Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi na Mkombozine nabo nyene ivy’urukundo babivuyemwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mkombozi na Mkombozine nabo nyene ivy’urukundo babivuyemwo

Mkombozi na Mkombozine nabo nyene ivy’urukundo babivuyemwo

jeudi 5 Nyakanga 2013

Muri iyi minsi, abaririmvyi bo mu Burundi bariko bagenda bagirana ibibazo n’abakunzi babo. Mu minsi mikeyi iheze, icavugwaga kwari uguhebana kwa R-Flow yari asigaye yitwa King Chanelle, n’uwahoze ari umukunzi wiwe Chanelle yari asigaye yitwa Queen Flow. Ubu rero, abagezweko ni Mkombozi na Shalfa azwi nka Mkomozine. Bompi bamenyesha ko ivy’urukundo rwabo babivuyemwo.

JPEG - 8.6 ko
R-Flow na Chanelle bagikundana

Mkombozi aganira na IGIHE yishuye ati : "Muvy’ukuri jewe ubu ivy’urukundo ntavyo ndimwo, ahubwo umukunzi wanje muri iyi minsi ni umuziki. N’aho abavuga ko Shalfa twoba tugikundana, nibabireke kuko vyaraheze. Ubu ndamufata nk’abandi bose.

JPEG - 54.2 ko
"Muvy’ukuri jewe ubu ivy’urukundo ntavyo ndimwo, ahubwo umukunzi wanje muri iyi minsi ni umuziki.

Yabandanije avuga ko ico azwiko ari umuziki, nayo urukundo rwo arufise ku banyagihugu bose, mbere n’abandi bose bumva indirimbo ziwe, ati : "Ndarambiwe no kuja mfata umwanya nsobanura ibikorwa vy’urukundo hako nowufata nsigura ibikorwa vy’umuziki wanje."

N’aho Shalfa we avuga ko bimenyerewe kuvuga ko Mkombozi ariwe yamuhevye, ariko noneho yagize ati : "Maze kubona no kubwirwa kenshi ko Mkombozi amvanga cane, mbere no mu minsi yahera namufatiye mu nzu y’uburaro nkeka ko yari kumwe n’abandi bakobwa canke yari abarindiriye. Gusa umufana umwe w’uwo muririmvyi yatubariye ko Mkombozi yariko yandika indirimbo yiwe nshasha."

JPEG - 36.9 ko
"Maze kubona no kubwirwa kenshi ko Mkombozi amvanga cane

Shalfa rero, inyuma yo kwumva no kubona ko Mkombozi amubesha, yaciye afata intumbero yo kurekana nawe. Birumvikana rero ko abo bompi bariko barahakana ivy’urukundo rwabo, kandi bakaba babihurijeko ko barekanye burundu.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.