abitwa IBIPINGA (Abatavuga rumwe n’ubutegetsi) batoroherwa, bagakubagurwa izuba riva, ndetse na bamwe mu bategetsi bo muri iyo ntara bakanatungwa agatoke. Ivyo rero bikaba vyagiye kunyuka, aho abari muri iyo migambwe barwaniye n’Imbonerakure ndetse bamwe bakanakomereka cane.

Uwarashwe mu matako
JPEG - 3.8 Mo
Bamwe mu baporisi ku ngoro ya MSD

Aristide Nizigire

Messages

  • Ahahahaaa!!!mbe ndabibarize bashinganta mbe 1983 ntimwari bwatigwe ko abahungu banyu aribo birara muba hutu basasika,abandi nabo ntibari muri mwebwe.ahubwo hanura abo bahungu banyu nabo buzukuru,mubabwire ati ivyo twakoze ntibigishoka gukogwa.bashinganta mukuri mwe murazi kwigihugu catabaguritse muraho ahubwo namwe mukaja mubandi mugutabura reka abagabo baciyubakire mureke gushigikira abagomba gusubira kugisambura

  • Abo bashingantahe nabo nigitangaza karashizi ngani leta isenge abateza akajagari mugihugu? Mbe gabashingantahe? Iyo nama yakoranye kwankurunziza itigeze ikorana kuri Buyoyo kiragihe yarihe? Aho abantu baturirwa mumapine za zamusaga mutakura avenie de la mort nyakabiga nahandi kumukaza ntitwarwa bakuwe mwisoko na ba sans echec abashingantahe ko bataserutse ng’ abantu bareke gupfa, abarundi baraciyu bwenge irambire pierre ntibagutere ubwoba.ahubwa bateye akajagari nukubagirira neza nkubagiye abandi.

  • iyo mihimbiri yabasanzesheke kuva kuva aho banywereye amaraso ntibarayahaga?reka bas ha ndabahanure izo nguvu muriko mukoresha mukugumuka muzikoreshe mubikorwa vyiterambere!Hama sinduhije mwebwe ntawe muzi!! abamuzi nabanyakamenge.

  • Ewe solo na sisi muri soro nka nsolo nyene:mumbabarire mbabwire,mbe burya:Bugendana,campazi,Teza,nahandi nibande bahicishije simwebwe nabene wanyu?hishe abarundi sabanyamahanga abahutu cnke abatutsi barishe eka nabatwa bararoyemwo.gikuru relo ntitwoguma hahandi dutere imbere basha ntitugume mumabi.ahubwo umukuru wigihugu hamwe yobafise abahanuzi nkawe ntaho bwoba bugire buje.ndasaba abarundi bumutima bagenderukuri bimamatwi basesa nkuyoze.hageze ahotwubaka aho gusambura uburundi tuburage abacu butotahaye amahoro n’amasaka yamashirahamwe.akabi tugacirimoso.giramaho y’IMANA.

  • Urabona gayemwe ivyo bivagundu ngo nabashingantahe,mwebwe mwiyita abashingantahe nimwe mwatumye igihugu kwigwa mwisanganya!!.ahubwo ntimunamaramara,uyo muba abandi ntimuba mukurako numunwa,mwebwe nyene muri mubatumaze,none ngo murinivyo muri kuvuga.tekereza murongogwe mubandi banyagihugu,mureke gushaka gusamaza abarundi.

  • Igihecose abobashingantahe batazotwereka icete banditse kivugako biyamirije ubwicanyi bwakorewe abarundi canecane abomubwoko bwabahutu muntaro zaheze nkomugihe ca Micombero,Bagaza na Buyoya ivyobavugavyose nzokwamandabifata nkumuringa uvuga ugasama, Ikindimbonabakwiyegukora niki, barakwiyekwicara bagategura urwete rwanditsemwo kobababajwe nukomuntwaro zahitiye zishe abarundi canecane biganjemwo abomubwoko bwabahutu ariko hakaba atanakimwe twabivuzeko ngotuvyiyamirize, Ivyonibabikora ntanubwo bazorinda kwivugako arabashingantahe twese abatundi tuzovugira icarimwe tuti: murabashingantahe vyukuri kandi abantubose bazozabarumva mwakoranye mukavugijambo bazovugabati ibintuvyakomeye ngokuko abashingantahe bavuze ijambo. Nimutabikorarero abarundibataribake bazoguma bibazako mugira icomuvuze iyomuburundi harubutegetysi mudashaka, ariko kubutegetsi mushaka mukinumira ngontimuhavemwikora munda. Ndabasavye mugerageze mwiyambike umutamano muciye mwizonzira nababwiye. Jewenavutse mumwaka wi 1961 umu papa amvyara yarumuhutu yifise mamanawe yaru mututsi papawanjerero yafuye yishwe mumyaka yaza 72 kandi icogihenarimfise nkimyaka 11-12 uwomu papa rero wanje nubwontibuka ngoharikumusi uyunuyu arikonakomeje kwibuka ikibanza canyuma ndamuherukiramwo kumubona hari iwabowa mawe wanje munyuma mbona haraje abantu bambaye neza ngereranije nukuntu abantu icogihe bakundakwambara nokwibazako boba bariri abasoda canke aba polisi kukonabona harimwo abantubambaye impuzuzisa nabandibamaye impuzu zitandukanye ubworero bagiye sinigeze nishiramwo kobamutwaye kumushira mukibaza caherayo nagirango agiye kurondera ibintuvyokudandaza nkukovyaribisanzwe. Ikindinibuka nuko umumama wanje ndamubajije ati papa azozaryari ntiyanyishura yacarira muyundimwanya nkabona ararize ntanumwe amuvugishije, umu papa wanje yarankunda cane yarakundakungurira impuzu zamakanzo ariko sinaribwabone yanguriye ikabutura nariniga mwishure rya 5 mumashure matomato. Ikindi jewe kwishure ibivya ntabana barwana bafako bamwe arabatutsi abandi ngwarabahutu ahonagiyegutangura kumenya ivyamoko nigihe narigeze mumashure makuru abatutsi nibowasanga aribeshi cane abahutu nabo wasanga arijewe arikonajewe undevye ndinkumututsi yibereye ngaho mugihecibiruhuko abiwabo wa papa bazabarambwirako kwiye kuzandirinda kuvuga ko ndumuhutu ngokugiranzorambe babayariyararize yarihoreye nawe yacabunganira avugati; nutabigenza nkuko babikubwiye uzotwarwa iyosowawe yagiye, umwanyumwe nibaza ngobantwayeyo ngovyobarivyiza ngonkibonera papa ariko hariho abantubishwe nyuma yapapa vyaratumye nishiramwoko napapa yishwe bicabituma nirindacane nokuzandavugako papa yazimanganye kuko icogihe umwiyabandibako umupapa wawe yazimiye bacabamenyako abakunzekuzimira arabarundi bomubwoko bwabahutu. Gusa ikindi iyonumvise abantubavuga ko sewumwana amenywa nanyina nkacandeba ukuntunsa ncandavyemera. Arikorero nubwobirukwo ndakunda abarundi nuburundi, kandijewe ndinjana nabaja wihenze ukavuga ibitanezereza urumuhutu ndagusambura canke nkavamubintu twariduhuriyeko yabumututsi nikwokwuko, Rekandabahe akarorero jewemumyaka yaheze narumu PRONA munyuma nzakuba umu FODEBU uburero ngezemuri CNDD yanyakwubahwa Nyangoma ariko ukondabibona buraca muransanga ngezahandi nzobabwira. ndarangijemvuga nti: Badasigana kontarumva ahomwavuze mugihe cizimangana rya papa?! Yombabashingantahe batanguye kubaho inyuma yikurwa rya Busokoza uwahoze aricegera cambere cumukuruwigihugu cuburundi? ahonorema. Nivyonzobibandanya buryatwebwetwakuze twiyita abatutsi kanditurabahutu twamenye kanditwabonyevyishi kandivyishi twarabibwiye abataribake burya abahutu bazivyishi.

  • MWESE MUVUGA IBITUTSI MURIKO MUKOKEZA INTAMBARA JEWE MBONA KO ABO BAVUZE IVYO BARI MUKURI NIMBA MUVUGA MUTI UMUTUTSI CANKE UMUHUTU YARICA NTIHAGIRE UVUGA NIKI CATUMYE ABAHUTU MUTAVUGA? SUBIZA UMUTIMA MPEMBERO MWIBUKE : 1 KIMERA 2 KIDEREGE 3 MTABIRA 4 RUKORE 5 NDUTA 5 KANEMBWA 6. MUTENDERI 7. BUBANZA 8 CIBITOKE 9. UVIRA KURI DISPENSAIRE DU PEUPLE MURONGWE EKA MBERE NA ZA RUNINGO, KAJEMBO, KAGUNGA, KANGANIRO, EKA NAHANDI HENSHI MBE DATA AHO NAVUZE MUMAKAMBI ABAGANDAGURIWEYO BAGANDAGUWE NA BATUTSI? DOCTOR BATUNGWANAYO IMUTABIRA YISHWE NANDE? FINZO INDUTA? EKA NABANDI BENSHI ABAHUTU TUTISUBIYEKO TURAGOWE PE

  • uMS .mama iyo bible wanditse gerageza uzoyigishe aba DD ereke twebwe ntuzodushobora? Sanze kabisa uri iki gugu 12ans ntiwaruzi gitadukanya aba soda na ba civile?ubugugu bwawe subwonomusi ubu jewe kabisa.ndakubabariye

  • @ Nwari, rindiranda ndacafisevyishi vyokuvuga ngombakuzokwereka umujujubwanje ahobubereye bubi kand’Imana ikomeze kuguhezagira kuronka akanyakogusoma ivyonanditse uzoteba uvamwo umuntu muzima.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.