Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’aho isoko nkuru ihiriye ingaruka ziribonekeza mw’isoko yo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inyuma y’aho isoko nkuru ihiriye ingaruka ziribonekeza mw’isoko yo mu (...)

Inyuma y’aho isoko nkuru ihiriye ingaruka ziribonekeza mw’isoko yo mu Kinindo

mardi 29 Nzero 2013

Inyuma y’aho umuriro wadukiye mw’isoko nkuru ya Bujumbura kuri uyu w’Imana mw’isoko ya Kinindo abantu baza gusuma nkuko vyari bisanzwe bisanzwe.

Hari abadandaza bo mu Kinindo bamwe bamwe badugije ibiciro ku bitunguru bimwe bita ivyo amateke hamwe n’ibitunguru vy’amababi. Bisigura bavuga ko bahora bakura ibidandazwa vy’abo mw’isoko nkuru ya Bujumbura aho naho bakaba batagishikayo,barongera bakavuga ko bahora bafata umiduga ku mafaranga 600 y’amarundi kugira baje bongere bave mu gisagara batwara ibidandazwa vyabo mw’isoko ya Kinindo.

Ariko ubu,kuko batakironka ingene bajayo,baca bafata ama pikipiki kugira baje kurangura mw’isoko yo m’u Buyenzi aho benshi bita kwa Siyoni.Bamenyesha ko abadandaza benshi bari bavuganye ko ariho bazohurira kugira baje kurangurirayo.

Ngo naho nyene ibiciro vyaraduze, ikiro c’ibitunguru c’ahora ku mafaranga 1000 ubu gisigaye kigurwa amafranga 1500, ibitunguru vy’amababi vyahora bigurwa 500 ubu bisigaye bigurwa 800. Aho rero bafise n’ubwoba bwo guhomba kuko abantu bataza gusuma benshi.

JPEG - 71.4 ko

Iduga ry’ibiciro biribonekeza no mu bindi bifungurwa nk’umuceri n’ibiharage. Abadandaza nabo birabatangaza cane kubona ibiciro vyaciye biduga atan’iminsi ihaciye isoko nkuru ya Bujumbura ihiye.

Agafuko k’umuceri w’umutanzaniya k’ibiro 25 wahora ugurwa amafranga 48 000fbu ubu ugurwa 52 000fbu, n’abari bagifise ububiko bw’imiceri bahisemwo kuba barawunyegeje kugira barabe ko mu minsi iri imbere bobigurishe amafaranga menshi vyaduze ibiciro. Abadandaza ibiharage nabo nyene bavuga ko bataranguye kuko bahora babikura mw’isoko nkuru ya Bujumbura.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.