IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyigisho zo guteza imbere ibimenyeshamakuru

Inyigisho zo guteza imbere ibimenyeshamakuru

vendredi 18 Nzero 2013

Mumyaka itatu iheze abamenyeshamakuru bashika 300 barakarihirijwe ubwenge
Ikigo co gukarihiriza ubwenge ibimenyeshamakuru kiriho kuva mumwaka w ‘2009 kikaba kimaze gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru bashika 300 bari kukazi. Ingorane nuko abarongoye ibimenyeshamakuru batemera izo nyigisho.

Imwe muntumbero za CFM n’uguteza imbere ubumenyi bw’abamenyeshamakuru hamwe n’abahinga b’abarundi muntumbero yo gutanga amakuru akwiye, igihe cose abanyagihugu bakeneye. Iyindi ntumbero ya CFM n’uguha inguvu ikigo co kumenyesha amakuru mu burundi kugira ishobore gukarihiriza ubwenge abakozi b’ibimenyeshamakuru muri kazoza.

Ico kigo cashizweho mumwaka w’2009. Mu w’2010 abashika 176 barakarihirijwe ubwenge kandi bose barahawe impapuro z’umutsindo. mu w’2011 ku bigishijwe bashika 127, abashika 100 bonyene nibo baronse impapuro z’umutsindo . ivyo bisigura ko abashika 302 bakarihirijwe ubwenge nkuko bivurwa na Gabriel Ninkunda umuyobozi w’ico kigo. Kuva mu w’2012 CFM yashizeho umurongo wa internet witwa

« cfmburundi.wordprss.com » uriko amakuru yose yerekeye ico kigo vyongeye ibikorwa vyose n’abamenyeshamakuru biri mugitabu kimwe bivanye n’ikimenyeshamakuru kuvyerekeye inkuru zanditse, CFM yashize inkuru zose mukinyamakuru yise « Reveil »

Birakwiye ko abarongoye ibimenyeshamakuru bemera izo nyigisho

Kuvyerekeye abarongozi bamwe bamwe b’ibimenyeshamakuru bataremera CFM Nikundana avuga ko bari bakwiye kuyemera bafatiye kubo imaze gukarihiriza ubwenge, kugira kibishikeko ico kigo kiriko kirakora ibishoboka vyose kugirango cemerwe mubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kuko ishure ryo kumenyesha amakuru ataririho mu Burundi ,abamenyeshamakuru bakarihirijwe ubwenge bakaba bafise impapuro z’umutsindo za kaminuza .

Nikundana yamenyesheje ko ico kigo kitazogarukira aho ariko ko kizosaba ko cemererwa mu bushikiranganji bwo kumenyesa amakuru.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.